Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ubutungane butegerezwa kwigenga kandi bugashikira bose

cdezsKw’igenekerezo rya 30 Rusama 2017, ishirahamwe rijejwe gukurikiranira hafi ibikorwa vya Reta « OAG » rifadikanije n’ishirahamwe Cordaid hamwe n’ishirahamwe ry’abacamanza b’abakristu bo mu Burundi ryaratunganije uruganda rwo kurabira hamwe ivyavuye mu cigwa cakozwe ku bijanye n’ingene abantu boshikira ubutungane bwo mu Burundi vyoroshe. Nk’uko umuhanuzi wo mu bushikiranganji bujejwe ubutungane, Gérard Bangayimbona yabimenyesheje mw’ijambo ryo kwugurura urwo ruganda ngo Reta yariyemeje ibicishije muri poritike y’ubushikiranganji bw’ubutungane gushiraho ubutungane bwigenga, buvuga ukuri, kandi bushikira bose. Igikorwa ca Reta biciye muri iyo poritike ngo ni ico gukora ibishoboka vyose kugira ngo hakosorwe utunenge twibonekeza haba ku bitura ubutungane canke ku bacamaza. Reta y’Uburundi rero ngo iritwararitse ivyo abanyagihugu bakeneye naho ifise amikoro make. Gérard Bangayimbona yarongeye amenyesha ko ahantu hose kw’isi, umuntu yama yipfuza ko haba ubutungane bwuzuriza bose kandi bwigenga. Ngo ugushikira ubutungane kuri bose ni ikimenyetso cerekana umubano mwiza mu kibano. Uwatanze inyigisho ku bijanye n’ingene hoba gushikira ubutungane kuri bose, Fabien Segatwa yamenyesheje ko umuntu wese yaba muto canke mukuru yotegerezwa kwitura ubutungane igihe afise ikimubakiye, yaba umurundi canke umunyamahanga agashikira ubutungane ata ntambamyi zirinze kujamwo. Ariko rero ngo mu gihe tugezemwo hariho ibintu vyinshi bituma abantu bamwe bamwe badashobora kwitura ubutungane. Ivyo navyo ngo biva ahanini ku bukene abanyagihugu n’igihugu bafise. Ikindi ngo ni uko ubutungane atari ukuja muri sentare gusa, ariko ngo umuntu ashobora kuburonka ku musozi yituye abashingantahe bo ku mugina, umukuru wa zone, ku wurongoye igiporisi mu nzego nyinshi nka CNC, n’ahandi henshi kandi abo bose ngo bagakora bisunze akaranga k’ubucamanza mu guca urubanza rudahengamye gutyo bakuzuriza bose , bagaheza bagaca urubanza rwiza. Fabien Segatwa yamenyesheje ko hari vyinshi vyo gukora kugirango habe gushikira ubutungane kuri bose. Ivyo navyo ngo ni uko muri sentare hoba umuntu ajejwe igikorwa co kuza arereka abantu baje kwitura ubutungane aho baca n’ico bategerezwa gukora gutyo ngo bakareka kuza barajuragirika, ngo hojaho itegeko rishiraho abacamanza bo ku mugina gutyo Reta ikabaha akarusho kugirango ntibaze baraka igiturire, ngo mu guca urubanza hagukurikizwa amategeko y’igihugu kandi abacamanza babwirizwa gukora bigenga, abamenyesha nabo ngo bakabwirizwa guha umwanya abacamanza bakaza barashikiriza ikiganiro c’ingene bokwigisha abantu kumenya amategeko, n’ibindi.

Estella Niyongere

Ouvrir