Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Integuro y’umugambi wo guteza imbere ishirahamwe CEEAC wo kuva mu 2016 gushika mu 2020 yaremejwe n’abahinga

gbsdddInama yatunganirijwe abahinga n’abashikiranganji bo mw’ishirahamwe ry’ubutunzi ry’ibihugu vya Afrika yo hagati n’Uburundi burimwo,CEEAC ,yabereye i Bujumbura kuva ku wa 10 gushika ku wa 13 Mukakaro 2017, yaremeje integuro y’umugambi wo guteza imbere iryo shirahamwe CEEAC wo kuva mu 2016 gushika mwaka w’2020. Twobamenyesha ko abahinga b’ivyo bihugu bakoranye ku magenekerezo ya 10 na 11 Mukakaro, hanyuma abashikiranaganji bajejwe ibigega,ubutunzi n’itunganywa ry’imigambi bakorana ku wa 13 Mukakaro 2017. Mw’ijambo ryashikirijwe n’icegera c’umunyamabanga mukuru w’iryo ishirahawe CEEAC ,Tabu Abdallah Manirakiza, yamenyesheje abayitavye ko iyo nteguro yemejwe ari iy’umugambi uzomara imyaka 5, uzofasha mu bijanye n’imigenderanire n’ugufashanya hagati y’ivyo  ihugu. Yamenyesheje ko uwo mugambi washizweho kugira bategure iterambere ry’iryo shirahamwe rishobore kurangwamwo amahoro, iterambere ,umwumvikano, poritike n’ubutunzi bitere imbere, abantu baba mu bihugu bihurikiye muri iryo shirahamwe bishire bizane ata nkomanzi.Yabandanije asaba abitavye iyo nama ko ihangiro bihaye ryo gushika mu mwaka w’2025 naryo nyene borishikako ata na kimwe kivuyemwo, uwo mugambi ukababera nk’urupapuro rw’inzira y’ubutunzi n’umubano mwiza w’iryo shirahamwe.
Mu nama y’abashikiranganji yakoranye kw’igenekerezo rya 13 Mukakaro 2017, umushikiranganji w’ikigega ca Reta mu Burundi, Domitien Ndihokubwayo yari ayirongoye yamenyesheje ko bagarutse ku bijanye n’ uwo mugambi wateguwe ukemezwa n’abahinga werekana ibizokorwa muri iyo myaka 10. Uwo mugambi rero ngo urimwo intumbero n’ishusho ibihugu vyihaye . Ariko naho biri uko ngo si umugambi woroshe uca uja mu ngiro ubwo nyene ngo bazogenda buke buke intambwe ku yindi. Yavuze ko mu bihugu bigize iryo shirahamwe ry’ubutunzi rya Afrika yo hagati (CEEAC) bifise ibibazo bitandukanye muri poritike, ubutunzi, umuyagankuba, irwirirana ry’abantu n’ibindi. Ngo basanze uguhanahana ibidandazwa muri ako karere bikorwa mu buryo budatunganijwe neza. Hagati aho ngo bazihatira gutsimbataza amahoro n’ umutekano, kurwiza umwimbu no guhanahana ibidandazwa. Yarangije amenyesha ko ata kitazokorwa mu bijanye n’uburyo kugirango uwo mugambi uzoje mu ngiro kuko umugambi iyo utomoye uburyo buca buboneka kandi noneho ngo ivyo bihugu bigize umuryango umwe bizofashanya muri vyose.Aca aboneraho akaryo ko gushimira ibanki ya Afrika ijejwe iterambere ( BAD) iguma ibashigikira mu bikorwa barimwo.
Josélyne Ndayegamiye

 

Ouvrir