Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abanyeshure bashika ibihumbi 12 nibo bitezwe mu bikorwa vyo mu buruhuko

DSC 0114qqqqKw’igenekerezo rya 31 Mukakaro 2017, Umushikiranganji w’indero, amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, Janvière Ndirahisha yaratanguje icese ibikorwa vy’ukwezi kwose vy’amahuriro y’urwaruka rw’abanyeshure ruri mu buruhuko. Ivyo birori bikaba vyabereye muri komine ya Mukaza. Ivyo bikorwa ngo bizotuma abo banyeshure bataja guhurumbira ibitagira akamaro vyongere bibarinde ingeso mbi nyinshi zitandukanye.Kw’igenekerezo rya 31 Mukakaro 2017, Umushikiranganji w’indero, amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, Janvière Ndirahisha yaratanguje icese ibikorwa vy’ukwezi kwose vy’amahuriro y’urwaruka rw’abanyeshure ruri mu buruhuko.

Ivyo birori bikaba vyabereye muri komine ya Mukaza. Ivyo bikorwa ngo bizotuma abo banyeshure bataja guhurumbira ibitagira akamaro vyongere bibarinde ingeso mbi nyinshi zitandukanye.Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura ivyo bikorwa, Janvière Ndirahisha yamenyesheje ko indero y’urwaruka iri mu vyo Reta yitwararitse, ivyo ngo biraheza bikabonekera mu bikorwa bitandukanye yama itunganiriza urwaruka mu buruhuko. Yamenyesheje ko kw’igenekerezo rya 15 Mukakaro uwu mwaka w’2017 ariho Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yatanguza icese ibikorwa vyo mu buruhuko ku rwaruka ruri mu gihugu cose, ibirori ngo bikaba vyabereye muri komine Gishubi,  intara ya Gitega. Ngo Prezida NKURUNZIZA akaba yamenyesheje urwaruka rwose ko rutegerezwa kugira agatima ko gukunda igihugu carwibarutse, rugakura amaboko mu mpuzu rugakora bigashimwa.Umushikiranganji Janvière Ndirahisha akaba yamenyesheje ko ibikorwa nk’ivyo vyo mu buruhuko bifise akamaro ntangere. Ku bw’ivyo ngo abanyeshure ibihumbi 12 nibo bitezwe mu bibanza 24 vyo mu makomine agize igisagara ca Bujumbura. Muri komine Ntahangwa ngo hari ibigo 12, muri komine Mukaza na Muha ibigo 6 imwe imwe yose. Ikigo kimwe kimwe cose kikazokwakira abanyeshure 500.Ngo abanyeshure bazi ko igihe c’uburuhuko ari akaryo ko kuryama, kwicara ku mabarabara, kwicara munsi y’ibiti n’ahandi gutyo izo nyifato ugasanga ngo zibakwegera mu kuja kunywa ibiboreza canke ibiyayuramutwe, mu busambanyi, mu bwicanyi n’ibindi. Mu ntumbero yo kurwanya ivyo vyose ngo ubushikiranganji bw’indero, amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi bubifashijwemwo n’ibisata bimwe bimwe vya ONU bwaratunganije ibikorwa vyo mu buruhuko. Hambavu y’ivyo ngo abo banyeshure bazoharonkera inyigisho zitandukanye. Muri izo harimwo izijanye no gukunda igihugu n’ugutsimbataza  amahoro, kwitaho neza ibidukikije, kwimenyereza kurondera uburyo bwo kwiteza imbere , guteza imbere igihugu, n’ibindi.Janvière Ndirahisha akaba yarangije asaba abanyeshure gukurikirana neza izo nyigisho kuko bazohungukira vyinshi, yongera ashimira abo bose bariko baritanga kugirango ivyo bikorwa bigende neza na cane cane ibisata vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU vyafashije muri uwo mugambi.Uwaserukiye ishirahamwe rijejwe kwitaho ineza y’abana «UNICEF», yamenyesheje ko bene ivyo bikorwa vyari vyabaye no mu mwaka uheze , kandi ngo vyarangiye neza ari naho mbere haciye hava iciyumviro c’uko uwu mwaka,  hosubira hagatunganywa ibikorwa nk’ivyo. Yamenyesheje ko urwaruka rusanzwe ari inguvu z’igihugu, ku bw’ivyo rero ngo iyo rudakurikiranywe neza haba ingorane. Ku bw’ivyo ngo urwaruka rushika ibihumbi 12 nirwo ruzokwirikirana ivyo vyigwa ngo ari naco gituma rukwiye kuvyitaba rwose kandi  rukabikurikirana neza kuko ari rwo Burundi bw’ejo, ndetse mbere ngo rushobora kuba Burundi bw’uno munsi kuko rushoboye ibitari bike.

Estella Niyongere

 

Ouvrir