Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uburyo bwo gutandukanya canke guhagarika imvyaro ntibubonwa kumwe n’abarongoye amadini

IMG 20170627 130141Uburyo bwo gutandukanya canke guhagarika imvyaro ntibubonwa kumwe n’abarongoye Ekleziya Gatorika hamwe n’abarongoye ishengero Anglicane mu Burundi. Muri Ekleziya Gatorika basaba ingo zubatse ko zokwijukira gukoresha uburyo kama mugabo bakiyamiriza uburyo bwa none bwo gutandukanya canke kugabanya imvyaro  aho ni mu gihe ishengero Angirikane  ryemeza ko gukoresha  uburyo bwa none ata ngorane babibonamwo. Ivyo ni bimwe mu biri mu kiganiro Patiri Nsengiyumva Pierre ajejwe ivy’ingo n’imiryango muri Diyoseze nkuru ya Bujumbura hamwe na Musenyeri Bigirimana Eraste arongoye Diyoseze nkuru ya Bujumbura mw’ishengero Anglicane bahaye ikinyamakuru UBUBUMWE ku wa 29 Ruheshi 2017.

 

 

Abo bose uko ari babiri baremeza ko ukurondoka ari ingabirano Imana yatanze aho yarema abantu 2 (umugabo n’umugore) irabahezagira, ibabwira ko borondoka maze bakuzura isi bakaganza ibiyiriko vyose.Baravuga kandi ko abantu bovyara abo bashoboye kurera ariko badategetse igitigiri c’abo bategerezwa kuvyara mugabo bivanye n’umwumvikano w’abubakanye mu gukingira abana babo amatati yokwaduka hagati yabo. N’ubwo bose bahuriza ku kuvyara  abana bashoboye kurera, ntibahuriza ku kugene abubakanye batandukanya canke bohagarika imvyaro. Patiri Nsengiyumva Pierre amenyesha ko muri Ekleziya Gatorika bigisha uburyo kama bwo gutandukanya canke guharika imvyaro,ubwo nabwo bukaba ari uburyo ntohozabimenyetso. Ekleziya Gatorika rero ngo iratanga inyigisho zimara amezi atandatu z’ukuntu abubakanye bokoresha ubwo buryo kama maze bakamenya ibihe vy’umukenyezi vyo gusamirako  n’ukudasamirako , bagaheza rero bakamenya igihebarangurirako amabanga y’abubatse   nimba bipfuza umwana canke atawe bipfuza. Kanatsinda ngo burya buryo bwa none bukoreshwa mu gutandukanya canke mu guhagarika imvyaro(agafuko,utugegene,utunyuzi n’ibindi) bufise ingaruka mbi ku magara y’umukenyezi. Ubwo buryo bwa none ngo muri Ekleziya Gatorika ntibwemewe na gato. Ku rundi ruhande Musenyeri Bigirimana Eraste amenyesha ko uburyo bwose bwo gutandukanya canke kugabanya imvyaro bwemewe bivanye  n’uko abubakanye babihurizako.  Amenyesha kandi ko uburyo kama bwo gutandukanya canke guhagarika imvyaro ari ngirakamaro mugabo ko n’uburyo bwa none bwemewe mu gihe abubakanye bavyumvikanye bagaheza bagahabwa impanuro na muganga. 

Nshimirimana Gloriose na

 Ntigirinzigo Denis

(uwimenyereza)  

 

Ouvrir