Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umurwi CVR urashima ingene wakoranye n’abanyagihugu bo mu ntara za Mwaro na Karusi

CVRUwurongoye umurwi  ujejwe ukuri n’ugufasha abarundi gusubiza hamwe CVR, Musenyeri Jean Louis Nahimana yararemesheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 8 Nyakanga 2017, aho yamenyesheje ko umurwi arongoye ushima ingene wakoranye n’abanyagihugu bo mu ntara za Mwaro na Karusi, aho uherutse gutororokanya ibijanye n’amabi yakozwe muri izo ntara mu bihe vy’urwimo mu  kiringo co kuva  kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro 1962, igihe Uburundi bwikukira gushika ku rya 4 Kigarama 2008.

Uwurongoye umurwi  ujejwe ukuri n’ugufasha abarundi gusubiza hamwe CVR, Musenyeri Jean Louis Nahimana yararemesheje ikiganiro ku bamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 8 Nyakanga 2017, aho yamenyesheje ko umurwi arongoye ushima ingene wakoranye n’abanyagihugu bo mu ntara za Mwaro na Karusi, aho uherutse gutororokanya ibijanye n’amabi yakozwe muri izo ntara mu bihe vy’urwimo mu  kiringo co kuva  kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro 1962, igihe Uburundi bwikukira gushika ku rya 4 Kigarama 2008.Musenyeri Jean Louis Nahimana yabanje gushimira cane abanyagihugu bo mu ntara bagendeye za Mwaro na Karusi n’abajejwe  intwaro n’umutekano babafashije, hamwe n’abo baranguranye ico gikorwa, ngo kuko cagenze neza cane, kandi mu mutekano. Yaramenyesheje ko uwo murwi wari wararitse abantu bose bafise ico boshikiriza ko boza, ivyo bakaba babitunganije kuva ku wa 9 Myandagaro 2017 gushika  ku munsi w’Imana igenekerezo rya 27 Myandagaro. Ico gikorwa ngo bagikoze  bipfuza kukirangura mw’ibanga, kandi ko umunyagihugu wese yasabwa gutanga umuco ku bibazo azobazwa, arinako vyagenze.

Yabandanje amenyesha ko ico gikorwa baranguye  mu ntara za Mwaro na Karusi bari bamaze kugikora mu gisagara ca Bujumbura no mu ntara ya Ngozi. Ngo batanguriye ku kwigisha abakozi  uburyo bazorangura ico gikorwa cane cane ingene buzuza ifishi yerekana umwidondoro w’uwufise ico ashikiriza n’ico ari, hafatiwe ku vyabaye, uwukekwa ko yakoze amabi, ubwoko bw’amabi yakozwe, amasura n’inshumbusho zisabwa. Abo baranguye ico gikorwa ngo barongeye barabarahiza, baremera ko bazorangura uwo murimo bashinzwe n’umutima wabo wose, kandi ko batazohemuka kw’ibanga, bakitwararika kuzigama amabanga bumvise, kugira amakuru batororokanije ntakwire agahinga. Kuva ku wa 9 gushika ku wa 29 Myandagaro 2017 mu ntara ya Mwaro abantu bitavye umurwi CVR ni 1624 ku makomine 6 agize intara ya Mwaro n’amazone 17 hose bakaba barahashitse. Ikomine iza ubwa mbere ikaba ari Nyabihanga hitavye 480,komine Kayokwe 433, komine Rusaka 283 komine Bisoro 216, komine Ndava 110 iyo hitavye bake akaba ari komine Gisozi ari 101. Muri iyo ntara ya Mwaro barashoboye kwishikira ahantu hahambwe abantu ikivunga mu rwimo rw’1972 n’urw’inyuma y’igandagurwa rya Prezida Melchior Ndadaye mu 1993. Ivyo binogo  vyose hamwe bikaba ari 110 ngo   ivyo bavuga nivyo umurwi CVR washoboye kwibonera n’uguhinyuza. Mu ntara ya Karusi abanyagihugu bashoboye kwitaba umurwi CVR bangana n’3168 mu gihe iyo ntara igizwe n’amakomine 7 afise amazone 20 yose abagize uwo murwi bakaba barayaciyemwo. Ikomine hitavye benshi ni Gitaramuka ari 628, komine Mutumba 512, komine Bugenyuzi 504, komine Gihogazi 482, komine Buhiga 383 na komine Nyabikere 306. Abitavye uwo murwi muri izo ntara zibiri bakaba bose hamwe ari 4792 mu gihe abitavye uwo murwi CVR  barenga 11000. Kandi mu ntara ya Mwaro no mu ntara ya Karusi barashoboye kumenya ahari ibinogo vyatawemwo abantu ikivunga mu rwimo rw’1972 n’urwo mu 1993 n’inyuma yaho.Musenyeri Jean Louis Nahimana akaba yasozereye ikiganiro asaba ashimitse abarongoye izo ntara zibiri  Mwaro na Karusi gushinga ijisho aho hantu hatawe abantu mu rwimo, kuko ngo bamaze kwumva ko hari abagizi ba nabi bafise umugambi wo kuzimanganya ivyo vyemezo vy’amabi yakorewe abarundi kuko ngo hari n’ababitanguye. Yarongeye arizeza abarundi ko naho ngo bamaze gukorera mu ntara zine gusa arizo Mwaro,Karusi ,mu gisagara ca Bujumbura na Ngozi ko no mu zindi ntara bazoshikayo uko bazogenda bararonka uburyo.

Anitha Bizimana

 (Uwimenyereza) 

Ouvrir