Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umwigeme Anny Bernisse Nikuze niwe yatowe nk’umwigeme mwiza aciye n’ubwenge mu mwaka w’2017

Umwigeme Anny Bernisse Nikuze niwe yatowe nk’umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge mw’ihiganwa ry’abigeme ryo muri uwu mwaka w’ 2017 ushira 2018, avuka mu ntara ya Ruyigi, akaba asubiriye Ange Bernisse Ingabire avuka mu ntara ya Mwaro yari yatowe mu mwaka w’2016 ushira 2017. Anny Bernisse Nikuze yatowe ku wa 22 Mukakaro 2017 ariko ahiganwa n’abandi bigeme 18 baserukira intara zose zigize igihugu cacu. Yari yabaye uwa gatatu mu manota y’abatoye ku buhinga bwa none mu gihe uwari yaronse amanota menshi muri ubwo buhinga ari Charlène Mugisha wo mu ntara ya Bubanza, yari yaronse amanota angana 2.238.

bbhhrree
Uwo mwigeme agiye guserukira abandi bigeme b’abarundikazi mu kiringo c’umwaka akurikirwa na Arlètte Akimana aturuka mu ntara ya Karusi akaba asubiriye Moma Walde Kaneza; nawe agakurikirwa na Monia Gateka aturuka mu ntara ya Cankuzo asubiriye Ornella Gahimbare. Abo bigeme rero batowe kubera ari beza akandi bashikirije imigambi bazorangura itomoye kandi bakayishikiriza mu gifaransa ciza.  Imbere yuko umurwi w’abahagarikiye iryo higanwa bashikiriza umwigeme wa mbere mwiza « Miss Burundi », abo bigeme uko ari 18 babanje gutambuka biyereka abaje kubashigikira hanyuma bagashikiriza imigambi yabo, abahagarariye ihiganwa bagaca bababaza ukugene bazoyirangura n’iyo bazokura uburyo. Anny Bernisse Nikuze akaba yiyemeje kwigisha irondoka rijanye n’amagara meza no guteza imbere abakenyezi. Anny Bernisse Nikuze yabaye uwa mbere yaronse agashimwe k’imodoka yatanzwe n’ishirahamwe Smart aca aronka n’itike y’indege, nayo Arlètte Akimana yabaye uwa kabiri akaba yaronse agashimwe k’amafaranga y’amarundi 1.500.000 yatanzwe n’ibanki CRDB hamwe n’itike y’indege, Monia Gateka nawe yabaye uwa gatatu akaba yaronse agashimwe k’amafaranaga y’amarundi 1.000.000 nayo nyene yatanzwe n’ibanki CRDB hamwe n’itike y’indege. Abahagarariye ihiganwa bamaze gushikiriza abo bigeme beza batowe mu mwaka w’2017, Anny Bernisse Nikuze yamenyesheje ko agize ikigumbagumba, hanyuma uwo asubiriye Ange Bernisse Nikuze akaba yaramuteye intege akaba yiyemeje kuzomwunganira igihe cose azomwitura. Bisubiye ngo si igikorwa agiye guhera ku ntango kuko azobandaniriza aho bari bagejeje. Yaranezerejwe kandi n’ukubona asubiriwe n’umwigeme bitiranwa.
Epitace Nduwayo

 

Ouvrir