Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uburundi n’Ubuganda bisangiye akaranga ko kuba intatangwa mu kwifatanya n’amakungu mu kugarukana umutekano aho bikenewe

vbuuuoIbihugu vy’Uburundi n’Ubuganda ngo bisangiye akaranga ko kuba intatangwa mu kwifatanya n’amakungu mu bikorwa vyo kugarukana umutekano mu bihugu aho wahunganye. Ivyo bikaba ari bimwe mu vyavugiwe mu mubonano Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yahaye icegera ca kabiri c’umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubuganda akaba  n’umushikiranganji ajejwe iyinjira ry’igihugu c’Ubuganda mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko (EAC ), Kirunda Kivejinja akaba ari  nawe arongoye inama y’abashikiranganji bagize umuryango wa EAC. Hari kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2017. Nk’uko umuvigizi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa yabimenyesheje, ngo Kirunda Kivejinja yari yaje yitavye inama mpuzamakungu ihariwe igitoro mu karere ka Afrika y’ubuseruko (EAC), haruhande y’iyo nama akaba yasavye  ko Umukuru w’igihugu c’Uburundi yomwakira. Ivyo baganiriye rero ngo bikaba vyari ibijanye n’umuryango basangiye n’ibindi bihugu bitanu vya Afrika y’ubuseruko. Murivyo ngo bakaba bavuze ko bategerezwa gufashanya nk’abasangiye umuryango. Aho naho ngo uwo mushikiranganji ajejwe iyinjira ry’igihugu c’Ubuganda mu muryango wa EAC, akaba yavuze ko uravye  abanyagihugu bari muri ako karere ukongera ukaraba n’ubutunzi buhari, bagiye hamwe bagakoresha neza ivyo bafise muri uwo muryango ngo boba bameze nk’urugo rufise umugeni kandi ngo abasaba umugeni baza ari benshi ariko bakamuha abakoze ibikorwa vy’umusavyi. Uwo mugeni rero ngo ni ico gitoro, ubutare, amazi hamwe n’inguvu z’abanyagihugu. Ariko rero igihambaye ngo ni ukuba nk’abagize umuryango umwe ugizwe n’abantu bamwe basangiye ugupfa n’ugukira, bagafatana mu nda bakongera bagashira inguvu hamwe. Iruhande y’ivyo bibazo bijanye n’umuryango wa EAC, ngo baraganiriye kandi n’ibijanye n’ukubungabunga amahoro n’umutekano hirya no hino kw’isi,  narirya ibihugu vy’Uburundi n’Ubuganda vyompi bifise ingabo zagiye gufasha kugarukana amahoro  muri Somaliya no mu bindi bihugu. Prezida NKURUNZIZA yiyemeje kuzobandanya ashigikira urwaruka ruhurikiye mw’ishirahamwe Afrika Mashariki Fest Uwo munsi nyene, imbere y’umubonano yahaye Kindo Kivejinja, Prezida NKURUNZIZA yari yakiriye mu biro iwe abahurikiye mw’’ishirahamwe  Afrika Mashariki Fest  risanzwe ritunganya amahuriro yo kwinonora imitsi mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko. Nk’uko uwurongoye iryo shirahamwe mu Burundi Fabrice Niragira yabimenyesheje, ngo muri uwo mubonano Prezida NKURUNZIZA yaronse akaryo ko kubashimira ku gikorwa cakozwe igenekerezo rya 27 Ruheshi 2017,  co gutunganya mu gisagara ca Bujumbura ihiganwa ry’amahoro bise « Bujumbura Peace Run ». Yongera arabatera intege ababwira ko mu bikorwa bindi bariko barategura azobashigikira kugira bibandanye bigenda neza. Ngo baranavuganye ko no mu mwaka uza igikorwa nk’ico kizotegurwa kandi kizoba igenekerezo,rya 26 Rusama 2018. Prezida NKURUNZIZA yarabamenyesheje kandi ashima ico gikorwa abana b’Uburundi biyumviriye co gufasha nk’urwaruka rwo mu muryango wa EAC, bagiye hamwe kugira basigurire abandi akamaro kari mw’iyinjira ry’Uburundi muri Afrika y’ubuseruko. Abo bari muri iryo shirahamwe bakaba nabo baciye bashimira Umukuru w’igihugu bongera baranashimira ababashigikiye bose muri ico gikorwa bari batunganije.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir