Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Reta y’Uburundi ntishobora kwemera amaraporo y’ibinyoma ngo ni uko ashikirijwe n’abahinga ba ONU

 

Kw’igenekerezo rya 29 Nyakanga 2017, abavugizi b’inzego z’igihugu bari baramutse bishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru n’abanyagihugu bakoresheje amaterefone, bakaba uwo munsi bari ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi.Barishuye rero ku bibazo bitandukanye bishimikiye cane cane ku bisata vy’intwaro na poritike, umutekano, ubutunzi , imibano, indero, imiganderanire, amagara y’abantu n’ibindi.Ariko ikibazo bagarutseko kijanye n’ibihe kikaba ari ikijanye n’icegeranyo giherutse gushikirizwa n’umurwi w’abahinga  ba ONU bajejwe ivy’agateka ka zina muntu mu nama iherutse kubera i Genève mu gihugu c’Ubuswise, Reta ikaba yaraciyamirije ngo kuko kidatandukanye n’ayandi maraporo y’ibinyoma yama ariko arakorwa ku nguvu z’ishirahamwe ry’abanyaburaya rirondera ko Uburundi bugwa mu kaga nk’uko umuvugizi w’Umukuru w’igihugu , Claude Karerwa n’umuvugizi wa Reta Philippe Nzobonariba, babivuze muri ico kiganiro.Ngo Reta ikaba ishimira cane ibihugu vya Afrika n’ibindi bidahengeshanya gushigikira Uburundi mu kwiyamiriza ako kadodoberezo gushika no mu nama y’Ishirahamwe Mpuzamakungu (ONU).

Kw’igenekerezo rya 29 Nyakanga 2017, abavugizi b’inzego z’igihugu bari baramutse bishura ku bibazo vy’abamenyeshamakuru n’abanyagihugu bakoresheje amaterefone, bakaba uwo munsi bari ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi.Barishuye rero ku bibazo bitandukanye bishimikiye cane cane ku bisata vy’intwaro na poritike, umutekano, ubutunzi , imibano, indero, imiganderanire, amagara y’abantu n’ibindi.Ariko ikibazo bagarutseko kijanye n’ibihe kikaba ari ikijanye n’icegeranyo giherutse gushikirizwa n’umurwi w’abahinga  ba ONU bajejwe ivy’agateka ka zina muntu mu nama iherutse kubera i Genève mu gihugu c’Ubuswise, Reta ikaba yaraciyamirije ngo kuko kidatandukanye n’ayandi maraporo y’ibinyoma yama ariko arakorwa ku nguvu z’ishirahamwe ry’abanyaburaya rirondera ko Uburundi bugwa mu kaga nk’uko umuvugizi w’Umukuru w’igihugu , Claude Karerwa n’umuvugizi wa Reta Philippe Nzobonariba, babivuze muri ico kiganiro.Ngo Reta ikaba ishimira cane ibihugu vya Afrika n’ibindi bidahengeshanya gushigikira Uburundi mu kwiyamiriza ako kadodoberezo gushika no mu nama y’Ishirahamwe Mpuzamakungu (ONU). Hagati aho,umuvigizi w’Umukuru w’igihugu, Claude Karerwa yarashikirije abarundi ubutumwa  Prezida NKURUNZIZA  yabashikirije aho ashimira abarundi bose bitanga ijoro n’umurango kugira Uburundi burangwemwo iteka n’itekane, ahereye ku bajejwe umutekano, ubutungane, abajejwe intwaro n’abenegihugu.Ngo Umukuru w’igihugu akaba asaba abarundi  kudasesagura umwimbu. Abasaba kandi gutunganya muri iki gihe uturima duto duto iruhande y’ingo zabo.Indongozi nazo azisaba gukurikiranira hafi isekeza rijanye no kwijukira utwo turima narirya abazoryitaba kurusha abandi bazoronswa ubushirukabute.Prezida NKURUNZIZA asaba  abenegihugu bose gukingira ibidukikije cane cane mu kwirinda « imiriro ya Nyakanga » .Asaba abanyeshure mbere n’urwaruka muri rusanagi kwitaba ibikorwa  vy’iterambere, bateramire umutekano. Abavyeyi n’abarezi abasaba kutadebukirwa kw’ibanga ryo kurerera Uburundi no guhimiriza urwaruka kwitaba ibikorwa vyarutegekanirijwe hamwe n’inyigisho  zo gukunda igihugu, kudatwarwa n’ingeso y’ubuhumbu n’imigenzo y’imburakimazi.Amenyesha abarundi ko ivyo basavye mu biganiro vyabahuje birongowe n’umurwi CNDI bizoronka inyishu ishimishije.Sebarundi abasaba abenegihugu kwitaba ibikowra vyo kumenya ukuri no kurekuriranira no gukurikirana inyigisho zo gukunda igihugu, hamwe na rya sekeza ryo kwigisha abarundi inyifato ibereye.

