Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu ntara ya Karuzi : Prezida NKURUNZIZA arashimira Imana yazigamye umuryango wiwe n’Uburundi

pitaUmukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA arashimira Imana kubona yarazigamye umuryango wiwe n’Uburundi, inyuma y’imyaka ibiri iheze amatora yo mu mwaka w’2015 aheze. Ivyo ni ivyo yashikirije aho yariko arugurura icese igikorane c’amasengesho yo gushimira Imana catunganijwe n’umuryango wiwe kuva ku wa 31 Myandagaro gushika ku wa 3 Nyakanga 2017, i Buhiga, mu ntara ya Karuzi. Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA arashimira Imana kubona yarazigamye umuryango wiwe n’Uburundi, inyuma y’imyaka ibiri iheze amatora yo mu mwaka w’2015 aheze.

Ivyo ni ivyo yashikirije aho yariko arugurura icese igikorane c’amasengesho yo gushimira Imana catunganijwe n’umuryango wiwe kuva ku wa 31 Myandagaro gushika ku wa 3 Nyakanga 2017, i Buhiga, mu ntara ya Karuzi. Ico gikorane kandi ngo cari ico gutazira Imana kuko yagiriye neza umuryango w’Umukuru w’igihugu n’Uburundi, gusengera igihugu, abarongozi n’abanyagihugu muri rusangi hamwe no gushinga intahe ku vyiza Imana yakoreye umuryango w’Umukuru w’igihugu. Nk’uko Prezida NKURUNZIZA yabandanije abishikiriza yisunze ijambo ry’urufatiro rivuye mu gitabu c’abami, ikigabane c’17, kuva ku murongo w’8 gushika ku w’16, aho Imana yatuma Eliya kubwira umupfakazi aya majambo « Ntutinye kuko uku ariko uhoraho Imana yawe y’abisirayeri agize, ngo ako gaseke ntikazoshiramwo ifu n’ako gakarabo ntikazoshiramwo amavuta gushika umunsi Uwuhoraho azorekurira imvura kw’isi…. ». Vyongeye, yisunze iryo jambo ry’urufatiro na cane cane amajambo Imana yatumye Eliya, ngo Imana iduhamagarira kwumva, gutahura no kwumvira abarongozi n’abavyeyi bacu.Bisubiye, ngo kugamburukira Imana n’abarongozi, ngo ni umutahe. Kurya muri iryo jambo ry’urufatiro Imana yabwiye urya mupfakazi ko agaseke kiwe ifu itazokwigera ihera no mu gakarabo ko amavuta atazokwigera ahera, abarundi borema ko ivyabo bitazohera. Ifu rero ngo yasigura inkomezi, amavuta nayo agasigura ubushobozi. Vyumvikana ko abitavye ico gikorane co gushimira Imana catunganijwe n’umuryango w’Umukuru w’igihugu abacitavye bahakuye ubushobozi n’inkomezi. Umukuru w’igihugu yateye akamo abarundi kwiyegereza Imana muri iyo minsi ico gikorane camaze. Vyongeye, ngo kubona ico gikorane catanguye ku munsi wa kane, ngo ni umunsi wo kurenguka mu nyonga z’Imana biciye mu kwisonzesha hamwe n’amasengesho yo gushima.Ayo masengesho yo gushima ngo arafise imvo, yisunze ivyabaye mu mwaka w’2015, ngo Imana yarakingiye Uburundi ibihuhusi, yaratabaye Uburundi kuko ngo si ku bw’inguvu z’abana b’abantu kubona Uburundi butekanye n’ivyo bwaciyemwo.

Muri iyo minsi ine ico gikorane camaze, ngo cari catunganijwe mu ntumbero yo gushimira Imana ku myaka ibiri iheze amatora yo mu mwaka w’2015 aheze. Bisubiye, ngo ayo masengesho ni ay’abarundi bose, ni ugusengeranira kugira Imana idukize indwara abaganga badashobora kuvura. Izo nazo ngo ni amacakubiri, ishari, inzigo, urwanko, ubwishime n’izindi. Muri ico gikorane nyene, ngo kabaye akaryo  ko kuronswa inyigisho nkarishabwenge ku mirwi itandukanye y’abarundi, gukarihirizwa ubwenge ku bintu biri mw’ijambo ry’Imana, kwigishanya ibijanye n’ubuzima bwo muri ino si, kumenya ibihe turimwo n’ivyo dukwiye gukora.Tubamenyeshe ko umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Denise NKURUNZIZA yari yabanje gusengera ico gikorane, n’umutumba Buhiga  cabereyeko  n’Uburundi,  hanyuma hakurikiye idefire y’abagize inama mpanuzwajambo z’amakomine agize intara ya Karuzi. Ico gikorane cari citabwe n’abategetsi bakuru bakuru ku nzego zitandukanye.  

Déo Misigaro

                                                                                                         

Ouvrir