Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu ntara ya Ngozi : Prezida NKURUNZIZA yarasaruye ivyimburwa bitandukanye mu mirima y’umuryango wiwe

DSC 0028Ku wa 7 Mukakaro 2017, Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA ari kumwe n’umuryango wiwe barimbuye ibigori, ibiraya hamwe n’ingano mu mirima yiwe iri ku mutumba Rutanga, muri komine ya Gashikanwa, mu ntara ya Ngozi. Muri komine Mwumba, mu ntara ya Ngozi nyene, Umukuru w’igihugu yarongeye kwifatanya n’abanyagihugu baho mu bikorwa vyo kwubaka isoko ya kijambere mu Vyegwa ifise ibibanza 248, hakaba n’ibibanda 2 bikoreramwo abadandaza  benshi ndetse hakazoba hari n’ishirahamwe ryo kuziganya no kuguranana « micro-finance». Twisunze amakuru atangwa n’abagoronome b’indimo bakurikirana iyo mirima, ku bigori vyateragiwe ku buringanire bw’ihegitari imwe n’igice, ngo biteze umwimbu uri hagati y’amatoni 5 n’ 7. Aho ni mu gihe bateragiye imbuto z’ibigori ibiro 18, izo mbuto ngo ni izo mu kigo kijejwe kugira ubushakashatsi no gukwiragiza imbuto zirobanuye ISABU.

 

Izo mbuto zikaba ziteragiwe ubugira kabiri, ndetse ngo ni naco gituma zimbuka cane. Ku biraya,vyatewe ku buringanire bw’ihegitari imwe, ngo biteze umwimbu uri hagati y’amatoni 6 ni 7, aho ni mu gihe bateragiye imbuto z’ibiraya ibiro 800. Eka ngo no ku biraya, ngo ni imbuto zirobanuye zavuye mu kigo ISABU. Eka ngo n’izo mbuto z’ibaraya ziteragiwe ku ncuro ya kabiri. Aho mu mirima iri ku mutumba Rutanga, Umukuru w’igihugu n’umuryango wiwe, baciye basarura ingano. Inyuma y’ivyo bikorwa vyo mu mirima yo ku mutumba Rutanga, Prezida NKURUNZIZA  yabandanirije ibikorwa mu Vyegwa vya Ngozi ahariko hubakwa iyo soko ya kijambere yavuzwe hejuru.Ikaba iri muri vya bikorwa 55 vyakozwe n’abanyagihugu bizokwinjirwa mu ntumbero yo guhimbaza imyaka 55 iheze Uburundi bwikukiye. Ubu rero bariko bakora ibikorwa vyo guheraheza kugira izokwinjirwe icese mu kwezi kwa Myandagaro kuza.  Tubamenyeshe ko ibikorwa vyo kwimbura vyatangujwe n’igisabisho aho asaba ko abazokwihereza ivyo vyimburwa vyobakiza indwara bafise kugira bagire amagara meza.

Déo Misigaro

                                                                                                         

 

Ouvrir