Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida NKURUNZIZA arabandanya kwifatanya n’ abanyagihugu mu bikorwa vyo kwiteza imbere

 

Mura3Kw’igenekerezo rya 29 Nyakanga 2017, Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, mu rugendo arimwo mu ntara zo hagati mu gihugu yuguruye icese ihoteri «Charet la Concorde» yubatswe muri komine Muramvya, intara ya Muramvya, ikaba yubatswe n’imvukira yo muri iyo komine yitwa Cyrille Sigejeje. Iyo hoteri rero ikaba ifise ikibanza kijejwe inama hamwe n’ibindi bibanza bitandukanye. Avuye ngaho yaciye yugurura ishure ry’imyuga riri mu Gatabo komine Kiganda aho yaciye atanga imfashanyo igizwe n’umuceri ku miryango 300 ifise amikoro make aho umuryango umwe wose waronka ibiro 10, imfashanyo nk’iyo akaba  yarayitanze no muri komine Rutegama y’iyo ntara nyene  aho mbere yarahuguruye ishure ry’imyuga  Mataba. Kw’igenekerezo rya 29 Nyakanga 2017, Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, mu rugendo arimwo mu ntara zo hagati mu gihugu yuguruye icese ihoteri «Charet la Concorde» yubatswe muri komine Muramvya, intara ya Muramvya, ikaba yubatswe n’imvukira yo muri iyo komine yitwa Cyrille Sigejeje. Iyo hoteri rero ikaba ifise ikibanza kijejwe inama hamwe n’ibindi bibanza bitandukanye. Avuye ngaho yaciye yugurura ishure ry’imyuga riri mu Gatabo komine Kiganda aho yaciye atanga imfashanyo igizwe n’umuceri ku miryango 300 ifise amikoro make aho umuryango umwe wose waronka ibiro 10, imfashanyo nk’iyo akaba  yarayitanze no muri komine Rutegama y’iyo ntara nyene  aho mbere yarahuguruye ishure ry’imyuga  Mataba. Tubamenyeshe kandi ko avuye ngaho mu ntara ya Muramvya yaciye aja mu ntara ya Gitega aho yifatanije n’abanyagihugu bo muri komine Mutaho mu bikorwa vy’iterambere rusangi aho bariko bubaka isoko ya kijambere akaba kandi yaratanze n’imfashanyo y’umuceri nk’uko yagiye arabikora aho yaciye.

 Thérèse Niyonkuru

Ouvrir