Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Akaruhuko abakenguzamateka bagiyemwo ngo kazobabera akanya ko kwegera abanyagihugu

 

joseeeKw’igenekerezo rya 31 Myandagaro 2017, niho Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yugusozera ibikorwa vy’isasa risanzwe rya Ruheshi inyuma y’amezi 3 yaranzwe n’ibikorwa bitari bike.Ivyo bikorwa bikaba ahanini kwari ugutora n’ukwemeza integuro z’amabwirizwa,kwegera abanyagihugu, kugenzura ibikorwa vya Reta hamwe n’ugukomeza imigenderanire  n’izindi nama nkenguzamateka na nshingamateka  n’amashirahamwe mpuzamakungu basanzwe bacuditse. Kw’igenekerezo rya 31 Myandagaro 2017, niho Inama Nkenguzamateka y’Uburundi yugusozera ibikorwa vy’isasa risanzwe rya Ruheshi inyuma y’amezi 3 yaranzwe n’ibikorwa bitari bike.Ivyo bikorwa bikaba ahanini kwari ugutora n’ukwemeza integuro z’amabwirizwa,kwegera abanyagihugu, kugenzura ibikorwa vya Reta hamwe n’ugukomeza imigenderanire  n’izindi nama nkenguzamateka na nshingamateka  n’amashirahamwe mpuzamakungu basanzwe bacuditse.

Ijambo ryo gusozera ivyo bikorwa ryashikirijwe n’umukuru w’inama nkenguzamateka Réverien Ndikuriyo. Aho yamenyesheje ko bimwe muvyo baranguye harimwo  inama y’abatowe mu gisagara ca Bujumbura bari kumwe n’abakuru mu nzego z’umutekano kugira barabire hamwe intambwe imaze gushikwako inyuma y’aho bagendeye amakomine y’igihugu cose nk’uko ari 119 n’ayo mu gisagara ca Bujumbura arimwo. Ngo barashima ko umutekano wagarutse,ariko igisigaye ni ukuwuteramira no kuwukamisha ibikorwa vy’iterambere rirama. Mu bikorwa baranguye baranakoze mu bijanye n’inzego z’ubutungane aho zariko zirihweza ama dosiye menshi y’abantu bakurikiranwa ku vyaha bitandukanye harimwo n’ibitagirirwa imbabazi. Muri iryo genzura ry’imirimo ya Reta basanze kandi abacamanza 21 barakuwe mu kazi burundu, 9 bari mu mabohero,19 bahagaritswe ivy’imfata kibanza kubera ko vyagaragaye ko baca imanza zitagororotse biturutse ku biturire bahabwa. Mu nyamiramabi naho, abapolisi 38 barakuwe mu kazi, 59 barafunzwe kubera amakosa akomeye bakoze. Bisubiye, igisata c’indero nticasigaye inyuma aho umushikiranganji yashikirije insiguro ku bijanye n’abana batashoboye gusubiramwo ikibazo kirangiza igice ca mbere c’ishure nshingiro kandi bavyisabiye, n’ingendo ngenderwako ubwo bushikiranganji bwafashe mu kugarukira akanovera k’indero mu mashure izoshirwa mu ngiro aho umwaka w’ishure buca utangurira.Inama Nkenguzamateka ngo yarashimishijwe n’intambwe Reta iteyeko mu kubungabunga agateka ka zina muntu n’aho hakiriho ibibazo bimwe bimwe muri ico gisata ica iboneraho gusaba Reta y’Uburundi ko yobandanya ifata ingingo zose zikenewe kugira ngo abatosekaza agateka ka zina muntu bakubitwe intahe mu gahanga gutyo amahoro, umutekano, ubutungane n’iterambere birama  bibandanye gukomezwa mu Burundi. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka yaramenyesheje kandi ko mu bikorwa baranguye harimwo kwiga n’ukwemeza integuro z’amategeko zigera kuri 11.Yarangije amenyesha ko bagiye mu karuhuko ariko ngo kazobabera akanya ko kwegera abanyagihugu babatoye , bakabumviriza bagahanahana ivyiyumviro. Yaciye ahamagarira abakenguzamateka n’abanyagihugu  kugendera  no gushigikira abarundi bariko barahunguka ku bwinshi aca asaba ibihugu bariko bavamwo ko vyokworohereza abashaka gutaha narirya abarenga ibihumbi cumi n’indwi baramaze gusaba ko botaha mu gihugu cabo. 

   Josélyne Ndayegamiye                                                                                                      

Ouvrir