Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibihingurirwa mu Burundi ngo bitegerezwa kwisunga amategeko y’amasoko yo mu karere na mpuzamakungu

 

DSC 0009koAbarwizatunga bafise amahinguriro basabwa kurwiza umwimbu w’ibihingurirwa mu Burundi na cane cane bakabikora bisunze amategeko agenga amasoko yo mu karere na mpuzamakungu. Eka ngo nta nkeka ko ibihinguriwe mu Burundi bishobora guhiganwa n’ibindi vyo mu bindi bihugu, ivyo navyo ngo vyotuma Uburundi bugurira hanze ibidandazwa bike ndetse bikanashora hanze ibidandazwa vyinshi, gutyo amafaranga y’agaciro yo kugura ivyo bidandazwa yoheza akagabanuka.  Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi w’ikigo kijejwe kworohereza abazana imitahe mu Burundi API, Didace Ngendakumana, ku wa 27 Nyakanga 2017, mu nama yari igenewe abarwizatunga bafise amahinguriro 40 ashobora gufasha gushorera ibihingurirwa mu Burundi ku masoko yo mu karere no ku masoko mpuzamakungu.Abarwizatunga bafise amahinguriro basabwa kurwiza umwimbu w’ibihingurirwa mu Burundi na cane cane bakabikora bisunze amategeko agenga amasoko yo mu karere na mpuzamakungu. Eka ngo nta nkeka ko ibihinguriwe mu Burundi bishobora guhiganwa n’ibindi vyo mu bindi bihugu, ivyo navyo ngo vyotuma Uburundi bugurira hanze ibidandazwa bike ndetse bikanashora hanze ibidandazwa vyinshi, gutyo amafaranga y’agaciro yo kugura ivyo bidandazwa yoheza akagabanuka.  Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi w’ikigo kijejwe kworohereza abazana imitahe mu Burundi API, Didace Ngendakumana, ku wa 27 Nyakanga 2017, mu nama yari igenewe abarwizatunga bafise amahinguriro 40 ashobora gufasha gushorera ibihingurirwa mu Burundi ku masoko yo mu karere no ku masoko mpuzamakungu.Nk’uko Umuyobozi w’ikigo API, Didace Ngendakumana yabandanije abishikiriza, ngo ibihingurirwa mu Burundi birashobora guhiganwa n’ibindi bidandazwa bihungurirwa mu karere Uburundi burimwo. Ivyo bihingurirwa mu Burundi ngo vyokorwa vyisunze amategeko y’amasoko yo mu karere na mpuzamakungu, ivyo ngo vyofasha kugira amafaranga y’agaciro yiyongere mu kigega ca Reta. Mu mwaka w’2007, ngo ibidandazwa Uburundi bugura hanze n’ivyo bushora ku masoko mpuzamakungu ngo vyatumye ikigega ca Reta  gitakaza imiriyoni 366 z’amadorari y’abanyamerika. Mu mwaka w’2015,  urugero rw’ibidandazwa Uburundi bukura hanze n’ivyo bushora hanze hari ubusumbane bw’imiriyoni 730 z’amadorari y’abanyamerika. Ariko ngo hagati y’umwaka w’1960 n’umwaka w’2005, ngo Uburundi bwarashoye hanze ibisumba ivyo bwaguze hanze mu kiringo c’imyaka ibiri.

Iyo myaka nayo ni umwaka w’1964, aho ibishorwa hanze vyasumba ivyaguzwe hanze ku rugero rw’imiriyoni 5 z’amadorari y’abanyamerika hamwe n’umwaka w’1977, aho urwo rugero rwari hafi y’imiriyoni 2 z’amadorari y’abanyamerika.Ingorane zituma tugurira hanze vyinshi gusumba ivyo dushorera hanze ngo ahanini zitumwa na kahise k’igihugu. Ariko rero ngo kubona muri iyo myaka ibiri Uburundi bwarashoboye gushorera hanze ibisumba ivyo bwaguze, n’ubu ngo birashoboka. Igikenewe ngo n’uko inzego zitandukanye zoja hamwe kugira baduze umwimbu. Ubu rero ngo nta nkeka ko amahinguriro yo mu Burundi ashobora kurwiza ivyo ashorera ku masoko yo mu karere no ku masoko mpuzamakungu kubera ko ikibazo c’umuyagankuba bari bafise kiriko kiratorerwa umuti. Abarwizatunga rero basabwa kuja ku kivi barwize umwimbu w’ibihingurirwa mu Burundi  kugira bungukire kuri ayo masoko Uburundi burimwo, ayo nayo mw’ishirahamwe ryo muri Afrika y’ubuseruko, ishirahamwe ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko n’ubumanuko SADEC hamwe n’iryo muri CEEAC.  Ku kibazo co kumenya uko bazorwiza umwimbu no mu gisata c’uburimyi usa n’uwudakwiye, Didace Ngendakumana yamenyesheje ko kurwiza umwimbu mu gisata c’uburimyi bifata umwanya mutoya. Ariko ngo ivyo ni nkenerwa kubera ko n’ayo mahinguriro niho azoheza akaronka ivyankenerwa akoresha mu guhingura ivyo ashorera muri ayo masoko. Umwimbu mu gisata c’uburimyi ngo uzokwiyongera kubera ko hari abarwizatunga bariko barashira imitahe muri ico gisata. Ku rwaruka, ango Reta y’Uburundi yamenyesheje ko hagiye kuboneka ibanki izohora ironsa ingurane urwaruka kugira narwo rubicishije mu makoperative rushobore kwitunganiriza imigambi yo kwiteza imbere. 

Déo Misigaro                                                                                                 

Ouvrir