Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Igice ca gatatu c’ibarabara rikuru RN3 (Nyamitanga – Chanic) caratanguye gukorwa

duuuuuIgice ca gatatu c’ibarabara rikuru RN3 rihuza ibihugu vy’Uburundi, Urwanda na Tanzaniya caratanguye gukorwa. Ico gice kiva i Nyamitanga gushika kuri Chanic, mu gisagara ca Bujumbura, uburyo bwatanzwe n’urunani rw’amabanki y’ibihugu vy’abarabu « fonds saoudien, fonds koweitien, OFID hamwe na BADEA ». Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuyobozi mukuru w’igisata kijejwe amabarabara, Vincent Nibayubahe, ku wa 3 Mukakaro 2017, hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Nk’uko uwo muyobozi mukuru w’igisata kijejwe amabarabara, Vincent Nibayubahe yabandanije abishikiriza, ngo iryo barabara rihuza ibihugu vyo mu karere rigenda rirakorwa ibice bice. Ubu rero ngo ku ruhande rw’Uburundi hasigaye gukorwa ibice vya Nyanza-Lac- Rumonge hamwe na Rumonge- Bujumbura. Ariko rero, ngo no kuri ivyo bice bibiri, hari icizere kubera hari abamaze kwemera gufasha. Aho akavuga nk’ikigega c’Ingoma ya Arabie Saoudite «fonds saoudien » cemeye gutanga imiriyoni 15 z’amadorari y’abanyamerika mu bikorwa vyo gukora igice ca Nyanza-Lac- Rumonge, n’abandi ngo bari inyuma.

Vyongeye, ngo mu migambi y’ibanki ya Afrika ijejwe iterambere BAD, intumbero ni uko bohuza ibihugu vyoroshe, ico yise « désenclavement ». Ku bwiwe rero, ngo kubona iyo banki yaratanze uburyo bwakoze igice ca kabiri (Mugina-Mabanda- Rumonge), ngo nta nkeka ko n’ubundi buryo bazobutanga kugira iryo barabara rishike i Bujumbura. Bisubiye, ngo inyuma y’ibarabara rikuru RN1 iryo barabara, ngo rifitiye akamaro kanini igihugu kubera ko haca ibidandazwa vyinshi, rikongera rikaduhuza n’igihugu ca Tanzaniya hamwe n’igihugu c’Urwanda. Igihugu ca Tanzaniya naco gisanzwe gishika kw’ibahari, uciye i Kigoma, igisagara kiri ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika. Ku ngenzi, ngo ni akarere karimwo ivyo kuratira ijisho, ico yise «zone touristique» , kubera ikiyaga Tanganyika, ibigazi n’ishamba cimeza rya Kigwena. Mu gihe iryo barabara riri mu misozi ihanamye cane mu gice ca Rumonge- Bujumbura, umuyobozi mukuru w’igisata c’amabarabara yamenyesheje ko uburyo bubonetse ubuhinga buriho bwo kuritunganya. Mu bice bimeze nabi, ngo bashobora kuricisha mu mazi canke bakaricisha mu musozi « tunnel ». Igice ca mbere c’iryo barabara, ngo cari Ruhwa- Nyamitanga, ku burebure bw’ibirometero 50, uburyo bwo kuhakora bwatanzwe n’ibanki ya Afrika ijejwe iterambere. Bisubiye BAD, ngo no ku ruhande rw’Urwanda, iyo banki niyo yatanze uburyo bwo gukora igice ca Ntenderi- Mityazo-Gisiza, ico gice kikaba kiriko kirakorwa muri kino gihe. Ibarabara rya Bubanza-Ndora ryubatswe mu misozi ibomoka cane
Ibarabara rya Bubanza-Ndora ngo rigizwe n’ibice biribiri, arivyo Bubanza-Ntamba hamwe na Ntamba-Ndora. Ku gice ca Bubanza-Ntamba ngo ntangorane, ingorane ziri ku gice ca Ntamba-Ndora kigizwe n’imisozi ihanamye cane, itemba kandi inyerera « glissements ». Ku bwiwe rero, ngo ico gice cari gikeneye gukorwa n’ubuhinga buhanitse cane, ivyo navyo ngo bisaba uburyo bwinshi cane. Eka ngo uravye uburyo bwatanzwe n’ibikorwa vyakozwe, ngo birashimishije. Ariko ngo barahamagaye abashobora kwiga isi y’aho hubatswe iryo barabara uko imeze, isoko ikaba yatsindiye ishirahamwe ry’abarabu MEG, abo nabo ubu ngo bari ku kazi. Abo ngo nibo bazokwerekana isi yaho uko imeze, gutyo bamenye ibikoresho vyokoreshwa kuri ico gice c’ibarabara ca Ntamba-Ndora. Ku bikorwa vyakozwe, ngo igice ca Bubanza-Ntamba vyarakiriwe vy’imfatakibanza. Ku gice ca Ntamba-Ndora, ngo kubona isi yaho ibomoka cane, ngo si ikosa ry’igisata kijejwe amabarabara canke ry’ishirahamwe ryubatse iryo barabara. Iryo barabara risanzwe riri mu karere gatemba kandi kabomoka cane, aho agatanga akarorero k’ibarabara rikuru RN10, rija mu Kayanza riciye i Nyeshenza, aho naho nyene ngo hama hariko harabomoka. Ku bwiwe rero, ngo ni ibisanzwe, igikuru ni uko igihe cose bikenewe iryo barabara ryoza rirasanurwa. Kw’ibarabara rya Makebuko-Ruyigi, ngo ibikorwa vyo kurisanura vyari bitunganije mu bice bibiri. Igice ca mbere cari Makebuko-Butaganzwa, ku burebure bw’ibirometero 22. Ku buryo bwari bwarategekanijwe, ngo basanze hashobora kuvamwo uburyo bwo gukora ikindi gice cari gisigaye. Ishirahamwe ryari ryatsindiye isoko yo gukora ica mbere niryo ryaciye ribandanya gukora igice kigira kabiri. Ubu rero ngo baherutse kwakira igikorwa kugira barabe ko ryakozwe neza, ico yise « pré-réception technique », iryo yakira ry’igikorwa ritegura iyakirwa ry’igikorwa vy’imfatakibanza.

