Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abajejwe gutegura amategeko agenga isoko rusangi rya EAC basabwa kunyarutsa ico gikorwa

loloUmukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA atera akamo abajejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango w’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko EAC gukora ibishoboka gushika ku rugero rumwe amategeko azokwisungwa mu ntumbero yo gushira mu ngiro ibijanye n’isoko rusangi. Ivyo ni ivyashikirijwe n’Umukuru w’igihugu, ku wa 28 Ruheshi 2017, aho yariko arugurura icese ibikorwa vy’inama yo ku rwego rwo hejuru yo kurabira hamwe intambwe Uburundi bugezeko mu bijanye n’iyinjira mu muryango wa EAC inyuma y’imyaka 10 Uburundi bwinjiye muri uwo muryango. Iyo nama yo ku rwego rwo hejuru yatunganijwe ku civugo ngendarwako « Imyaka 10 irangiye Uburundi bwinjiye mu muryango ugize ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko, inyungu bwaronkeye, ivyaranguwe, uturusho, intambamyi hamwe n’imigambi ya kazoza ». Nk’uko Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yabandanije abishikiriza, ngo niruhande y’uruja n’uruza rw’abantu hamwe no guhanahana ibidandazwa, abo vyega yabasavye kwihutira ibijanye no gushira ku rugero rumwe amategeko twisunga mu bijanye n’isoko rusangi ryo muri EAC. Ivyo ngo ni mu ntumbero y’uko Uburundi butobera intambamyi ibindi bihugu bigize uwo muryango mw’ishirwa mu ngiro ry’uwo mugambi w’isoko rusangi. Muri iyo ntumbero nyene, ngo nk’abarundi dutegerezwa kandi guteza imbere isoko ry’imitahe, gusanisha amategeko agenga ibijanye n’amakori n’amatagisi hamwe n’ivyo bijanye vyose vyerekeye ikoreshwa neza ry’amafaranga ya Reta. Ivyo ngo nivyo bizofasha kugira dushobore gushika ku rugero rumwe mu bijanye n’ubutunzi hagati y’ibihugu dusangiye akarere. Vyongeye, iyo nayo ngo ni inzira mu ntumbero yo gushira mu ngiro amasezerano agenga ishirwaho n’ikoreshwa ry’ifaranga rimwe muri EAC kubera ngo hazokwisungwa urupapuro rw’inzira rwumvikanyweko na bose. Eka iyo ngo niyo nzira yonyene izotuma tumenya ivyotugirira akamaro ningoga gusumba ibindi hamwe n’uruhara rw’aba n’abandi, kugira Uburundi bugire ikibanza kibereye muri EAC. Bisubiye, ngo umugambi wo gukorera hamwe n’ibindi bihugu, ngo si umugambi w’umunsi umwe, ngo ni ukugenza buke buke intambwe ku yindi. Ibibazo bihari ngo birashobora guhinduka inyishu zizana akarusho, umuti w’ivyo vyose ngo n’uko twoguma dufatanye mu nda, tugakomeza kandi tugakunda ibikorwa.

Ugutunganya inama z’umuryango wa EAC ngo bifise akamaro kanini ku gihugu

Inama nk’iyo yo ku rwego rwo hejuru yahuje indongozi zitandukanye, ngo ni akaryo keza ko kwirimbura, dutahure imigambi ya kazoza, aho turi, iyo tuja n’ibikenewe kugira dushike kw’ihangiro Uburundi bwihaye. Muri kazoza, ngo bashingiye ku bushobozi bw’Uburundi bushingiye ku ndimi, ubwiza bw’imisozi, inzuzi, ibiyaga n’amashamba ngo ntankeka ko inama nyinshi zoza ziratunganirizwa mu Burundi. Ivyo navyo ngo bizotuma abarundi babona akamaro n’uturusho two kwinjira muri EAC. Kuri abo bose bitaba izo nama, ngo biratuma bibonera ndetse bakaniyumvira ibikorwa mu Burundi, gutyo bigatuma bamenya inkuru y’imvaho. Bisubiye, ngo gutunganya mwene izo nama biratuma abanyamitahe n’ingenzi baza mu Burundi, ivyo bigafasha mw’iterambere kubera ko bishobora gutuma abanyamitahe bahurumbira ibisata vy’uburimyi, ubworozi, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka, indero n’ubushakashatsi. Ndetse ngo biranatuma haba ugukorana n’abandi bahinga bo mu bindi bihugu duhana imbibe, gutyo hakaba ivyo guhanahana ubumenyi, na kare ngo ubwenge burarahurwa kandi ngo nyamwigendako ntarimira impeshi. N’aho dukeneye umuryango wa Afrika y’ubuseruko, ngo abarundi bazokwamize ku muzirikanyi ko Uburundi ari amavukiro yacu, aho twataye uruzogi, tubukunde gusumba ibindi bihugu kandi tunabukundishe n’abandi. Umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’Uburundi muri EAC, Isabelle Ndahayo yaragarutse ku magenekerezo makuru makuru yaranze ivy’iyinjira ry’Uburundi muri EAC. Uburundi bwateye igikumu ku masezerano yo kwinjira muri EAC, ku wa 18 Ruheshi 2007, bwinjira icese ku wa mbere Mukakaro 2007. Amasezerano ashiraho isoko rusangi yateweko umukono ku wa 20 Munyonyo 2009, ayo masezerano yagiye mu ngiro ku wa mbere Mukakaro 2010. Amasezerano yo gukoresha ifaranga rimwe nayo yateweko umukono ku wa 30 Munyonyo 2013, akazoja mu ngiro mu mwaka w’2024. Mu mwaka w’2021, abahinga bakazogendera igihugu kimwe cose mu ntumbero yo kuraba aho bagejeje imyiteguro yo gukoresha iryo faranga rimwe. Tubamenyeshe ko inyuma yo kwugurura icese ibikorwa vy’iyo nama, Umukuru w’igihugu yarifatanije n’abari ngaho mu gukurikirana ivyigwa 2 kimwe cari kijanye n’intambwe nyamukuru Uburundi bwaciyeko mu kwinjira muri EAC, ikindi cari ico kurabira hamwe inyungu n’imigambi vyaturutse kw’iyinjira ry’Uburundi muri EAC.

  Déo Misigaro

Ouvrir