Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Iterambere rirama ngo rihagaze ku gukoresha neza ibidukikije

yolaIterambere rirama rihagaze ku gukoresha neza ibidukikije. Aha, iyo tuvuze ibidukikije ntituba tuvuze ibihema gusa ariko tuba tuvuga ibihema n’ibidahema, nk’ umusenyi, ibumba, amabuye, urucekeri, ivu, ivyatsi, imisuri, imisuna n’ibindi.

Ku bw’umuyobozi ajejwe ibidukikije Alphonse Polisi, ubushikiranganji bw’ ibidukikije, amazi ugutunganya amatongo n’ibisagara bubicishije mu buyobozi bukuru bwo gukingira ibidukikije n’igisata c’ibidukikije bwaratunganije uburyo burashe bwo gutunganiriza ababitura muri ivyo bikorwa. Itegeko rigenga ibidukikije (code de l’environnement) inomero 6/2000 ryo ku 1 Ruheshi 2000 rirasigura neza uko ibikorwa vy’iterambere bibwirizwa kwisunga ibungabungwa ry’ibidukikije. Itegeko ry’Umukuru w’igihugu inomero 100/22 ryo ku wa 7 Gitugutu 2010 ku bijanye n’ingingo ishira mu ngiro itegeko rigenga ibidukikije rijanje n’ivyigwa vy’inkurikizi ku bidukikije no ku mibano. Iryo naryo rirerekana interererano abakoresha ibidukikije babwirizwa gutanga ngo basubirize uko basanze ibibanza bahawe gukoreramwo. Abakora bene ivyo bikorwa basabwa gukoranira mu mashirahamwe mu ntumbero yuko abajejwe ubushikiranganji bw’idukikije bomenya ababibazwa. Ishirahamwe rishaka kwimba umusenyi, ibumba, ivu n’ibindi muri bimwe twadondagura, ritanga intererano ingana n’umuriyoni w’amafaranga y’amarundi kuri buri kibanza mu kiringo c’umwaka guhera umushikiranganji ashize umukono ku ruhusha rwo kwimba (autorisation de conformité environnementale). Alphonse Polisi aratomora ko ari umushikiranganji wenyene atanga urwo ruhusha. Abo bashaka kwimba basabwa rero kugira icigwa cerekana ingene bazosubiriza aho hantu bahejeje kuhakorera bakabishira mu gitabu. Ico gitabu ngo ni ngombwa ko cokoreshwa ku bahinga babizobereyemwo kugirango bamwe n’abandi boroherezwe mu kugikoresha no mu kukigenzura. Ubushikiranganji burasuzuma ico gitabu mu nyuma bukishikira ahabera ivyo bikorwa. Bubicishije ku kigo kijejwe gukingira ibidukikije OBPE burakurikirana ibikorwa uko biriko biragenda. Mu gihe bidakozwe neza, harimwo amakosa baraheza bagatanga intumbero. Abimba banse iyo ntumbero Ubushikiranganji bubijejwe buca buhagarika ivyo bikorwa bukabaka rwa ruhusha. Impande y’urwo rupapuro hari urundi rusabwa abafise imiduga ibiseha. Ayo nayo ni ibihumbi amajana atanu y’amarundi (500.000FBU) ku mwaka. Urwo narwo rutangwa n’ikigo c’igihugu kijejwe gukingira ibidukikije OBPE. Ruba rufise imikono 2, uw’umuyobozi mukuru wa OBPE n’uwumuyobozi w’ibidukikije. Uwuje kurusaba yitwaza urupapuro bita “carte rose”, ikarata karangamuntu , urupapuro yarihiyeko ayo mahera. Abarondera izo mpusha uko ari 2 barihira mu kigo OBR. Mbega ntabikika mu kiza ngo bakore badafise uruhusha ? Ku kibazo c’uko ataboba bikika mu kiza ngo bafatire kuri iryo tunganywa ngo bake canke batange ibiturire kugira ntibabanze gusaba izo mpusha, umuyobozi w’ibidukikije ntavyemeza canke ngo abihakane. Avuga ko “ata mwonga ubura isato iba idahizwe” ariko aboramuka bafashwe bokwibonerako. Abariko barakora binyegeje batanga utu canke turiya, baduha uyu canke uwundi ngo nibacire birarura. Aboneraho kwibutsa abo bose begwa n’ico kibazo ko intumbero y’ubushikiranganji ari ugukingira ibidukikije kandi bigakorwa mu kuri no mu butungane. Arangiza asigura ko amarembo yuguruye kuri uwo wese yipfuza gukora bene ico gikorwa. Abaserukira ubushikiranganji ngo bahari ngo baborohereze kuko ntibahari kugira babananize. Ngo birakenewe ko ukoresheje ikibanza yogisiga uko yagisanze kugira uruvyaro ruze rubeho neza.
Yolande NINTUNZE

Ouvrir