Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ishirahamwe PNUD rigiye kubandanya rifashanya n’Uburundi mu bisata bitandukanye

durqIshirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere PNUD rigiye kubandanya imigambi ryiyemeje kurangura mu Burundi mu bisata vy’amagara y’abantu, uburimyi n’ubworozi, indero, iterambere rirama kandi ridakumira. Iryo shirahamwe risabwa gufasha mu bikorwa vyo gufasha abanyagihugu mu gikorwa co guhingura umusesekara w’umwimbu kugira ushobore kubikika. Ivyo ni bimwe mu vyavugiwe mu mubonano, Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yahaye uwujejwe gutunganya ibikorwa mu mashirahamwe yegukira ishirahamwe mpuzamakungu ONU akongera agaserukira ishirahamwe PNUD mu Burundi, Garry Conille, ku wa 30 Ruheshi 2017. Nk’uko icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Alain Diomède Nzeyimana yabandanije abishikiriza inyuma y’uwo mubonano, ngo Umukuru w’igihugu yamusavye ko iryo shirahamwe PNUD ryofasha mu gikorwa co guhingura umwimbu w’umusesekara, nko ku vyamwa bakabihinguramwo nk’imitobe. Uwo agiye guserukira ishirahamwe PNUD mu Burundi akaba yaravyemeye ko bagiye kubifashanyamwo n’abo vyega bose. Ku bwiwe, Garry Conille yamenyesheje ko ishirahamwe PNUD rigiye kubandanya imigambi ryiyemeje kurangura mu Burundi. Iyo migambi nayo ikaba ari iyo mu bisata vy’amagara y’abantu, uburimyi n’ubworozi, indero n’iterambere rirama kandi ridakumira. Mu gisata c’uburimyi, ngo iterambere ryoza ryisunga gukingira ibidukikije hamwe no gukwiragiza udusoko ntanganguvu duto duto kugira dufashe guhingura umwimbu w’umusesekara. Ivyo ngo bisanzwe bikorwa no bindi bihugu, ndetse ngo ninayo nzira kugira igihugu gishike kw’iterambere vyihuta.

    Déo Misigaro

                                                                                                   

Ouvrir