Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

UKudakurikiza amategeko mu kuzuza ibitegerezwa kuja kuri fagitire ngo bitera agahombo Reta

 

DSC07951gggggNgo kudakurikiza amategeko mu bijanye n’ukwuzuza ibitegerezwa kuja kuri facture iyo umuguzi aguze  ngo bituma Reta ihahombera itagisi mu gihe  idashikirijwe n’uwo mudandaza. Ni muri iyo ntumbero kw’igenekerezo rya 4 Myandagaro 2017 , Ikigo kijejwe gutororokanya  amakori n’amatagisi  OBR cagendeye imangazini  zimwe zimwe zo mu gisagara ca Bujumbura mu ntumbero  yo guhimiriza abadandaza ngo bisunge ingendo yo gutanga fagiture  isa kuri bose nk’uko amategeko abitegekanya. Komiseri ajejwe igisata  amakori yo hagati mu gihugu, Jean Berchimas Niyonzima yamenyesheje ko abadandaza bokoresha iyo fagitire itegerejwe  mu kwerekana itagisi nyongeragaciro (TVA) ; gutyo abajejwe kuyanduza baga tegerezwa kuyishira kuri fagiture  bagaheza bakabimenyekanisha uko ukwezi guheze. Ngo n’abadategerezwa gushirako tagisi nyongeragaciro ni ukuvuga abadandaza bafise umutahe uri musi y’imiliyoni ijana ngo nabo nyene barafise ivyo bategerezwa kwuzuza hanyuma bagaheza bakamenyekanisha ivyavuye mu rudandazwa rwabo kugirango barihe ikori rijanye n’akazi bakora. Yorongeya amenyesha ko iyo fagiture  atari nshasha ngo OBR yasomye itegeko iraheza yiyumvira yuko fagiture  yokwirikizwa kuri bose yoba ari imwe.Ngo ibikuru bikuru  biri muri iyo fagiture  rero ngo iyo umuntu aguze bategerezwa gushirako izina ryiwe,umwidondoro wa nyene kudandaza; izina ry’ishirahamwe; agashirako na nomero ndangamucuruza hanyuma akandika ubwoko bw’ikidandazwa agurishije  agashirako n’igiciro caco akerekana n’itagisi itegerezwa kujako agaheza akayishikiriza Reta.

Yarangije avuga ko ikigo OBR kiriko kiritegura kugira ngo  mu ntango   za Nyakanga 2017 abadandaza bose bazobe bafise iyo fagitire. aNgo kudakurikiza amategeko mu bijanye n’ukwuzuza ibitegerezwa kuja kuri facture iyo umuguzi aguze  ngo bituma Reta ihahombera itagisi mu gihe  idashikirijwe n’uwo mudandaza.Ni muri iyo ntumbero kw’igenekerezo rya 4 Myandagaro 2017, Ikigo kijejwe gutororokanya  amakori n’amatagisi  OBR cagendeye imangazini  zimwe zimwe zo mu gisagara ca Bujumbura mu ntumbero  yo guhimiriza abadandaza ngo bisunge ingendo yo gutanga fagiture  isa kuri bose nk’uko amategeko abitegekanya. Komiseri ajejwe igisata  amakori yo hagati mu gihugu, Jean Berchimas Niyonzima yamenyesheje ko abadandaza bokoresha iyo fagitire itegerejwe  mu kwerekana itagisi nyongeragaciro (TVA); gutyo abajejwe kuyanduza baga tegerezwa kuyishira kuri fagiture  bagaheza bakabimenyekanisha uko ukwezi guheze. Ngo n’abadategerezwa gushirako tagisi nyongeragaciro ni ukuvuga abadandaza bafise umutahe uri musi y’imiliyoni ijana ngo nabo nyene barafise ivyo bategerezwa kwuzuza hanyuma bagaheza bakamenyekanisha ivyavuye mu rudandazwa rwabo kugirango barihe ikori rijanye n’akazi bakora. Yorongeya amenyesha ko iyo fagiture  atari nshasha ngo OBR yasomye itegeko iraheza yiyumvira yuko fagiture  yokwirikizwa kuri bose yoba ari imwe.Ngo ibikuru bikuru  biri muri iyo fagiture  rero ngo iyo umuntu aguze bategerezwa gushirako izina ryiwe,umwidondoro wa nyene kudandaza; izina ry’ishirahamwe; agashirako na nomero ndangamucuruza hanyuma akandika ubwoko bw’ikidandazwa agurishije  agashirako n’igiciro caco akerekana n’itagisi itegerezwa kujako agaheza akayishikiriza Reta. Yarangije avuga ko ikigo OBR kiriko kiritegura kugira ngo  mu ntango   za Nyakanga 2017 abadandaza bose bazobe bafise iyo fagitire. 

Nshirimamana Gloriose (Uwimenyereza)

Ouvrir