Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu ntara ya Ngozi Abafise imitima ikomeye mw’ijambo ry’Imana basabwa kwengenga abafise imitima idakomeye

nnnnhhh445Abamaze kugira imitima ikomeye mu bijanye no kwemera Imana basabwa kwengenga abo bose bagifise imitima idakomeye kugira nabo bazogire inkomezi, na kare ngo imbuto iteragiwe ni iyo imera. Iryo niryo jambo ry’ifatiro Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yishimije mu nyigisho yatanze mw’ishengero ry’urutare ry’i Buye riri ku mutumba Buye, muri komine Mwumba, intara ya Ngozi, ku wa 9 Mukakaro 2017, aho hari abo bari bahejeje kwakira baherutse ku batizwa.


Nk’uko Prezida NKURUNZIZA yabandanije abishikiriza yisunze ijambo ry’Imana ryari rihejeje gusomwa mu cete ca mbere Paulo yandikiye ab’ikorinto, igice c’8 umurongo w’7, atera akamo abamaze kugira inkomezi kwengenga abagifise imitima itarakomera, gutyo nabo bazogire inkomezi. Ivyo akaba yabisavye abakozi b’Imana ko bobera akarorero abo bajejwe, na cane cane bagakomeza imigenderanire hagati y’abafise imitima ikomeye n’abafise imitima itarakomera. Aho akaba yavuga abo baherutse kubatizwa ko baronse inkomezi nshasha. Ku bakozi b’Imana, ngo bakwiye kumenya ko izo nkomezi baronse ku buntu nabo boza barazisangira n’abo bagifise imitima itarakomera, gutyo habe uruhererekane rw’inkomezi. Vyongeye, ngo umuntu akiremwa, inkomezi ziba zitanguye, na kare ngo muri Bibiriya handitse ngo utaranavuka, nari ndakuzi. Eka ngo kumenywa n’Imana, ngo nizo nkomezi za mbere mu buzima bw’umuntu. Bisubiye, ngo uvutse Imana iraheza ikakurobanura, abavuka bose ngo ntibaronka amahirwe yo kubaho. Imana ikurobanuye, ngo iba iguhaye izindi nkomezi, ku rya kw’imbuto irobanuye, ngo iyo mbuto iba ifise izindi nkomezi. Muri Bibiriya kandi haranditse ko nitwitwararika ivy’ubwami bw’Imana, ibindi ngo bizoba inyongera. Eka ngo ntidufise ubukomezi bumwe mu bijanye no kwakira ubwami bw’Imana, ndetse dukwiye kugendera mu vyagezwe. Ku barongoye ishengero ry’urutare ry’i Buye arashima ingendo yo kurerera urwaruka mw’ijambo ry’Imana, ivyo ngo bizotuma bagira inkomezi, na kare ngo urugendo rwacu ni urw’Imana. Nk’uko vyanditswe, ngo dukundishe umutima wacu Imana, twongere dukunde n’abagenzi bacu nk’uko twikunda twebwe nyene, ngo tuzoca tuba abanyenkomezi. Vyongeye, ngo ukwubaha Imana niryo tanguriro ry’ubwenge. Uwubaha Imana, ngo aca aba umunyenkomezi.
Muri abo bubaha Imana, Prezida NKURUNZIZA yaragarutse ku bantu bubaha Imana banditse muri Bibiriya, aho yavuze Eliya, uwo nawe ngo yari afise inkomezi yahawe n’Imana zo kugwisha imvura. Muri abo bari bafise inkomezi, yaragarutse kuri Yozafati, uwo nawe ngo yarwanywa n’amahanga aho yasavye abo yari arongoye kwisonzesha n’ibikoko vyose mu ntumbero yo kwiyegereza Imana, ngo niho yamubwira ko indwano ariko ararwana atari iyiwe ahubwo ari iy’Imana ubwayo. Daniyeri yatawe mu rwobo rw’intambwe ariko kubera inkomezi z’Imana ngo ntaco zamugize. Aho umwami yahama Daniyeri yaciye atanga itegeko ko abo atwara bose bosenga Imana ya Daniyeri kubera inkomezi yahawe n’Imana zari zihejeje kwigaragaza. Umukuru w’igihugu yasozereye inyigisho ziwe asaba abari ngaho ku bafise imitima ikomeye kwirinda gutsitaza abandi bongere babere amaso inkomezi Imana yabahaye. Nk’abaronse inkomezi z’imitima yabo, basabwa gukangura abafise imitima ihuha, gutyo nabo bakire agakiza. Uwufise umutima ukomeye, ngo akiza abandi urupfu, bakuzuza ivyizigiro abadafise inkomezi, aho ngo uba ubavyaye gushasha mu kwizera no kwubaha Imana. Abo bose bataye ivyizigiro, ngo nibo bafise imitima ihuha, na kare ngo ukwizera Imana bituma utazimira.
Déo Misigaro

 

Ouvrir