Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu bidukikije ngo harimwo ivyatsi bishobora gukinga indwara ya marariya

Umuntu uwo ariwe wese ngo arashobora kwikingira indwara ya marariya akoresheje agasabikwa ico bita mu rurimi rw’igifaransa « tisane » ni ukuvuga icayi c’ivyatsi umuntu ashobora kwaha ubwo nyene nk’ibicayicayi akabishira mu mazi abize agapfundikira agaca anywa ubwo nyene. Ivyo vyamenyeshejwe n’uwurongoye ikigo c’ Ishirahamwe riharanira iterambere ry’umunyagihugu biciye mw’iterambere rirama (ACECI) , Jinette Karirekinyana aho yariko araha ikiganiro ikinyamakuru UBUMWE. Ishirahamwe ACECI ngo ryatanguriye mu gihugu ca Canada akaba ariwe ariserukira mu Burundi.Ikindi kandi ngo gishobora gutanga « tisane » ngo ni umuravumba, igisuru canke icanda, ivyo vyose ngo binyobwa nk’icayi umwanya uwari wo wese kandi ata sukari irinze kujamwo.  

kaeNk’uko yabandanije abimenyesha rero ngo iryo shirahamwe muri kino gihe ribandanya rihimiriza ko mu gihugu c’Uburundi abanyagihugu bokoresha ivyo bihingurira kandi biri mu gihugu kandi birimira . Abashakashatsi kandi ngo baremeza ko hari ibintu bishobora gufasha amagara y’abantu cane cane ibikinga indwara ya marariya. Jinette Karirekinyana akaba yongeye kumenyesha ko kuva kera na rindi bakoresha ibidukikije mu kwirinda inyonko mu gukomeza amagara kuko ngo barashobora gukoresha ingaburo kugira umubiri wirwanire utewe n’indwara kanaka. Ivyo navyo ngo nivyo bipfuza gusubiramwo babicishije mu bushakashatsi kuko ngo n’irya miti banywa canke « vitamine » bihinguye biva hanze ngo biba vyavuye muri irya miti kama. Igihe rero ngo umunyagihugu arwaye ngo hari igihe aba adafise amahera yo kugura iyo miti kandi hariho amahirwe menshi yo kurondera iyo miti birimira. Uburundi rero ngo burimwo ivyimeza vyinshi bashobora gukuramwo imfungurwa n’izo ngaburo n’imiti ishobora gufasha abarwayi.  Ico kigo rero ngo cipfuza kubimenyekanisha kugira abantu babisubireko ku buvuzi kama, bakoreshe ivyatsi bikinga indwara kandi babicishe amahera kugira barwanye ubukene. Ikindi kandi ngo ni uko abo muri ico kigo babigurira abanyagihugu hanyuma bakabihingura bagaca babishira kw’isoko, abantu bakabikoresha bimeze neza. Abatari bake ngo baramaze kumenya ico kigo ACECI n’akamaro kibafitiye kandi ngo hariho n’amashirahamwe y’abanyagihugu cane cane ay’abakenyezi bakorana kuko ngo ni bo barima kandi bakimbura ivyo nyene bakoresha muri ico kigo. Jinette Karirekinyana agasaba abarundi bose ko bogerageza gufata neza ivyo bahora bapfisha ubusa ari ya miravumba, imibirizi, iminyegenyege , icanda bakamenya ko ivyo vyose bikoreshwa mu kubinywa nk’icayi kandi bifasha ku magara yabo.
Christine Manirambona

 

Ouvrir