Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakenyezi basabwa gupimisha imbanyi no kwibarukira kwa muganga

DSC 0116Ubushikiranganji bw’amagara  y’abantu no kurwanya SIDA bubicishije mu  mugambi w’igihugu ujejwe irondoka rijanye n’amagara meza (PNSR) bwaratunganije uruganda rw’iminsi ibiri ku bamenyeshamakuru  kugira babigishe bongere babahimirize guterera umuganda wabo mu bijanye n’irondoka mu ntumbero yo kubimenyesha abanyagihugu narirya ijwi ryabo risanzwe rishika kure. Hari  ku magenekerezo ya 22 na 23 ruheshi 2017. Nk’uko muganga Ananie Ndacayisaba asanzwe akorera mu mugambi PNSR yabimenyesheje mu cigwa gishingiye ku kugabanya ingaruka mbi mu kwibaruka, yasavye abamenyeshamakuru bari bitavye izo nyigisho kuzoza barahimiriza abanyagihugu gupimisha imbanyi no kwibarukira kwa muganga kuko bigabanya ingaruka mbi. Ngo mu kuzigabanya, ni igikorwa gisaba ko abubakanye n’abajejwe amagara y’abantu bashira inguvu hamwe kuko mu gupimisha imbanyi kwa muganga bituma abaganga babona ingorane umuvyeyi afise narirya imbanyi yose itegerezwa guhura n’ibibazo. Ingorane zose ari izijanye n’umuvyeyi canke umwana yibungenze kugira ziboneke ni uko aba yagiye kwipimisha kwa muganga. Yaramenyesheje kandi ko imbere y’uko abantu barangura amabanga y’abubatse bobanza kwipimisha bakaraba ko batarwaye umugera wa SIDA n’indwara zifatira mu bihimba vy’irondoka kandi ngo imbere y’uko umuntu asama imbanyi abwirizwa kuba azi umurwi w’amaraso yiwe. Muganga Fabrice Kakunze akora nawe nyene mu mugambi PNSR hamwe na Yolande Magonyagi akora mw’ishirahamwe rya ONU rijejwe ibijanye n’ irwirirana ry’abantu(UNFPA) nabo nyene mu vyigwa batanze mu bijanye no gutandukanya imvyaro, basavye ko abantu bokwijukira gukoresha uburyo bwo gutandukanya imvyaro kuko bifasha umwana kwonka neza, umuvyeyi akagira amagara meza, abubakanye bakibaruka abo bashobora kurera kandi bifuza, bigafasha mu kwisununura kw’ubutunzi bw’umuryango, gukingira ibidukikije hamwe n’ibindi. Ikindi bamenyesheje ni uko iciyumviro co kuja  kuri ubwo buryo bociyumvira (umugabo n’umugore) igihe umukenyezi afise imbanyi kugira ngo bazoce bamugirira uburyo bifuje ahejeje kwibaruka mu ntumbero y’uko atosama imbanyi atifuje.

Evelyne Niyonzima

Moise Nkurunziza

(uwimenyereza)

Ouvrir