Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu bwarateje imbere imigenderanire n’amakungu

nyamUmushikiranganji ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Alain Aimé Nyamitwe yaratanze icegeranyo ku wa 27 Ruheshi 2017 ry’ibikorwa vyaranguwe mu mezi atandatu y’umwaka w’ 2017. Nyamitwe yamenyesheje ko ubushikiranganji arongoye bwakoze uko bushoboye kugira imigenderanire y’Uburundi n’amakungu itere imbere. Yabandanije amenyesha ko hakozwe ingendo nyinshi mu mahanga nk’uko hari intumwa mvamakungu zagendeye Uburundi. Ngo umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu mu Burundi yaragendeye igihugu c’Ububirigi kugira icuka kibi cari hagati y’ivyo bihugu gishobore guhera. Ku bwa Nyamitwe, ngo imigenderanire y’Uburundi n’Ububirigi iriko iranaguka n’ikimenyamenya, imiryango y’abakorera mu buserukizi bw’Ububirigi yagarutse kuba mu Burundi mu gihe yari yasabwe gusubira iwabo kubera ikibazo c’umutekano. Ngo Urugendo Nyamitwe yagize mu Bushinwa bwatumye ico gihugu cemerera Uburundi imfashanyo yo kwubaka igice ca 2 c’inyubakwa nshasha izokoreramwo Umukuru w’igihugu. Ngo igihugu c’Ubushinwa caremeye gutanga ibibanza abanyeshure b’abarundi bazoja kwigamwo muri za kaminuza z’ico gihugu. Ngo n’abakozi bo mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bazoja gukarisha ubwenge mu gihugu c’Ubushinwa muri kaminuza yigisha ivy’imigenderanire. Nyamitwe yamenyesheje ko yagendeye igihugu ca Turikiya bakaba baboneyeho akaryo hamwe n’abategetsi b’ico gihugu ko gushirako umukono ku masezerano yo gufashanya ku vyerekeye imico kama, uburimyi n’ubworozi. Ngo barumvikanye ko atampusha z’uruja n’uruza mu bihugu kubanyatirikiya no mu barundi bagiye mu ngendo z’akazi. Mwomenya ko igihugu ca Turikiya gifise umugambi wo kwugurura ubuserukizi mu Burundi.

Aline Kanyana

Ouvrir