Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu makomine ya Ngozi na Mwumba : Prezida NKURUNZIZA yarifadikanije n’abanyagihugu mu bikorwa rusangi, aratanga n’imfashanyo kuri ba ntahonikora

DSC 0163Mu rugendo Umukuru w’igihugu, Petero NKURUNZIZA yagize kuva kw’igenekerezo rya 2 gushika ku rya 5 Ruheshi 2017 mu buraruko bw’igihugu rwamushikanye mu ntara  za Kayanza na Ngozi, ku wa 3 Ruheshi, bukeye bw’aho yari yagirishije inama abaserukiye abandi mu nzego z’igisirikare, igiporisi n’igendereza  hamwe n’abo mu bushikiranganji butandukanye bwegwa n’ibijanye n’umutekano muri komine Muhanga, intara ya Kayanza, yarifadikanije n’abanyagihugu bo mu makomine ya Ngozi na Mwumba, intara ya ngozi  mu bikorwa rusangi yongera aratanga imfashanyo ku miryango ya ba ntahonikora bo muri ayo ma komine. Mu bikorwa vy’uwo munsi, Prezida NKURUNZIZA yabanje kuja kwifadikanya n’abanyagihugu bo muri zone Mivo, komine Ngozi mu bikorwa vy’iterambere rusangi vyo kwubaka isoko ya kijambere ya zone Mivo, ikaba yubatswe ku ntererano y’abanyagihugu. Iyo soko ngo ikazoba ifise ibibanza 123 vy’inzu hamwe n’ikibanda nk’uko musitanteri w’iyo komine Radjabu Songambere yabimenyesheje. Inyuma y’ivyo bikorwa rusangi yaciye atanga imfashanyo ku miryango 300 ya bantahonikorra bo muri iyo zone nyene umuryango umwe umwe ukaba waronswa ibiro 10 vy’umuceri. Prezida NKURUNZIZA yaciye abandaniriza ibikorwa muri zone Buye, komine Mwumba ahari ishure shingiro rya Hayiro bakaba bariko barangura ibikorwa rusangi vyo kwagura iryo shure, mu ntumbero yo  kuryongerako amasomero 3 n’ibiro vy’abarongozi b’ishure. Ikindi naco twobamenyesha ni uko Umukuru w’igihugu yaciye atanga imfashanyo ku miryango 800 ya ba ntahonikora bo muri komine Mwumba, umuryango umwe wose ukaba waronkejwe ibiro 10 vy’umuceri n’ibiharage.

Evelyne Niyonzima

 

Ouvrir