Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarwizatunga bo mu gihugu c’ubushinwa ngo bagiye kuzana imitahe mu Burundi

reverioUwuserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi mushasha, Li Changlin amenyesha ko abarwizatunga bo mu ngihugu c’Ubushinwa bagiye kuzana imitahe yabo mu Burundi.Ivyo akaba yabivuze ,inyuma y’ umubonano yari ahejeje guhabwa n’umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Révérien  Ndikuriyo kw’igenkerezo rya 26 Nyakanga 2017.Uwuserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi mushasha, Li Changlin amenyesha ko abarwizatunga bo mu ngihugu c’Ubushinwa bagiye kuzana imitahe yabo mu Burundi.Ivyo akaba yabivuze ,inyuma y’ umubonano yari ahejeje guhabwa n’umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Révérien  Ndikuriyo kw’igenkerezo rya 26 Nyakanga 2017.Umuvugizi w’Inama Nkenguzamateka, Gabby Bugaga nawe akaba yaramenyesheje ko muri uwo mubonano, Umukuru w’Inama Nkenguzamateka n’uwugiye guserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi bavuganye ibijanye no gutsimbataza imigenderanire myiza isanzwe hagati y’igihugu c’Ubushinwa n’Uburundi, mbere bakaba bashimikiye ku gisata c’ubudandaji mu ntumbero yo guhimiriza abarwizatunga bo mu gihugu c’ubushinwa kuzana imitahe hano mu Burundi.Ivyo ngo bikaba ari ivyavuye mu rugendo umukuru w’Inama Nkenguzamateka , Révérien  Ndikuriyo yari yagize mu gihugu c’Ubushinwa mu minsi iheze aho yari yagiranye ibiganiro n’abarwizatunga bo mu gihugu c’Ubushinwa bakorera mu bisata bitandukanye. Twobamenyesha ko inyuma y’uwo mubanano, uwo agiye guserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi, Li Changlin yashize umukono  mu gitabu c’iteka co mu Nama Nkenguzamateka. Umukuru w’Inama  Nkenguzamateka , Révérien  Ndikuriyo akaba yarahaye akaganuke ambasaderi  Li Changlin.   

  Anitha Bizimana (Uwimenyereza)                      

Ouvrir