Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Aba isiramu basabwa kwubahiriza amategeko y’Imana no kwifatanya n’abatishoboye

saramaaaUmuryango w’aba isiramu bo mu Burundi barifatanije n’abandi bo kw’isi yose mu guhimbaza umunsi mukuru w’intama « Eid-El-Hadji » kw’igenekerezo rya 1 Nyakanga 2017.Umuryango w’aba isiramu bo mu Burundi barifatanije n’abandi bo kw’isi yose mu guhimbaza umunsi mukuru w’intama « Eid-El-Hadji » kw’igenekerezo rya 1 Nyakanga 2017.Ibirori vyo guhimbaza uwo munsi mukuru vyabereye mu mihingo yose y’igihugu.Hano mu gisagara ca Bujumbura ikinyamakuru canyu UBUMWE kikaba carashoboye kwishikira kw’ishure ryisumbuye ry’imyuga ETALIBU ahahuriye aba isiramu bo muri zone Buyenzi,komine Mukaza. Inyuma y’igisabisho c’uwo munsi Sheikh Idi Kabano yari mu bayarongoye yaramenyesheje ko uwo munsi mukuru wa Eid-El-Hadji wibutsa aho intumwa y’Imana Ibrahimu yagomba gutangako ikimazi umwana wiwe Ismairi kandi nawe akaba yari abishaka kubera kwemera Imana. Ariko ngo Imana ibonye ukwemera kwiwe ikaba yaciye irungika umwagazi w’intama ngo abe ariwo atangako ikimazi. Yamenyesheje ko ukwemera Imana kubonekera mu bikorwa vyo kwemera Imana. Abantu rero ngo basabwa kwubahiriza amategeko y’Imana no gushigikirana na cane cane gufasha aboro n’ababanyi. Bisubiye ngo uwo munsi mukuru bita uwo intama ku ba isiramu ni akanya keza ko kubaga ikimazi yaba impene, intama, inka canke ingamiya uwagiriwe ibakwe yo kubironka agasabikanya n’ababanyi hamwe n’aboro. Uwo munsi mukuru kandi ngo uhuriranye n’uko aba isiramu babishoboye bariko bahimbaza Imana i Maka mu gihugu ca Arabie Saoudite. Uwo mugenzo nawo ngo ukuba muri mu nkingi zitanu z’idini rya Isiramu.Imbere yuko batangura igisabisho, Juma Rukumbi yabanje gushikiriza aba isiramu bari aho kw’ishure ETALIBU ryo mu Buyenzi indamutso ya Sheikh Mohamed Rukara yahoze aramutswa urwego rw’umuhuza w’abarundi akaba  asanzwe ari n’umu isiramu, aho yabifurije umunsi mukuru mwiza. Ngo yari yifuje gusangira nabo uwo munsi mukuru ariko kubera amagara amukitse ntivyashobotse ko ahashika.

Epitace Nduwayo

 

Ouvrir