Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi bose bahamagariwe kwijukira umugambi wa Reta wo kurondoka ku rugero

ffffzzeerrUmutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise NKURUNZIZA ahamagarira abarundi bose kwijukira umugambi wa Reta wo kurondoka ku rugero ngo kuko Uburundi buri mu bihugu vyo kw’isi bifise umuvuduko w’irwirirana ry’abantu urenze urugero. Ako kamo akaba yagatereye ku kibuga c’inkino c’ i Mihigo muri komine Busiga, intara ya Ngozi, ku wa 28 Mukakaro 2017, igihe yashikiriza intara za Ngozi, Ruyigi hamwe n’igisagara ca Bujumbura, imfashanyo igizwe n’amakinga, amapikipiki, amatereviziyo vyatanzwe n’igihugu c’Ubuhorande kibicishije mu gisata c’Ishirahamwe Mpuzamakungu (ONU) citaho irwirirana ry’abantu FNUAP mu ntumbero yo gushigikira abegwa n’umugambi w’irondoka rijanye n’amagara meza. Ivyo birori bikaba vyari vyatunganijwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA bufashwe mu mugongo n’igihugu c’Ubuhorande.


Mw’ijambo ryiwe, umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise NKURUNZIZA, yabanje gukengurukira abitavye urwo rubanza, aca arabamenyesha ko yaje gushikiriza ibikoresho bizofasha urwaruka ruri mu ntara za Ngozi, Ruyigi n’igisagara ca Bujumbura guhimiriza abarundi kwijukira irondoka rijanye n’amagara meza, mbere aca asaba urwaruka guha intumbero ubuzima bwarwo. Ngo Imana izoba mu ruhande rw’urwaruka niyo rwitegurira neza kazoza karwo. Yaruhanuye kugenda bukebuke n’ubwenge, rwijukire kwiga kuko ngo kwiga no kuronka urupapuro rw’umutsindo ni ko kazoza k’uwabishitseko. Yaragarutse ku muvuduko w’irwirirana ry’abarundi, ngo hari uturere usanga dufise abantu bashika amajana atanu ku kirometero kwadarato. Ngo Uburundi buri mu bihugu vyo kw’isi bifise umuvuduko w’irwiririkana ry’abantu uteye ubwoba. Ngo ni co gituma Reta yafashe ingingo yo gutegura neza umugambi wo kwibaruka ku rugero. Denise NKURUNZIZA yasavye abarundi bose gusenyera ku mugozi umwe kugira ngo abarundi bave ku kwibaruka abana batandatu bashike ku kwibaruka abana batatu gusa. Yaciye atera akamo urwaruka ngo gwiteho imico myiza yamye iranga abarundi. Ngo ikibanza c’urwaruka kiri mu mashure no mu bikorwa vy’iterambere. Ngo ntikiri mw’iyakiriro ry’abavyeyi bibaruka. Yabasavye kugira umuziro ibiyovyabwenge, kuraba amareresi ataco abamarira. Yarabatekereye n’izindi mpanuro zerekeye kwifata neza mu buruhuko. Yabasavye gukomeza urukundo hagati yabo mu gukurikirana cane inyigisho zo gukundisha igihugu. Yasavye urwaruka kwama ruhanuza abavyeyi mbere ngo rukoreshe ubuhinga bushasha bwo guhanahana inkuru. Yarusavye kuja mu mashirahamwe.Abavyeyi n’abarezi nabo yabasavye kutadohoka kw’ibanga ryo kurera. Yarateye akamo inzego z’umutekano n’ubutungane ngo zikoreshe ububasha zihabwa n’amategeko mu guhana abo bose bashobora kuyovya urwaruka. Yarangije ijambo ryiwe ashimira ingoma y’Ubuhorande na FNUAP ku mfashanyo zama ziha Uburundi. Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida, Josiane Nijimbere yari yabanje gushimira umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, ku kuntu yihagurukiye gushigikira igikorwa co guteza imbere amagara y’abanyagihugu. Yaribukije ko igikorwa c’uwo munsi cari ico ugushigikira umugambi ufasha urwaruka kwitwara neza. Ngo ingoma y’Ubuhorande ifatanije na FNUAP ni bo bifatanije na Reta y’Uburundi kugira ngo amagara meza asasirwe indava mu Burundi. Mwomenya ko ivyo bikoresho bigizwe n’amakinga 320, amapikipiki 18, amatereviziyo 18 n’imashini nyabwonko 18. Ibirori vy’uwo munsi vyari vyitabwe n’abanyacubahiro batandukanye baje baserukira ibisata vya ONU, ingoma y’Ubuhorande, ubushikiranganji butandukanye n’abandi.
Nathan Ntahondi

 

Ouvrir