Nayo abarondera gushikiriza ivyiyumviro ubu babicishije mu murwi CNDI ngo nta kibanza  bigifise mbere ngo nta n’uwohirahira ngo acutse agatima ko kuvuguruza abarundi.Arongera agasaba abarundi kwitaba  guterera umurwi wo kuvuga ukuri no kurekuriranira CVR kugira uze ushikane Uburundi ku mahoro arama babanje kumenya  amabi yagiye arashikira Uburundi.Prezida NKURUNZIZA asaba abarundi kutajana nyabahururu, birinde insaku n’ibihuha na sesankuyoze ,bakure amaboko mu mpuzu baje ku kivi.Umukuru w’igihugu araremesha abarundi abibutsa ko Uburundi ari ubw’abarundi,  butwarwa n’abarundi bugatwarirwa mu Burundi kandi bugatwarwa n’abatowe  n’abarundi. Ngo Uburundi bwacu twese tubuture amaboko, umutima n’ubuzima kandi twame tubusabira ngo Imana yabuduhaye ibudutungire.


Ku vyerekeye imigenderanireAbavugizi b’inzego za Reta bashikirije ko gushika ubu Reta y’Uburundi ariyo izotunganya inama y’ishirahamwe COMESA kuko ari ingingo yafashwe n’abakuru b’ibihugu bigize iryo shirahamwe mu nama yabo yabereye i Addis- Abeba. Umunyamabanga mukuru w’iryo shirahamwe rero ngo siwe afata iyo ngingo. Mu gihe yagendera Uburundi aje kuraba aho imyiteguro igeze yari yemeye gushira umukono ku vyemeza ko imyiteguro iriko igenda neza. Ariko icatanganje Reta  ngo n’uko haheze indwi zibiri avuye mu Burundi yaciye yivuguruje  agatangaza ko Uburundi budakwije ibisabwa kugira butunganye iyo nama. Naho biri uko Uburundi ngo burabandanya imyiteguro kuko urwego rw’abakuru b’ibihugu arirwo rwonyene rushobora kwaka Uburundi ubwo burenganzira bwo gutunganya iyo nama. Igishobora guhinduka rero ngo ni isango izoberako kuko yobaye muri Gitugutu uwu mwaka w’2017. Ubu rero ngo hariko haraba ibiganiro biciye mu bashikiranganji bubijejwe.Barongeye bamenyesha ko imigenderanire hagati y’igihugu c’Uburundi n’ico Urwanda izosubira kuba myiza bivuye ku Rwanda ubwarwo.

