Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibikorwa vyo gusanura ibarabara RN1 n’ukwubakira inzuzi za Gasenyi na Ntahangwa ngo biriko biragenda neza

AB58Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Joseph Butore yaragendeye ku wa 4 Myandagaro 2017, ibarabara rya Bugarama RN1 ririko rirasanurwa hamwe n’ikibanza bahora bacukuramwo ibikoresho vy’ukwubaka kiri muri komine Isare hamwe n’izunzi za Nyabagere na Gasenyi bariko barubakira. Inyuma y’urwo rugendo, Joseph Butore yaratanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru aho yamenyesheje ko muri iyi myaka mu gihe c’imvura, mu gisagara ca Bujumbura hama haba ingorane  zivuye ku mvura y’isegenya igatera imyuzurira ica mu nzira zidatunganije hanyuma mazi ashitse mu nzuzi ziri mu gisagara ca Bujumbura, agaca ata inzira agatera ibibazo. Yaribukije ko  ikiza catewe n’umwuzurira co muri Ruhuhuma 2014, aho hapfuye abantu benshi biturutse ku mvura yaguye ari nyinshi hanyuma amazi yo muri Gasenyi na Nyabagere no muri Gikoma agata inzira yategerezwa gucamwo. Muri izo ngorane  niho havuye iciyumviro ca mbere c’umugambi wo kwubakira inzuzi zimwe zimwe zo mu gisagara ca Bujumbura no gukingira ibice bimwe bimwe vy’ibarabara RN1. Butore yemeje ko yisunze ivyo yabonye n’ivyo yabariwe n’abahinga ibikorwa vyo kwubaka ibice bimwe bimwe vya RN1 n’ukwubakira inzuzi za Gasenyi na Nyabagere biriko birakorwa neza hisunzwe ivyigwa vyakozwe. Ngo hari uwundi mugambi uriko urategurwa wo gutunganya aho amazi y’imvura yoca kugira ashobore gushika neza mu kiyaga Tanganyika, abanje kugabanywa umurindi. Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Joseph Butore yaragendeye ku wa 4 Myandagaro 2017, ibarabara rya Bugarama RN1 ririko rirasanurwa hamwe n’ikibanza bahora bacukuramwo ibikoresho vy’ukwubaka kiri muri komine Isare hamwe n’izunzi za Nyabagere na Gasenyi bariko barubakira.

Inyuma y’urwo rugendo, Joseph Butore yaratanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru aho yamenyesheje ko muri iyi myaka mu gihe c’imvura, mu gisagara ca Bujumbura hama haba ingorane  zivuye ku mvura y’isegenya igatera imyuzurira ica mu nzira zidatunganije hanyuma mazi ashitse mu nzuzi ziri mu gisagara ca Bujumbura, agaca ata inzira agatera ibibazo. Yaribukije ko  ikiza catewe n’umwuzurira co muri Ruhuhuma 2014, aho hapfuye abantu benshi biturutse ku mvura yaguye ari nyinshi hanyuma amazi yo muri Gasenyi na Nyabagere no muri Gikoma agata inzira yategerezwa gucamwo. Muri izo ngorane  niho havuye iciyumviro ca mbere c’umugambi wo kwubakira inzuzi zimwe zimwe zo mu gisagara ca Bujumbura no gukingira ibice bimwe bimwe vy’ibarabara RN1. Butore yemeje ko yisunze ivyo yabonye n’ivyo yabariwe n’abahinga ibikorwa vyo kwubaka ibice bimwe bimwe vya RN1 n’ukwubakira inzuzi za Gasenyi na Nyabagere biriko birakorwa neza hisunzwe ivyigwa vyakozwe. Ngo hari uwundi mugambi uriko urategurwa wo gutunganya aho amazi y’imvura yoca kugira ashobore gushika neza mu kiyaga Tanganyika, abanje kugabanywa umurindi. Butore yasavye ibisata vya Reta bikurikirana ivyo bikorwa ko vyokongereza umurindi kugira imigambi iriko iratunganywa ije mu ngiro. Yabandanije atera akamo abanyagihugu baba mu micungaro y’inzuzi za Gasenyi na Nyabagera zicamwo canke iyo ziza zizanana ko bokwibuka ko muri iri ci ari igihe ciza co kurwanya koko ingaruka mbi zivuye ku myuzurira mu gusibura canke guca imiserege.

Aline Kanyana

 

Ouvrir