Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Inama Nshingamateka z’ibihugu vy’Uburundi na Kongo (RDC) ngo zirabandanya gutsimbataza imiganderanire ihasanzwe

kohKw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2017, niho Icegera ca kabiri c’umukuru w’ Inama Nshingamateka y’igihugu ca Repuburika iharanira demokarasi rusangi ya Kongo (RDC), Umushingamateka Rémy MASAMBA ma KIESE yashika ku kibuga c’indege ca Bujumbura mu rugendo rw’akazi yagize mu Burundi.Uwo mushitsi w’iteka yakiriwe n’icegera ca kabiri c’umukuru w’ Inama Nshingamateka y’Uburundi, umupfasoni Jocky Chantal Nkurunziza. Uwo mutegetsi yamenyesheje ko yaje aserukira umukuru w’ Inama Nshingamateka y ‘igihugu ca Repuburika demokarasi ya Kongo   mu ntumbero yo gukomeza ubucuti busanzwe hagati y’izo nzego zompi. Akaba kandi yategekanya kubonana n’abarongoye Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka z’Uburundi mu ntumbero yo kubashikiriza ubutumwa yarungikanywe na mugenzi wabo arongoye Inama Nshingamateka y’ico gihugu.

 Nshimirimana Gloriose

  Nkurunziza Moise

(Bimenyereza)

Ouvrir