Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ugukingira ibidukikije ngo bidufasha kubungabunga amagara yacu

DSC03337nnnhhhUbwenge Imana yaduhaye tubukoreshe mu ku bungabunga ivyo yaremye ntihagire na kimwe co hungabana kuko iyo kimwe muri ivyo gitosekajwe n’ibihingurwa nyezina bibi bigizwe n’ubumara  POPs amagara y’abantu arahasinzikarira bigaca bigorana ingene dushikira iterambere rirama.Ubwenge Imana yaduhaye tubukoreshe mu ku bungabunga ivyo yaremye ntihagire na kimwe co hungabana kuko iyo kimwe muri ivyo gitosekajwe n’ibihingurwa nyezina bibi bigizwe n’ubumara  POPs amagara y’abantu arahasinzikarira bigaca bigorana ingene dushikira iterambere rirama.Ivyo vyashikirijwe n’umushingantahe Alphonse Polisi, umuyobozi w’ibidukikije n’ihindagurika ry’ibihe, mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura uruganda rwateguwe n’ishirahamwe riharanira iterambere ridakumira (FCDI), rifadikanije n’ubushikiranganji bw’ibidukikije, bubicishije mu rwego rwo gukingira ibidukikije OBPE, hari kw’igenekerezo rya 26 mukakaro 2017.

Uwo muyobozi akaba n’umuhinga yanonosoye ibijanye n’ibihingurwa nyezina yashikirije icigwa abari batumiwe muri urwo ruganda nabo bakaba bari ababangamiwe gusumba abandi n’ibihingurwa nyezina POP canke abatuma abandi babangamirwa. Aho twovuga nk’ababa hafi yaho bata imicafu ku Buterere, abakozi b’ishirahamwe REGIDESO kubera bakoresha ibikono bibika amavuta atuma turonka umuyagankuba, abakozi bajejwe isuku mu buzi kuko aribo baturira ibicafu hamwe, abashingura bimwe mu miti ikoreshwa mu gu pompa, n’abashoferi kubera ivyuka bisohorwa n’imiduga. Aho yabamenyesheje ibiranga ubumara  POPs, imirwi igeramiwe gusumba iyindi hamwe n’ubwoko bw’ubumara  POPs. Yamenyesheje ko ubumara POPs buri mu mirwi itatu nayo ikaba ari iyi: Ibikoreshwa mu gupompa, amavuta akoreshwa muri vya bikono bituma turonka umuyagankuba, hamwe n’imicafu baturira. Yaranamenyesheje ko biguma vyongerekana. Mu ntango vyari 12 ubu bikaba bigeze kuri 22. Yanamenyesheje ko ubwo bumara  butadonoka. Bwinjiye mu mubiri buja mu maraso, mu maberebere, umwana abwonse aca abukurana bukamugirako ingaruka mbi. Ndetse n’umuvyeyi yibungenze arashobora kubwanduza umwana wiwe biciye mu ruzogi. Ubwo bumara rero ngo bukaba bukunda kwarikira mu binure. Umuhinga Polisi yamenyesheje ko uwuriye inyama canke akanywa amata y’igitunwa cariye ubwo burozi aca abwandura kubera butabora.Ikindi yashikirije ni uko imyotsi itubahiriza imbibe irashobora gushikiriza ubwo bumara umuntu wese yegereye aho bwatuririwe. Yasavye abarima ko bahejeje gukangaza boca bazika ivyatsi bikazovamwo ifumbire aho kubiturira. Ku bakinjika, ngo ntiboguma iruhande y’inkono ngo bagume bokera ivyuka boja barasimba kwenyegeza. Yanamenyesheje ko ivyo bihingurwa nyezina bitera indwara mbi nka kanseri. Yarashimiye cane ishirahamwe FCID ku bikorwa vyiza vyinshi rimaze gukora kandi nubu rikibandanya mu kurwanya ingaruka mbi ziterwa n’ibihingurwa nyezina akanamenyesha ko Reta izokwama ifata mu mugongo abo bose bazokora imigambi myiza irwanya ubumara  POPs.  Icegera c’uwurongoye  ishirahamwe FCID, Emile Nkurunziza, yaramenyesheje ko iryo shirahamwe ritazotezura ku migambi yaryo yoguteza imbere abantu(communautés) ribicishije mu kubungabunga ibidukikije. Akaba ari muri iyo ntumbero bamaze gutanga inyigisho ku bamenyeshamakuru, urwaruka hamwe n’abafata ingingo baronkejwe inyigisho kubijanye no kwirinda inkurikizi mbi z’ama POPs.  Barashoboye gufasha abakenyezi baserukira abandi 200 kugira bamenye ingene bokwikingira ama POPs baranaronswa n’ibikoresho vyo kwikingira mu gihe bariko barapompa.  Ariko rero ngo abarimyi barakwiye kwegera abajejwe indimo kugira babereke ingene bakoresha imiti myiza birinde uburozi, kuko inkurikizi z’ubwo burozi ni nyinshi cane harimwo n’izijanye n’irondoka, aho abavyeyi banyoye canke bakarya ubwo burozi bashobora kuvyara ibiburirane.
Yolande NINTUNZE

 

Ouvrir