Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibihugu vy’Uburundi n’Uburusiya birabandanya gutsimbataza imigenderanire ihasanzwe

butirrrUburundi n’igihugu c’Uburusiya ngo bifitaniye imigenderanire myiza cane haba mu vy’ubutunzi n’ibindi bisata bitandukanye. Ivyo vyashikirijwe n’icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu  Joseph Butore ku mugoroba  wo kw’igenekerezo rya 7 Ruheshi 2017  ku kibuga c’indege ca Bujumbura, igihe yari aganutse avuye mu gihugu  c’Uburusiya mu nama mpuzamakungu yerekeye ivy’ubutunzi yabereye mu gisagara ca Saint Petersbourg. Nk’uko Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu yabandanije abishikiriza, ngo muri iyo nama baravye ibintu bikurubikumu muri ico gihugu  bavuye mu bihugu bitandukanye. Ica kabiri ngo kabaye akaryo  ko gusubira gutangura bushasha imigenderanire n’ayandi mashirahamwe yipfuza gucudika n’Uburundi ku bijanye n’igisata c’Ubutunzi. Ica gatatu ngo kabaye akaryo keza ko gusigurira abatabizi ivyo Uburundi bufise n’ivyo butunze kugira bashobore gukwega abanyamitahe. Ica kane ngo ni uko ibihugu vyaronse akaryo ko kwipima kugira ngo bibone aho kimwe cose kigeze mw’iterambere. Ica gatanu ngo barabiye hamwe ivyerekeye umutekano, poritike hamwe n’imigambi mikuru mikuru y’iterambere. Ngo baragarutse ku vyerekeye ibihano aho usanga ibihugu biteye imbere vyitwaje ivyo kutavuga rumwe hamwe n’ibibazo vya  poritike, ivyo bigatuma ata karusho kabaho haba ku wabitanze n’uwagihawe. Ngo iyo nama iheze ngo intumwa z’Uburundi yari arongoye zaragendeye intara zimwe zimwe z’igihugu c’Uburusiya bakaba bahereye mu ntara ya Tatalsa ngo akaba ariyo ntara iza imbere baravye ingene uburere buriko buratera imbere. Ngo muri iyo ntara barashoboye kubonana n’abarongoye ubushikiranganji bw’ubudandanji, abarongoye ikigo kijejwe guhimiriza abazana imitahe, abarongoye ihinguriro rikora imodoka zikomeye cane. Yarongeye baravugana ivyo bafise mu gihugu c’Uburundi nabo baramubwira ivyo bafise muri ico gihugu Uburundi bukeneye. Yarongeye aramenyesha ko bababwiye ko ku bijanye n’ingene Uburundi bworohereza abagwizatunga n’ingene abazoza gukorera mu Burundi bazobafasha mu vy’ubuhinga gutyo bazoze ku bwinshi.

Joseph Butore yarongeye aramenyesha ko abarusiya bababwiye ko abanyagihugu baho bakunda icayi n’ikawa vy’Uburundi basanze biryoshe, ivyo vyose abarusiya bakazoshobora kubisanga mu Burundi. Ngo n’abo bababwiye  ko bimbura igitoro vyinshi Uburundi nabwo bugikeneye. Ngo kuri ivyo vyose  bakaba bumvikanye yuko boshiraho imirwi  y’intumwa 2 ku mpande z’ivyo bihugu vyompi kugira ivyo bavuganye bivemwo imigambi irashe. Ngo bavuye mu  karere ka Tatalsa baciye bagenda mu yindi ntara yitwa Mordavie aho bafitaniye imigenderanire n’igihugu c’Uburundi mu vy’ubutunzi. Ngo bakaba baciye bagendera amahinguriro amwe amwe akorera aho . Ngo baragendeye n’ihinguriro ryitwa Lisma ryamaze kwamukamwo ishirahamwe ryitwa Trino rizoza gukorera mu gihugu c’Uburundi amatara akoreshwa n’umuyagankuba. Ngo irindi hinguriro bagendeye rikora intsinga zikoreshwa mu gutanga umuyagankuba n’irindi rikora itsinga z’ubwoko bubiri bukoreshwa mu gutwara umuyagankuba aho utari. Ngo hakaba kandi hari urutsinga rukoreshwa mu guhanahana amakuru rukongera rugakingira urutwara umuriro. Ngo muri ayo mashirahamwe abiri ngo uwutwara ishirahamwe rya REGIDESO  hariho ivyo yashimye bakaba baciye bagiriranira amasezerano yuko REGIDESO yoronka izo ntsinga n’ibindi ayo mashirahamwe akora. Ngo barongeye baragendera ishirahamwe rihingura  umwimbu uva mu biterwa na cane cane imboga. Ngo bahawe ububasha n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi bari kumwe n’Umukuru w’igihugu ca Mordavie hamwe n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu wa Mordavie, barateye igikumu ku masezerano yo gufashanya hagati y’igihugu c’Uburundi na Mordavie mu bisata vy’ubutunzi, gutabara imbabare hamwe n’abatishoboye hamwe no mu bisata vy’imico kama n’inkino. Ngo ayo masezerano azofasha cane kugira hashingwe imigambi yo gufashanyamwo. Ngo mu gutahuka  baraciye ku murwa mukuru w’igihugu c’Uburusiya, Moscou aho baciye kuramutsa intumwa idasazwe y’umukuru w’igihugu c’uburusiya mu bihugu vyo muri Afrika na Aziya ngo ico gihe akaba yaramushikirije ubutumwa bwanditse yarungikanywe n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi? Petero NKURUNZIZA  kugira abushikirize mugenziwe w’igihugu c’Uburusiya Vladimir Putin.

   Thérèse Niyonkuru

                                                                                                      

 

Ouvrir