Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ingingo yo kwimurira kw’isoko ya COTEBU abadandaza bahora bakorera muri “le Grenier du Burundi” yarashizwe mu ngiro

OB52Abandandaza  bahora badandariza mu kibanza kiri inyuma y’ahahoze  isoko nkuru ya Bujumbura  bita Le Grenier du Burundi bari mu mwiheburo ntangere kuva aho bumviye ingingo bavuga ko yavuye mu buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura. Abo badandaza bakidoga ko bagiye bumva itegeko ribasaba kuva muri ico kibanza bakimukira mw’isoko riri mu Ngagara bitirira COTEBU kuva ku munsi wa mbere igenekerezo rya 3 Mukakaro 2017. Nk’uko abo badandaza babiganiriye ikinyamakuru UBUMWE, ngo iyo ngingo yaje gihutihuti kuko ngo bayimenyeshejwe umunsi umwe imbere y’isango bari bahawe. 

 

Ngo bagiye babona umuntu yinjira aho badandariza ababwira ko batosubira kurangura kandi ko n’abafise ibidandazwa  vyinshi bitarasohoka ngo basabwe kuraba iyo babijana. Igihe ikinyamakuru UBUMWE  cahaca ku wa 3 Mukakaro 2017 casanze abadandaza bariko baradandaza ariko bakamenyesha ko basavye ikigongwe kugira barabe ko ibidandazwa bari baranguye cane cane ivyamwa vyohera. Ngo baciye bongerwa umunsi umwe utarenga nturenguke. Abo badandaza bakaba batabona uko bagiye kubandanya babaho mu gihe amahera y’ingwati bari batanze  batazoyasubizwa ikibababaje gusumba akaba ari uko bababwiye ko boja kw’isoko yo mu Ngagara bita COTEBU mugabo ntibabereke ibibanza bazojamwo. Abo badandaza bamenyesha ko naho boronka aho badandariza, bizobagora kuronka aho bakura ayandi mahera y’ingwati bazotanga. Ikinyamakuru UBUMWE carasubiye  ku wa 5 Mukakaro 2017 kuraba ko ingingo yafashwe yagiye mu ngiro, gica gisanga ico kibanza gikikujwe n’abaporisi hamwe ata n’uwucaruka. Abadandaza  batari bwakure ibidandazwa vyabo muri ico kibanza bamenyesheje ko basabwa kurinda kuzanana n’umukozi akora mu biro vy’umukuru w’igisagara ca Bujumbura kugira abaporisi babareke binjire batore ivyabo.

Aline Kanyana na

Moise  Nkurunziza

(uwimenyereza)

 

Ouvrir