Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi barashobora kwitunganiriza amatora biciye mu ntererano zabo

 

DSC08813qsdKu muhingamo w’igenekerezo rya 7 Nyakanga 2017, niho Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yari aramutse atanga intererano y’umuryango wiwe ingana n’imiriyoni zibiri z’amafaranga y’amarundi (2.000.000 F.Bu) izofasha mu gutunganya amatora yo mu mwaka w’2020. Akaba yayashize kuri konte y’ibanki nkuru y’igihugu (BRB), iri mw’ibanki y’ubudandaji (BCB) ku biro vyayo biri muri zone Buyenzi, komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura.

Ku muhingamo w’igenekerezo rya 7 Nyakanga 2017, niho Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yari aramutse atanga intererano y’umuryango wiwe ingana n’imiriyoni zibiri z’amafaranga y’amarundi (2.000.000 F.Bu) izofasha mu gutunganya amatora yo mu mwaka w’2020. Akaba yayashize kuri konte y’ibanki nkuru y’igihugu (BRB), iri mw’ibanki y’ubudandaji (BCB) ku biro vyayo biri muri zone Buyenzi, komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura.Nk’uko yabimenyesheje ahejeje gutanga iyo ntererano, ngo yitavye n’abandi barundi bose akamo batewe n’Umukuru w’igihugu, ko gutanga intererano izofasha gutunganya amatora yo mu mwaka w’2020,batarinze kuzera inze. Hakaba  hari mw’ijambo   yashikirije abarundi n’amakungu ryo kwibuka imyaka 55 iheze Uburundi bwikukiye.Yamenyesheje kandi ko mu minsi iri imbere  azotanga uruhusha kugira baze baramukata make make ku kwezi.Twobibutsa ko Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yatanze intererano y’umuryango wiwe ku wa 7 Myandagaro 2017, ingana n’imiriyoni zitanu z’amafaranga y’amarundi (5.000.000F.Bu) mw’ikanki nkuru yigihugu ayacishije mu biro vyayo vy’i Ngozi. Nawe nyene akaba yavuze ko azoza arongerako ayandi uko azoyaronka kwose.

Thérèse Niyonkuru                                                                       

Ouvrir