Ibikorwa bijanye n’ibarabara rya Nyakararo-Mwaro-Gitega, igice ca mbere ibikorwa vyaraheze, ubu ngo bariko batunganya ibikorwa bibangabanganwa n’ibarabara. Ivyo navyo ngo n’isoko ya kijambere yo mu Kibumbu, ishure y’imyuga ry’i Makamba muri komine ya Bisoro n’ibarabara ry’ivu ry’ibirometero 42. Ku gice ca kabiri, ibanki ya Afrika ijejwe iterambere BAD yaremeje muri Kigarama 2016 ko ibikorwa bibandanya. Mu ndwi zibiri, ngo bazotanguza ibikorwa vy’ibanze vy’igice ca kabiri. Ivyo navyo ngo bizokurikirwa no gutanga amasoko kugira hahiganwe abashobora kwubaka ico gice kigira kabiri.  Ibarabara rikuru RN16 (Bururi-Gitega), ngo urunani rw’amabanki y’abarabu « fonds saoudien, fonds koweitien, BADEA na OFID » rwaratanze imiriyoni 48 z’amadorari y’abanyamerika azofasha gukora igice ca mbere c’uburebure bw’ibirometero 37. Ubwo buryo bukaba ari ingurane Reta y’Uburundi yafashe. Ico gice kiva i Bururi kigashika i Makaba. Ubu ngo bariko bagura ibikoresho vyo mu biro n’imodokari zikenewe kugira ivyo bikorwa bikurikiranwe. Mu minsi iza ngo bazocisha amadosiye mu kinyamakuru ca Reta kugira abipfuza kwubaka iryo barabara baze guhiganwa.
Déo Misigaro

 

Ouvrir