Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ishirahamwe REGIDESO riremeza ko ata gatosi kari mu mazi rikwiragiza mu gihugu

IMG 2017Amazi atangwa n’ishirahamwe  REGIDESO  ni amazi meza  kuko iryo shirahamwe rifise inyubakwa  bagiriramwo ubushakashatsi bwo kuraba ko amazi akwije ibisabwa «laboratoire d’analyse d’eau». Iyo nyubakwa iraheza igakorana n’izindi nyubakwa z’ishirahamwe rijejwe iterambere ry’ibihugu vyo muri Afrika y’ubumanuko « SADC»  muri ubwo bushakashatsi mu ntumbero yo gutanga amazi   meza. Ivyo vyashikirijwe  n’umuyobozi ajejwe amazi muri REGIDESO  mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 20 Ruheshi  2017. Uwo muyobozi yamenyesheje ko imbere yo kurungika amazi mu miringoti iyashikana mubice bitandukanye abakozi ba REGIDESO   barinda kuyapima. Ngo hari n’ibice barinda kuja gupimirayo kugira ngo babone neza ko imiti mponyamigera  bashizemwo yashitsemwo. Désiré Nsengiyumva  yabandanije amenyesha ko ivyo abantu bakunda kuvuga ko amazi ya REGIDESO  arimwo utuntu tutameze neza  mu bice bimwe bimwe ngo hari igihe bishika na cane cane kino gihe babona ko bafise imiringoti ishaje mu gisara ca Bujumura,aho aravuga amakaritiye nka Kinindo na Rohero ariko ngo bariko barihutira cane kuyasubiriza ngo kubera ko iyo imiringoti ishaje habonekamwo ingutu « rouille ». Kuri izo karitiye arongerako Ngagara ariko ngo yoyo ifise ikibazo gikomeye kandi yisangije kubera  ko abantu  bubatse hejuru y’imiringoti itwara amazi ngo n’iyo hageze kuyihindura bibagora cane. Muri iyo karitiye nyene aravuga ko hasanzwe hari n’imiringoti itwara imicafu kandi ko iyo miringoti yegeranye cane n’imiringoti ya REGIDESO  ari naco gituma ngo muri iki gihe bariko bararaba icokorwa kugira iyo miringoti yimurwe vuba bwango. Umuyobozi Désiré Nsengiyumva  arizeza abakoresha amazi  ya REGIDESO  ko  ari  meza cane, aravuga ko ayo mazi bayakura kure cane ku  birometero  (3,5km) uvuye Ku nkengera y’ ikiyaga Tanganyika batayakura harya hafi  haboneka ubucafu ;  kandi ngo n’ubwo biri uko ntibisigura ko bapfa kuyatanga, batangura kuyacisha mu buyungiro « filtre à sable »bukabanza gutosora burya bucafu bubonwa  n’ amaso. Yarasavye  abajejwe gukingira ibidukikije ko bokingira n’ikiyaga Tanganyika kugira ngo burya bucafu buri ku nkengera ntibuhave bushika aho bakura amazi kuko vyotera ikibazo gikomeye cane. Désiré Nsengiyumva   asaba abakoresha amazi ya REGIDESO  ko iyo bishitse bakaronka amazi arimwo utuntu tutameze neza kubibamenyesha kugira nabo  bagire ico bakora.

Nshimirimana Gloriose

Nshimirimana William

(uwimenyereza)

 

Ouvrir