Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ukurwanya igiturire n’urudandazwa rudaciye mu mategeko bituma ikigega ca Reta kibomboka

cccddddzzKurwanya igiturire n’urudandazwa rudaciye mu mategeko ngo ni kimwe mu vyotuma ikigega c’igihugu kibomboka.Ivyo vyashikirijwe n’ umukuru w’Inama Nkenguzamateka,Révérien Ndikuriyo mu nama yo guhanahana ivyiyumviro yari yatunganirijwe inzego zitandukanye zo mu gisagara ca Bujumbura ku wa 5 Mukakaro 2017. Iyo nama ikaba yari yitabwe n’abarongoye abandi kuva ku nzego zo hejuru gushika ku nzego zo hasi ,abarongoye abandi mu bijanye n’ubutungane na bamwe mu barongoye abandi mu mashirahamwe atandukanye. Umukuru w’Inama Nkenguzamateka akaba asaba umurundi wese aho ari ko yoshigikira umugambi wo gutuza igiturire n’urudandazwa rwa magendo .Yamenyesheje ko mu gihe umwe wese yoshiramwo inguvu mu kurwanya igiturire no mu gutuza urudandazwa ku bisohoka canke vyinjira bidaciye mu mategeko,

ngo Uburundi bwoshobora kwitunganya butazeye inze ku babufasha. Révérien Ndikuriyo yamenyesheje ko igiturire kicibonekeza mu Burundi na cane cane mu gisagara ca Bujumbura aho adoma urutoke abaporisi bamwe bamwe ndetse n’akubiyitirira inzego z’umutekano aho naho agasaba ko vyohagarara.Yamenyesheje kandi abari aho ko mu gihe Uburundi bumaze gutsinda intambara za politike zitari nke mu makungu ,ngo ko hakiri ababandanya babucafuza mu kugurisha amatungo y’abantu bahunze mu 2015.Ngo hari aho usanga ari beneyo batanga uburenganzira bwo kuyagurisha canke ugasanga ni bamwe mubo mu muryango ariko ngo bigahindukira bikagirizwa Uburundi mu makungu ko aribwo buriko buradandaza amatungo yabo.

Aho rero umukuru w’Inama Nkenguzamateka asaba ashimitse abajejwe intwaro mu gisagara ca Bujumbura ko boba maso bakabirwanya na cane cane mu makaritiye barongoye.  Bamwe mu bari aho barashikirije ivyiyumviro bitandukanye baranavuga ingorane babona muri iki gihe mu makaritiye barongoye mugabo hariho ivyatorewe inyishu aho nyene n’ibindi bitatorewe inyishu ariko umukuru w’Inama Nkenguzamateka akaba yarabahumurije mu kubamenyesha ko urwo rwego rugiye gushiraho umurwi wihuta uzoba ujejwe kwiga ivyo bibazo bishaka gusubiza inyuma intambwe Uburundi bugezeko mu bijanye n’amahoro n’umutekano.  DSC0714 Umukuru w’Inama Nkenguzamateka Réverien Ndikuriyo arongeye inama yo coguhanahana ivyiyumviro mu kurwanya igiturire n’urudandaza rudaciye mu mategeko.
Nshimirimana Gloriose

Ouvrir