Ku bijanye n’ishirahamwe HCR naryo rijejwe ibijanye n’impunzi ngo ivyo rivuga ko impunzi z’abarundi zishika ibihumbi amajana 400 ngo Reta y’Uburundi  yasavye ko ryokwerekana neza imitumba, amakomine n’intara  bavuyemwo kugira abarongoye aho hantu barabe ko arivyo gutyo ibitarivyo babibeshuze. Reta yoyo ivuga ko boba bashika ibihumbi 100. Ngo ni vyaba ngombwa rero Reta y’Uburundi izokwitwarira iryo shirahamwe kuko rishaka gukamisha impunzi mu kuduza ibitigiri kandi ridashaka no kurekura abashaka guhunguka ku gushaka kwabo na cane cane abahungiye mu gihugu c’Urwanda.  Baboneyeho akaryo ko gutera akamo abahunze guhunguka na rirya amatungo yabo, yaba amatongo canke inzu zabo vyagumye bicungerewe. Ku bijanye n’abahunze bakora akazi ka Reta ko bagarutse bogashikiramwo ngo basanze batarasubirizwa ata kibazo coba kiriho.  Mu gihe naho basanze barasubirijwe bazobanza kurindira. Ku bari basanzwe ari abigisha canke abaganga ngo bobo nta ngorane nini vyotera kuko baguma bakenewe. Naho biri uko ngo abazoba barataye akazi hazofatwa ingingo hakurikijwe amategeko agenga akazi na cane cane abakorera amashirahamwe yigenga, aho ngo hari abagiye ku gakuku babonye amahera abaheranye baciye bagaruka.Baboneyeho akaryo ko gutera akamo abahunze guhunguka na rirya amatungo yabo, yaba amatongo canke inzu zabo vyagumye bicungerewe. Ku bijanye n’abahunze bakora akazi ka Reta ko bagarutse bogashikiramwo ngo basanze batarasubirizwa ata kibazo coba kiriho.  Mu gihe naho basanze barasubirijwe bazobanza kurindira. Ku bari basanzwe ari abigisha canke abaganga ngo bobo nta ngorane nini vyotera kuko baguma bakenewe. Naho biri uko ngo abazoba barataye akazi hazofatwa ingingo hakurikijwe amategeko agenga akazi na cane cane abakorera amashirahamwe yigenga, aho ngo hari abagiye ku gakuku babonye amahera abaheranye baciye bagaruka.

