Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubushinwa ngo ikomeza itera imbere

 

DSC 0236Ambasaderi w’Ubushinwa mu Burundi Li Changlin amenyesha ko yaje guserukira igihugu ciwe mu Burundi mu gihe imigenderanire n’ugufashanya hagati y’Ubushinwa n’Uburundi bisanzwe vyifashe neza mbere ikomeza itera imbere. Ivyo yabimenyesheje ku wa 28 nyakanga 2017 mu gihe Ubushinwa n’abashinwa bari mu Burundi bahimbaza imyaka 68 Republika y’Ubushinwa ishingiye ku ntwaro ya gikomunista ibayeho. Ambasaderi w’Ubushinwa mu Burundi Li Changlin amenyesha ko yaje guserukira igihugu ciwe mu Burundi mu gihe imigenderanire n’ugufashanya hagati y’Ubushinwa n’Uburundi bisanzwe vyifashe neza mbere ikomeza itera imbere. Ivyo yabimenyesheje ku wa 28 nyakanga 2017 mu gihe Ubushinwa n’abashinwa bari mu Burundi bahimbaza imyaka 68 Republika y’Ubushinwa ishingiye ku ntwaro ya gikomunista ibayeho.

 Ngo iyo migenderanire myiza ikaba yagaragajwe n’urugendo rw’icegera c’Umukuru w’igihugu c’Ubushinwa mu Burundi muri Rusama 2017. Mu nyuma umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu Alain Nyamitwe ngo yaragendeye igihugu c’Ubushinwa muri Ntwarante uwu mwaka w’2017 mbere n’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Révérien Ndikuriyo akaba aherutse kugendera Ubushinwa. Bisubiye ngo uwu mwaka Ubushinwa buzoha imfashanyo Uburundi y’imiriyoni 200 z’amahera y’Ubushinwa azokora mu migambi ibiri. Iyo nayo ngo izofasha kwubaka urugomero rw’umuyagankuba ku ruzi Ruzibazi hamwe n’ikigo c’uburimyi kigiye gutangura hamwe n’ingoro y’Umukuru w’igihugu igiye kurangira kwubakwa. Ubushinwa kandi ngo buzobandanya buduza igitigiri c’abanyeshure baja kwiga mu Bushinwa hamwe n’abaja gukarisha ubwenge mu gihe gito. Ngo bugiye no kurwiza imigambi yo gufashanya mu bijanye n’imico kama mbere hakaba himirije kuza mu Burundi umurwi w’abahinga b’abashinwa mu vy’imico kama. Yaboneyeho akaryo ko gusaba abarundi kuzoja kuratira ijisho ukugene uwo murwi uzoba uvuye i Mongolie uzoba uriko urerekana ubuhinga mu kigo ca kaminuza c’i Kiriri ku wa 10 Gitugutu 2017 isaha cumi n’imwe z’umugoroba no ku wa 11 Gitugutu 2017 nyene isaha icenda z’umuhingamo.  Yamenyesheje kandi ko kurwiza umwimbu bituma igihugu gitekana kandi gitera imbere. Yaboneyeho akaryo ko kumenyesha ko Ubushinwa buzosubira kuronsa Reta y’Uburundi imfashanyo y’umuceri wo kugarukira ku bahuye n’inzara, bakazotanga amatoni 5.000 y’umuceri nk’ayo batanze mu mwaka uheze w’2016.   Naho biri uko ngo hari umugani w’ubushinwa uvuga ko aho guha ifi umuntu womwigisha kuyirobera. Ngo ni muri iyo ntumbero abahinga b’abashinwa bariko barafasha Uburundi kurwiza na gatatu umwimbu w’umuceri.

Ngo ni muri iyo ntumbero umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi arongoye intumwa za ba buramatari n’abasitanteri bagiye kurahura ubwenge mu Bushinwa. Aho ngo ni ukugira Uburundi ntibusubire kugurira umuceri mu bindi bihugu. Yarongeye amenyesha ko muri kino gihe Ubushinwa ari igihugu giteye imbere kandi gifasha ibindi bihugu kugarukana amahoro no kwiteza imbere. Bisubiye ngo inama nkuru y’umugambwe igira 19 igiye kuba mu minsi iri imbere. Yamenyesheje ko Uburundi buzotsinda ingorane bwaciyemwo ku buryo kazoza kagiye kuba keza mu gutsimbataza amahoro no guteza imbere ubutunzi. Ubushinwa nabwo nk’igihugu kigenzi c’Uburundi ngo buzobandanya bufasha Uburundi. Ahiwe ngo uwo aserukira igihugu c’Ubushinwa azokorana n’abarundi mu gutsimbataza iterambere n’ubucuti hagati y’ivyo bihugu. Umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’imigenderanire no gufashanya n’ayandi makungu Jean de Dieu Ndikumana nawe yaramenyesheje ko uwo aserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi   asanzwe amenyereye Uburundi kuko yigeze kuba mu Burundi kuva mu mwaka w’2007 gushika mu mwaka w’2010. Uburundi ngo burashima imigenderanire no gufashanya biri hagati y’ivyo bihugu.

 Epitace Nduwayo

Ouvrir