Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi bahungiye muri Tanzaniya bariko baratahuka

IMF1Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal Barandagiye yarakiriye ku wa 5 Nyakanga 2017 mu biro iwe uwuserukira igisata mpuzamakungu kijejwe impuzi HCR mu Burundi, Abel Mbilinyi. Inyuma y’uwo mubonano, Barandagiye yamenyesheje ko bariko baraganira ukungene impunzi ziri muri Tanzaniya zotahukanwa mu Burundi inyuma y’aho habereye umubonano hagati y’Uburundi, Tanzaniya na HCR kugira bige ingene impuzi zirenga  11 000 zari zasavye ko zotaha zibanje kugira imigumuko. Ndayiragije yabandanije amenyesha ko bariko bararabira hamwe ukungene izo mpunzi zotahanwa neza mu rupfasoni. Ngo abo bategetsi babiri bumvikanye neza ko imbere yo ku wa 31 Gitugutu 2017, hoba hamaze gushika impuzi zishika 6867, hanyuma abasigaye bakazoheza bagatahukanwa nabo nyene bitarenze mu kwezi kwa Kigarama 2017. Ngo n’abazoba biyandikishije mu nyuma hazokorwa ibishoboka vyose kugira  nabo bashobore gutaha mu gihugu cabo bongere bashikanwe neza mu ngo zabo.

Barandagiye yarateye akamo abajejwe intwaro hasi  kugira babungabunge ivyo abahunze basize. Ngo hategekanijwe ko ku wa 7 Nyakanga 2017 hazoshika mu Burundi impunzi zigera ku 350 kuri ivyo abo bategetsi barabiye hamwe ukungene bashobora kwakirira hamwe benshi kurusha ku buryo muri Kigarama 2017 hazoba hatahukanywe impunzi zirenga 12000 bivanye n’ingene bazoba biyandikishije. Ngo abazokwiyandikisha gutaha bose bazotahukanwa. Ngo izo mpunzi zizoshikira mu bigo vyo mu Kajaga, i Gitare, Ruyigi, i Nyabitare, i Songore. Barandagiye amenyesha ko basavye igihugu ca Tanzaniya gifatanije na HCR ko cogira rusansuma rw’impuzi ziri muri ico gihugu kugira hamenyekane igitigiri nyezina co guhungura. Ndayiragije yarangije amenyesha ko Reta y’Uburundi yateye akamo impunzi ziri mu bihugu vyose Ko zosubira mu gihugu cabo c’amavukiro. Ngo ako kamo karagize akamaro kubera impunzi ziri mu Buganda no muri Kongo ziriko ziriyandikisha kugira zishobore gutahukanwa. Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal Barandagiye yarakiriye ku wa 5 Nyakanga 2017 mu biro iwe uwuserukira igisata mpuzamakungu kijejwe impuzi HCR mu Burundi, Abel Mbilinyi. Inyuma y’uwo mubonano, Barandagiye yamenyesheje ko bariko baraganira ukungene impunzi ziri muri Tanzaniya zotahukanwa mu Burundi inyuma y’aho habereye umubonano hagati y’Uburundi, Tanzaniya na HCR kugira bige ingene impuzi zirenga  11 000 zari zasavye ko zotaha zibanje kugira imigumuko. Ndayiragije yabandanije amenyesha ko bariko bararabira hamwe ukungene izo mpunzi zotahanwa neza mu rupfasoni. Ngo abo bategetsi babiri bumvikanye neza ko imbere yo ku wa 31 Gitugutu 2017, hoba hamaze gushika impuzi zishika 6867, hanyuma abasigaye bakazoheza bagatahukanwa nabo nyene bitarenze mu kwezi kwa Kigarama 2017. Ngo n’abazoba biyandikishije mu nyuma hazokorwa ibishoboka vyose kugira  nabo bashobore gutaha mu gihugu cabo bongere bashikanwe neza mu ngo zabo. Barandagiye yarateye akamo abajejwe intwaro hasi  kugira babungabunge ivyo abahunze basize. Ngo hategekanijwe ko ku wa 7 Nyakanga 2017 hazoshika mu Burundi impunzi zigera ku 350 kuri ivyo abo bategetsi barabiye hamwe ukungene bashobora kwakirira hamwe benshi kurusha ku buryo muri Kigarama 2017 hazoba hatahukanywe impunzi zirenga 12000 bivanye n’ingene bazoba biyandikishije. Ngo abazokwiyandikisha gutaha bose bazotahukanwa. Ngo izo mpunzi zizoshikira mu bigo vyo mu Kajaga, i Gitare, Ruyigi, i Nyabitare, i Songore. Barandagiye amenyesha ko basavye igihugu ca Tanzaniya gifatanije na HCR ko cogira rusansuma rw’impuzi ziri muri ico gihugu kugira hamenyekane igitigiri nyezina co guhungura. Ndayiragije yarangije amenyesha ko Reta y’Uburundi yateye akamo impunzi ziri mu bihugu vyose Ko zosubira mu gihugu cabo c’amavukiro. Ngo ako kamo karagize akamaro kubera impunzi ziri mu Buganda no muri Kongo ziriko ziriyandikisha kugira zishobore gutahukanwa.  

Aline Kanyana

 

Ouvrir