Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakenguzamateka basaba umushikiranganji w’indero ko yosubiriramwo ikibazo ca Reta abanyeshure batagikoze

DS21Umushikiranganji ajejwe indero, Janvière Ndirahisha yaragiye ku wa 13 Mukakaro mu Nama Nkenguzamateka kugira asigure igituma hari abanyeshure bo myaka y’9 na 10 batari bamenye mu mwaka uheze batemerewe gukora ikibazo ubugira 2 kibaha uburenganzira bwo kubandanya igice ca 2 c’amashure yisumbuye. Abakenguzamateka barasavye umushikiranganji ko yogerageza agasubiriramwo ikibazo abo banyeshure nk’uko ubushikiranganji bw’indero bwari bwemeye ko umunyeshure yamenye mw’ishure mugabo akananirwa n’ikibazo kimuha uburenganzira bwo kubandanya igice ca 2 c’amashure yisumbuye azoguma yiyigishiriza i muhira mugabo hageze akaja gukora ico kibazo hamwe n’abandi. Ndirahisha yamenyesheje ko kubona hari abanyeshure bankiwe gukora ikibazo vyavuye kuri vyinshi, ngo hari abanyeshure bagiye kwiyandikisha aho batari bize hari n’abagiye gukora ikibazo kandi batari bamenye mw’ishure.

Yabandanije ahumuriza abakenguzamateka ko agiye kwiga icatumye abo banyeshure badakora ikibazo hanyuma arabe icokorwa. Umushikiranganji yamenyesheje ko agiye gushiraho itegeko rituma abanyeshure biga ingunga 2 n’iribuza abanyeshure guhindura imishatsi, inzara no kwambara amahereni. Ngo kubona impamyabushozi za Reta z’umwaka wa 2016 ushira umwaka w’ 2017 zitaraboneka, Ndirahisha yamenyesheje ko inzira bacishamwo amasoko zitarahera ari naco gituma abanyeshure babahaye amaseretifika. Abakenguzamateka barashimye ingingo yafashwe n’umushikiranganji w’indero yo kuzoboza umuyobozi ishure ryiwe ritazoba ryaronse 30% kubera bituma umuntu aguma ku mirimo hanyuma akitunganya neza mu vyakora. Umukuru w’Inama Nkinguzamateka, Révérien Ndikuriyo yarasavye umushikiranganji w’indero ko yasaba amakomine intererano yo gushiraho ibibanza vyo kwimenyerezamwo ivy’ubushakashatsi kugira abana b’Uburundi baronke ubumenyi bukwiye.
Aline Kanyana

 

Ouvrir