Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu kwezi kwa Myandagaro ngo Ishure ry’imyuga ryo mu Kigobe rizoba ryaronse abigisha babinonosoye

bnghInama Nkenguzamateka ihagarikiwe n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nkenguzamateka Spes Caritas Njebarikanuye yaratumiye umushikiranganji w’akazi n’abakozi Félix Mpozeriniga kugira asigurire abakenguzamateka ibijanye n’ingene amashure y’imyuga atunganijwe n’ingene akora, bakaba bashimikiye ahanini kw’ishure ry’imyuga riri mu Kigobe muri komine Ntahangwa. Hari kw’igenekerezo rya 28 Ruheshi 2017. Imbere yuko umushikiranganji abisigura, uwurongoye umurwi wamaho uraba ibibazo vy’imibano, inkino n’imicokama mu Nama Nkenguzamateka, yatanguye amenyesha ibijanye n’urugendo uwo murwi wagize mu kigo c’imyuga co mu kigobe. Muvyo yamenyesheje ngo basanze hariho ibibazo bijanye n’ubukene bw’abigisha babishoboye kandi banonosoye ivy’imyuga hamwe n’ubukene bw’uburyo. Abakenguzamateka baciye babaza ico ubushikiranganji buriko burakora kugira iryo shure rironke uburyo ndetse n’abigisha babishoboye. Umushikiranganji akaba yaciye yishura ko basanze mu gihugu cose abarimu bafise mu mashure y’imyuga atabariho bafise ububasha n’ubushobozi bwo kuja kwigisha muri ico kigo. Ubu rero ngo bariko baritunganya kugira abo barimu babizi kandi babishoboye bazobe bashizweho bitarenze mu kwezi Myandagaro. Abakenguzamateka barabajije kandi n’ikibazo kijanye n’urupapuro rw’umutsindo abanyeshure bazoronka kandi ko abazorangiza murico kigo bashobora kwiga mu mashure ya kaminuza. Umushikiranganji akaba yaciye amenyesha ko bazoronka urupapuro rwitwa(Diplôme professionnel spécialisé) nayo ngo ivyo kubandanya amashure ya kaminuza ngo nta tegeko rihari ribemerera kuzobandanya iyo kaminuza. Abakenguzamateka barabajije n’ibindi bibazo bijanye n’ibindi bigo vy’imyuga bidakora kandi bifise ibikoresho bikwiye, baca basaba ko ivyo bigo vyokugururwa ibikoresho birimwo bigakoreshwa ico vyagenewe. Barasavye kandi ko hobaho urwego ruhuza ubushikiranganji n’amakomine kugira ngo amashure y’imyuga ari mu makomine ashobore gutangura ibikorwa yongere akore neza. Twobamenyesha kandi ko imbere yuko umushikiranganji aza kwishura ivyo bibazo, Inama Nkenguzamateka yari ihejeje kwiga integuro y’ibwirizwa y’ingingo z’ibihugu bigize akarere ka Afrika y’ubuseruko zijanye no gukingira ubuzima bw’ibiterwa n’ibitungwa bikazofasha igisata c’uburimyi n’ubworozi kurwiza umwimbu. Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema niwe yari yagiye gusigurira abakenguzamateka ibijanye niyo nteguro. Bimwe muvyo yamenyesheje, ngo nuko ibihugu vyo mu karere kagize Afrika y’ubuseruko bigiye hamwe bigafata ingingo zimwe bizotuma uguhanahana imbuto z’ibiterwa n’ibitungwa harimwo no kubikingira ngo vyokoroha. Ikindi twobamenyesha nuko iyo nteguro y’ibwirizwa yemejwe ijana kw’ijana.

Evelyne Niyonzima

Nshimirimana William

(Uwimenyereza)

Ouvrir