DK3 wiXkAAm8oK


Ku vyerekeye poritike Ku bibaza ko umurwi washinzwe guhinyanyura Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi wokwumviriza abandi barundi batitavye ibiganiro vyari bihagarikiwi n’umurwi CNDI umuvugizi wa Reta, Philppe Nzobonariba yarabakuriye inkoni ku gishitsi ko aribo batakaje umwanya bari bahawe wo gutanga intererano none  ubu  hageze ko bayitosora kugira izoshikirizwe abarundi ngo bayemeze bavuga « Ego »  canke « Oya » ,naho biri uko abafise ivyiyumviro ngo bazobandanya babishikiriza kuko mu Burundi ibiganiro bifise ikibanza kinini. Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Claude Karerwa nawe nyene yaribukije ko ku vyerekeye integuro yo guhinyanyura  Ibwirizwa Singiro igeze kure ko abanyeporitike bamaze guhurira mu ntara za   Gitega na Kayanza bagaterera ,ngo rero hoba hari abandi  barondera kudindiza ico gikorwa mu ntumbero yo gusubiza Uburundi muri za ngorane zo mu 2015 kugira babuze ko amatora yo mu 2020 aba. Ku bibaza ko umurwi wo kuvuga ukuri no kunywanisha abarundi CVR ufise ingorane zivuye kuri bamwe mu bahoze bawurimwo bagiye,  barabaremesheje ko Reta itareze amaboko,iriko irarondera abagiye kubasubirira vuba kuko   ari umugambi uhambaye wo gufasha abarundi kuvavanura n’indyane bagiye baracamwo muri kahise. 
Ku vyerekeye  umutekanoUmuvugizi w’igiporisi Pierre Nkurikiye n’uw’igisirikare Gaspard Baratuza baramenyesheje ko muri rusangi umutekano wifashe neza ,ariko ko hari ubwicanyi bukorwa n’inkozi z’ikibi n’abasuma,ari navyo biherutse kuba muri zone Gatumba aho abajejwe umutakano 2 bitavye Imana ,hakaba ba rupanga hamwe rero n’ abapfa amatati y’amatongo ndetse n’abihorana.Ngo nayo imirwano iriko iraba mu buseruko bw’igihugu kibanyi ca Kongo(RDC) igisirIkare c’Uburundi kibikurikiranira hafi  gusa kugira ntihagire aborenga imbibe z’Uburundi.
Ku vyerekeye ubutunzi Ku kibazo c’uko mu mwaka w’ 2018, amafaranaga Reta izokoresha azova 100% mu mahera azotozwa mu gihugu, umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe ikigega ca Reta, Désiré Musharitse yamenyesheje ko mu nteguro y’amafaranga Reta izokoresha bitegekanijwe ko imigambi ikenewe izokoresha amafaranga ava mu gihugu mu gihe iyindi migambi izokoreshwa amafaranga avuye hanze ari nka hamwe atabonetse iyo migambi izoce ihagarara. Ku bwa Musharitse, iryo hangiro Reta izorishikako kubera ubu abantu batahora batanga ikori basigaye baritanga kandi ubu ikigo kijejwe gutoza amakori OBR ku mafaranga bategekanije ko bazotoza hamaze kurengako amafaranga angana imiriyaridi 25. Ku kibazo c’amadorari ataboneka neza, Musharitse yamenyesheje ko kuva mu mwaka w’2015, hariho  ibihugu vyahora bifasha uburundi vyafashe ingingo yo guhagarika imfashanyo, ivyo vyatumye hari ikigabanuka ku madorari yinjira. Ngo ariko Reta yarafashe ingingo yuko amadorari yoboneka mu mabanke gusa ku buryo atakizobura mu gihugu. Ku kibazo c’uko ata masezerano ari hagati ya Reta n’ishirahamwe Rain Bow, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amasoko ntangangu, Sindayigaya Léonidas yamenyesheje ko ayo masezerano ariho ariko amategeko ahari avuga ko ataja mw’ibarabara. Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe uburimyi n’ubworozi yamenyesheje ko umwimbu w’igiterwa c’ipampa hari aho utaboneka neza bivuye ku ruzuba canke imvura nyinshi hari n’aho riterwa n’udukoko. Ngo ikindi naco  amatongo yahora arimwamwo ipampa yaragabanutse kubera bayubatsemwo inzu n’ibindi.  Ngo hari ishirahamwe ryo mu gihugu ca Brésil rigiye gufasha guteza imbere igiterwa c’ipampa. Umuvugiszi w’ubushikiranganji bujejwe ibikorwa vya Reta, Jeanne Mukenguruka yamenyesheje ko ibarabara Gitega-Karuzi rigiye gushirwako ibidunduri, « dos d’âne » mu rurimi rw’igifaransa aca asaba abarikoresha kugabanya umurindi mu kurindira yuko ivyo bidunduri babishiraho kugira amasanganya ntabe menshi. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’abakozi ba Reta, Jean Pierre Gahimbare yamenyesheje ko igikorwa co gushira ku rugero rumwe imishahara y’abakozi ba Reta kiriko kirigwa ku mashirahamwe ya Reta arabwa n’iyo ngingo. Ngo imbere y’uko umwaka w’2018 uhera,  abakozi bose barabwa n’iyo ngingo bazoba batunganirijwe. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero, ubushakashatsi n’inyigisho za kaminuza Juma Edouard yamenyesheje ko igikorwa co gukwiragiza abigisha aho batari yabaye mu muco. Ngo abigisha bakwiriye kuja kwigisha ahandi batorwa n’abagenzi babo. Ngo uwoba yararenganijwe yosubira kw’ishure yahorako abo bakorana bakandika urwandiko rwerekana ko yarenganijwe hanyuma aheze atunganirizwe. Ku kibazo c’uko hari abanyeshure bahejeje mu gisata c’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru batashoboye gushirwa mu bisata vyo muri kaminuza,  Juma Edouard yamenyesheje ko habonetse udukosa tuvuye ku buhinga ubu biriko birakosokorwa. Ngo igisata cahora cigisha amezi 6 abanyeshure bahejeje amashure yisumbuye batashoye kuja muri kaminuza carahagaritswe kubera basanze kidagikenewe kubera ubu hari inyigisho nshasha. Ku kibazo c’umukozi w’ikigo kijejwe ugutoza amakori OBR yakuwe arenganijwe kubera ubunyonyezi yerekanye, uwujejwe ivyo kumenyesha amakuru muri OBR, Jean Mvuyekure yamusavye ko yokwitura OBR vyanse naho azoce yitura ubutungane. Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe intwaro ibereye, Jean Bosco Ntahimpera yasavye abantu bakotesheje imiduga mu kigo co gutororokanya ibiharuro ISTEEBU batahembwe kwitura ubushikiranganji kugira burabe icokorwa.

Aline Kanyana 

Epitace Nduwayo 

 Jean Robert-Nshorirambo

Ouvrir