Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Reta y’Uburundi ngo yagize ukwikukira kwabwo ishimikiro ry’ingendo itegerezwa gukurikiza

nzobonaUmunyamabanga mukuru wa Reta akaba n’umuvugizi wayo, Philippe Nzobonariba amenyesha ko Reta y’Uburundi yagize ukwikukira kwabwo ishimikiro ry’ingendo yayo haba mu bijanye na politike canke mu bijanye n’ubutunzi ari naco gituma ishira ukwikukira kw’igihugu imbere ya vyose.Ku bw’ivyo ngo abanyagihugu nibo babwirizwa kuronka ijambo imbere y’abandi kandi ingingo bafashe mu bijanye n’ingene botwarwa canke bokwiteza imbere ngo ntivuguruzwa.


Ivyo yabishikirije mu kiganiro yaremesheje ku bamenyeshamakuru ku wa 14 Mukakaro 2017, aho yabanje kwibutsa ko mu kwezi kwa Ruheshi no mu ntango z’ukwezi kwa Mukakaro 2017 habaye inama zitandukanye n’ibikorwa vyabaye vyerekeye igihugu c’Uburundi. Muri vyo harimwo ibijanye n’inama nkuru ya ONU iraba ivy’agateka ka zina muntu igira 35 yabereye mu gihugu c’Ubuswisi, inama y’abashingamateka bo mu muryango w’ibihugu vya Buraya, inama nkuru y’umutekano, iraporo yasohowe n’ishirahamwe ry’agateka ka zina muntu ryitwa FIDH, n’ibindi. Ivyo navyo ngo bikaba vyatumye Reta yiyumvira kugira ico ishikirije kuri ivyo vyose vyavuzwe.  Nk’uko yabandanije abimenyesha, ngo izo nama zose zerekana ishaka ry’amakungu na cane cane ibihugu vya Buraya ryo kubandanya imigenderanire n’Uburundi ariko bimwe bimwe muri vyo ngo vyotegerezwa kwirinda gukoresha igikenye kuko atari vyo vyereka Uburundi inyifato canke ingendo butegerezwa gukurikiza. Ku bwa Reta y’Uburundi ngo izo nama zose muri rusangi zashitse ku ngingo zishimishije kuko ikigaragara ari uko nka bose bemera yuko habaye intambwe ishimishije n’akarusho kanini haba mu vya politike canke mu bijanye n’umutekano. Ngo ni naco gituma ingingo zose z’agahotoro zikandamiza Uburundi zari zashikirijwe n’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya ku mohe y’ingoma y’Ububirigi zagiye ziraterwa ivyatsi gutyo amakungu aranka kuzemeza. Ku bijanye n’ivyavuye mu nama nkuru ya ONU iraba ivy’agateka ka zina muntu igira 35, Philippe Nzobonariba akaba yamenyesheje ko Reta y’Uburundi yaronse akaryo ko kwerekana ko ivyegeranyo vyose vyagiye birashikirizwa vyuzuyemwo ibinyoma ko n’ico ataho gitaniye n’ivya mbere. Ivyo vyegeranyo ngo vyari bifise aho bihengamiye na cane cane ko ngo ata na hamwe havugwa ububisha bwakozwe n’abari bagumutse, abakorewe amabi atandukanye harimwo abajejwe umutekano n’ibindi. Ico rero ngo kikaba cerekana ko ivyo vyegeranyo biba bifise aho bihengamiye. Ikindi naco ngo ni uko ijambo ihonyabwoko ryari ryabaye nk’uruvyino ku bashaka gutyoza Uburundi aho ngo ryakoreshwa incuro zirenga 70 ariko ubu bakaba barikoresheje incuro 2 gusa. Philippe Nzobonariba akaba yamenyesheje ko Reta y’Uburundi haba mu bijanye na politike canke mu bijanye n’ubutunzi ishira ukwikukira kw’igihugu imbere ya vyose. Ku bw’ivyo ngo abanyagihugu nibo babwirizwa kuronka ijambo imbere y’abandi kandi ingingo bafashe mu bijanye n’ingene botwarwa canke bokwiteza imbere ngo ntivuguruzwa. Ngo mu ngingo ziriko zirafatwa mu bijanye no kunagura ubutunzi bw’igihugu, ngo harimwo ishingwa ry’umurwi ujejwe gukurikirana umugambi w’igihugu w’iterambere, uwo nawo ukaba ariwo uzomurikira abafashanya n’Uburundi kuko guhera ubu bazoza bashigikira mu vyo Reta iberetse canke mu vyo ishira imbere gusumba ibindi. Mu bibazo vyagiye birashikirizwa n’abamenyeshamakuru harimwo abashatse kumenya aho Reta y’Uburundi ihagaze ku bijanye n’icegeranyo giheruka gushikirizwa n’umurwi CNIDH mu Nama Nshingamateka aho yavuze abantu bishwe, abasinzikarijwe ubuzima n’ibindi. Philippe Nzobonariba akaba yamenyesheje ko ata vyama vyera ngo de. Ngo nico gituma Reta yashizeho ingingo zerekeye guhana, gutyo ngo uwo wese ahohotewe, arenganijwe, n’ibindi agaheza akitura ubutungane bukamutunganiririza.

Estella Niyongere

 

Ouvrir