Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Haratangujwe umunsi wahariwe gutunganya imigambi y’iterambere mu mashure

Mu ntumbero yo gutanguza umunsi wahariwe gutunganya imigambi yo kwiteza imbere mu mashure, umushikiranganji w’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi, Janvière Ndirahisha yarashikirije kw’igenekerezo rya 25 Mukakaro 2017, intererano y’ibikoresho bigize imitahe y’urudandazwa ku bana batandatu biga mw’ishure shingiro biyeze gushira mu ngiro ivyo bize kugira biyemeje ngo biteze imbere mu bikorwa bitandukanye. Ivyo bikoresho bikaba vyari bigizwe n’amakaziye y’ifanta, ibiyeri, ifu n’ibindi. Imbere yuko Janvière Ndirahisha ashikiriza iyo ntererano yabanje gushikiriza ijambo rijanye n’ibirori vy’uwo munsi vyabereye mu biro vyiwe.

jamvière
Muri iryo jambo yavuze ko ari akanyamuneza ntangere ko gukora igikorwa kitahora kirangurwa mu bushikiranganji arongoye co gushikiriza icese urwaruka ibikoresho vyorufasha kurangura imigambi yo kwiteza imbere. Ngo ico gikorwa gifise intumbero yo gutsimbataza ishure shingiro kuko haheze imyaka mike iryo shure ritangujwe mu Burundi. Ngo mu vyahindutse ni uko hari icipfuzo c’uko umwana yize muri iryo shure yoriheza afise ubumenyi n’ubushobozi bumufasha kwibeshaho, guteza imbere aho abaye n’igihugu cose. Ngo ni muri iyo ntumbero ubushikiranganji bw’indero, inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi buherutse gutanguza icese umunsi wahariwe gutunganya imigambi yo kwiteza imbere mu mashure, ngo hari kw’igenekerezo rya 18 Ruheshi 2017 mu Rukaramu muri komine ya Mutimbuzi. Ngo ni uguha akaryo abana kugira ngo bazokwame berekana ivyo baranguye buri mwaka.  Ngo gutanga rero ku mugaragaro ibikoresho ku banyeshure bashikirije ico bipfuza kurangura ngo ni kugira ubushikiranganji bwerekane ku mugaragaro umwitwarariko bufise wo guhimiriza abanyeshure bose gutegura imigambi ishobora kubateza imbere kandi bagashishikara biga. Ngo abana bose biga nibavavanure no kwama bazeye inze. Ngo nibareke kwama bibaza ko bahejeje Reta ari yo izobaha akazi. Ngo hari abanyeshure bemeye kwiteza imbere mu gukora no kudandaza ibitumbura n’ivyapati, ngo hari n’abandi biyemeje kwiteza imbere bahereye ku gucuruza amakaziye abiri y’ifanta eka ngo hari n’abandi biyemeje kwiteza imbere bahereye ku gucuruza ibikoresho vyo mu biro no gutegura ifu y’ubuyi. Inyuma y’ijambo ryiwe, umushikiranganji Janvière Ndirahisha yaciye ashikiriza ivyo bikoresho abo banyeshure. Aca asaba ababijejwe kuzobakurikiranira hafi kugira ngo iyo migambi ize iteze imbere abo bana n’igihugu. Twobamenyesha ko ivyo bikoresho vyatanzwe n’ishirahamwe « Africa Start Up » ryanabanje gutanga inyigisho kuri abo bana batandatu.

Nathan Ntahondi

Ouvrir