Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Intererano y’abagenzi b’Uburundi ngo irakenewe kugira bushobore gushika kw’iterambere rirama

rrrrrezzUbushikiranganji bw’imigenderanire n’ugufashanya n’ayandi makungu bwifadikanije n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, ubw’uburimyi n’ubworozi, ubw’indero hamwe n’abasanzwe bafasha mu gutsimbataza amahoro n’umutekano mu Burundi, bwaratunganije kw’igenekerezo rya 12 Mukakaro 2017 inama mu ntumbero yo kwihweza aho Uburundi bugeze mu bijanye n’iterambere ry’ubutunzi n’imibano. Alain Aimé Nyamitwe, aramutswa ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ugufashanya kw’Uburundi n’ayandi makungu, akaba yamenyesheje abitavye iyo nama ko yari ifise intumbero yo kwiga ibibazo vy’ubutunzi n’imibano na na rirya ivyo bisata bisa n’ivyibagiwe n’abari basanzwe bafasha Uburundi kuko bagumye bibanze mu gisata ca poritike kandi ico gisata carateye imbere kuko bitakiri agaseseshwarumuri amahoro n’umutekano vyatsimbataye.

Ngo ninaco gituma Uburundi bubicishije mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’ugufashanya n’ayandi makungu hamwe n’ubushikiranganji bukorana nabwo, bwigiriye inama yo gutumirira abagumije umutima ku gihugu c’Uburundi kugira ico baterereye mw’iterambere no mu mibano ngo nakare nta mahoro abaho ata terambere kandi ngo nta n’iterambere rishoboka ata mahoro ariho . Umushikiranganji Alain Aimé Nyamitwe yabandanije amenyesha ko iyo nama yihaye ihangiro ryo kwereka neza abo bafasha Uburundi intambanyi ibisata vy’imibano n’iterambere mu Burundi bifise, nko mu gisata c’uburimyi n’ubworozi aho umwimbu utaboneka neza iyo bataronse umwavu w’ikizungu, ko bofasha kwigisha gutunganya ibigega babikamwo umwimbu bejeje kugira boye gusesagura umwimbu ngo bahave bicwa na kigoyi na cane cane iyo habaye ihindagurika ry’ibihe, kugazura imyonga hamwe n’ukwubaka ikigo rusangi c’ubushakashatsi.
Mu gisata c’amagara y’abantu bashaka ko bobafasha gushika kw’ihangiro igihugu cihaye mu kiringo kiva mu mwaka w’2016 gushika mu mwaka w’2025, ko borwanya marariya, bakirinda ikiza ruhonyanganda Sida, indwara y’igituntu n’uko ata mwana yopfa ariko aravuka hamwe no gushiraho uburyo bwo kurwanya indwara z’ivyaduka hamwe no guhangana n’irwirirana ry’abantu mu gushiraho ubuhinga bwo kugabanya imvyaro. Mu gisata c’indero ngo hokubakwa amashure afise ivyankenerwa mu bumenyi nko gushiraho inzu zo gusomeramwo ibitabu, ibibanza bagiriramwo imyimenyerezo y’ubushakashatsi, n’ikibanza co gukarihirizamwo ubwenge. Yaramenyeshe kandi ko bobafasha mu gisata co gukinga impanuka zitewe n’ihindagurika ry’ibihe hamwe no gutahukana impunzi.  Uwurongoye umurwi ujejwe gutsimbataza amahoro n’umutekano mu Burundi. Jurg Lauber mw’ijambo ryiwe yamenyesheje ko anezerejwe n’intabwe Uburundi bugezeko mu gutsimbataza amahoro n’umutekano akaba ari naco gituma bashaka gufasha mu bisata vy’iterambere n’imibano kugira ayo mahoro atsimbatare.  Jürg Lauber yaciye atumirira abari muri iyo nama guca hirya no hino ibibazo bihanze Uburundi mu bisata vy’iterambere n’imibano kugira babitorere umuti urama.
Thérèse Niyonkuru na
Anitha Bizimana
(uwimenyereza)

Ouvrir