Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

API : Mu gice ca mbere c’uwu mwaka w’2017, amashirahamwe 1160 yarashinzwe

Umuyobozi w’ikigo kijejwe kworohereza abanyamitahe bashaka gukorera mu Burundi ( API), Didace Ngendakumana amenyesha ko kuva kw’igenekerezo rya 1 Nzero gushika ku rya 30 Ruheshi 2017, hashoboye gushingwa amashirahamwe mashasha 1160 bitunganirijwe mu kibanza kimwe kijejwe kwakira amashirahamwe mashasha muri API (guichet unique), ivyo navyo bikaba vyerekana ko habaye ukwiyongera kw’ayo mashirahamwe ku rugero rw‘ibice 3 kw’ijana ugereranije n’ayashinzwe mu mwaka w’2016. Ivyo yabishikirije mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 25 Mukakaro 2017, mu ntumbero yo kubamenyesha ivyaranguwe mu bijanye no guteza imbere abanyamitahe mu gice ca mbere c’umwaka w’2017 n’ihangiro bihaye ryo guteza imbere abanyamitahe mu gice ca kabiri c’uwu mwaka nyene .

formm
Ngo mu gice ca mbere c’umwaka w’2017, amashirahamwe yose yashoboye gushingwa agizwe ahanini n’amashirahamwe ashingwa n’umuntu umwe « société unipersonnelle » akaba arenga ibice 43 kw’ijana. Ngo hagaca hakurikira amashirahamwe umwe wese yisangiza uruhara hafatiwe ku mutahe wiwe (société des personnes a responsabilités limitées) arenga ibice 30 kw’ijana hamwe n’amashirahamwe bita amakoperative arenga ibice 20 kw’ijana. Ngo muri ico kiringo nyene, igitigiri c’ubuzi bwategekanijwe bukaba bwababa 10.689, bisigura ko hazoba igabanuka rirenga ibice 5 kw’ijana ugereranije no mu gice ca mbere c’umwaka w’2016. Yaravuze ko amashirahamwe bita amakoperative aza mu kibanza ca mbere, hagakurikira amashirahamwe y’abigenga hamwe n’amashirahamwe ashingwa n’umuntu umwe mu yazoshobora gutanga akazi ku banyagihugu. Ngo iyo mirwi yose y’amashirahamwe uko ari itatu ingana n’ibice birenga 94 kw’ijana vy’amashirahamwe yashinzwe, akangana kandi n’ibice birenga 91 kw’ijana vy’ubuzi buzoshobora gutangwa. Yarongeye aramenyesha kandi ko naho vyagenze neza muri iki gice ca kabiri hibonekeje intambamyi mu bikorwa vyabo. Ngo muri ivyo haribonekeje ubukene bw’ibikoresho, uburyo n’abakozi, ingorane ijanye n’ubukene bw’ibitoro n’umuyagankuba bikaba vyatumye ibikorwa bimwe bimwe bitarangurwa neza. Yarangije amenyesha ko ikigo API kigiye gukomeza ibikorwa bijanye n’ikurikiranwa canke igenzurwa ry’amashirahamwe yashinzwe. Ikigo API ngo kirongereza inguvu mu bikorwa bijanye no gushiraho icuka ciza mu kworohereza abanyamitahe  Umuyobozi w’ikigo API Didace Ngendakumana yaramenyesheje ko ibikorwa bijanye no gushiraho icuka ciza mu kworohereza abanyamitahe mu gihugu c’Uburundi citeze ikibanza ciza muri ca cegeranyo bita « rapport Doing Business » gisanzwe gikorwa n’ikigega mpuzamakungu. Ngo kubera hariho ibintu vyinshi vyahinyanyuwe, hariho amategeko mashasha yizwe kandi yemejwe. Ngo muri ivyo twovuga ingingo nshasha zo gutanga ivyemezo vyo kwubaka no kubiha agaciro zaremejwe, ingingo zo gushira mu ngiro itegeko rigenga itunganywa ry’ibisagara,inyubako n’uburaro zarashizweho. Ngo ayo mategeko mashasha n’izindi mpinyanyuro nyinshi vyegeranijwe n’abakozi b’ikigo API bo mu gisata kijejwe ivyo guhinyanyura amategeko n’ibindi bintu bitajanye n’ibihe tugezemwo babishira mu cegeranyo ciswe « Rapport Doing Business » baraheza bakirungika ku cicaro c’ikigega mpuzamakungu igenekerezo rya 31 Rusama uwu mwaka w’2017.

Thérèse Niyonkuru

 

Ouvrir