Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu gihe c’irima ry’agatasi ngo imvura ishobora kuzoba nke mu bice bitandukanye vy’Uburundi

 

DSC 0003Abarimyi ngo bashobora gusohora imbuto kugira bateragire mu ntango z’ukwezi kwa Gitugutu. Kuva mu kwezi kwa Gitugutu gushika muri Kigarama, bisunze uko ibirere bizoba bimeze, ngo imvura izogwa ishobora kuba nke cane cane mu bice vyo mu gihugu hagati no mu buseruko, mu burengero ishobora kuzoba nkeya. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi ajejwe imvura n’imiyaga, Aloys Rurantije, ku wa 21 Nyakanga 2017, mu nama yatunganijwe n’ubuyobozi bukuru bw’ikigo kijejwe, ibirere, imvura n’imiyaga (IGEBU), mu ntumbero yo kumenyesha abarimyi-borozi uko imvura izoba yifashe mu gihe c’irima ry’agatasi. Abarimyi ngo bashobora gusohora imbuto kugira bateragire mu ntango z’ukwezi kwa Gitugutu. Kuva mu kwezi kwa Gitugutu gushika muri Kigarama, bisunze uko ibirere bizoba bimeze, ngo imvura izogwa ishobora kuba nke cane cane mu bice vyo mu gihugu hagati no mu buseruko, mu burengero ishobora kuzoba nkeya. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi ajejwe imvura n’imiyaga, Aloys Rurantije, ku wa 21 Nyakanga 2017, mu nama yatunganijwe n’ubuyobozi bukuru bw’ikigo kijejwe, ibirere, imvura n’imiyaga (IGEBU), mu ntumbero yo kumenyesha abarimyi-borozi uko imvura izoba yifashe mu gihe c’irima ry’agatasi.

 Nk’uko umuyobozi ajejwe imvura n’imiyaga mu kigo IGEBU, Aloys Rurantije yabandanije abishikiriza, ngo mu bice vyo mu gihugu no mu buseruko, imvura ngo irahari ariko ikaba nke, mu burengero naho ishobora kuba nkeya. Iyo nama rero ngo yatunganijwe kugira bashikirize abarimyi-borozi uko imvura izokwigenza mu gihe c’irima ry’agatasi kugira bashobore kumenya igihe bashobora gusohora imbuto ngo bateragire. Igihe imvura ishobora gushika hasi kugira abarimyi basohore imbuto ngo ni mu ntango z’ukwezi kwa Gitugutu. Ariko ngo mu bice vya Kumoso n’Imbo, ngo imvura ishobora gutangura kugwa neza itevye gatoya. Abarimyi ngo boba barategura indimiro zabo na cane cane bakaja baregera abayobozi b’uburimyi n’ubworozi mu ntara kugira baze barababwira inyifato bagira. Iyo nama itegekanya uko ibirere bizoba bimeze, ngo ahanini igenewe abajejwe uburimyi n’ubworozi kugira nabo bashobore gutanga inkuru y’imvaho ku barimyi-borozi. Ivyo rero ngo birafasha abarimyi kugira bamenye imbuto bateragira baravye urugero imvura izogwako n’igihe izogwirako.  Mu gihe c’agatasi rero, ngo ibiza bishobora kuzoba bike kubera ko bimwe bita El Nino vyabaye mu mwaka w’2016, ubu rero ngo ni igihushane c’ivyo kubera ni La Nina, ariko ngo ntikiraba neza. Ubu rero ngo baracariko barabikurikirana bisigura ko imvura ko ishobora kugwa ku rugero rutoya ugereranije n’iyahora igwa mu gihe c’agatasi. Kubona rero bashikirije ayo makuru ategekanya uko ibirere bizoba vyifashe, vyatumwe n’uko ayo makuru atangwa babanje gukorana n’ibihugu bigize akarere, uko ibihe bizoba vyifashe mu karere, gutyo bagaheza bagategura uko ibihe bizogenda aha iwacu. Iyo nama yo mu karere yabereye mw’izinga rya Zanzibar, mu gihugu ca Tanzaniya.     

 Déo Misigaro                                                                                                          

Ouvrir