Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi basabwa kwitaho kurusha ibigo ndangakaranga kugira ingenzi zishobore kubihurumbira

der Abarundi bategerezwa kwitaho kurusha ibigo ndangakaranga mu ntumbero yo kwerekana ishusho ryiza ry’igihugu. Ivyo vyashikirijwe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama Godefride Hakizimana mu nama ubwo bushikiranganji bwari bwatunganije yo gukarihiriza ubwenge abajejwe gutunganya ibigo ndangakaranga vy’Uburundi kugira bashobore gukingira ibishobora gutitura ivyo bigo. Hari kw’igenekerezo rya 30 Rusama 2017. Nk’uko yabandanije abimenyesha mw’ijambo ryiwe, ngo Reta yarashize inguvu mu migambi yo mu gisata c’imico n’akaranga. Ngo naho biri uko irashira imbere ibigo ndangakaranga narirya bishobora gutuma ingenzi zihurumbira Uburundi gutyo bigatanga n’akazi ku rwaruka. Ariko ngo birababaje kubera hariho ibigo bimwe bimwe bigeramiwe n’ihindagurika ry’ibihe, ibiza hamwe n’ibikorwa vy’abantu bifatiye ku mibano n’ubutunzi. Yabandanije amenyesha ko bategerezwa kugaba kugira ngo ibigo vyose biri ku rutonde ntibiherengetere canke ngo bite akanovera. Abarundi rero ngo bategerezwa kwitaho kurusha ibigo ndangakaranga vyerekana kahise k’Uburundi, ivyerekana iratiro, inyubakwa za kera, mu ntumbero yo kwerekana ishusho nziza y’igihugu. Ngo iterambere rirama ntirishobora kwirengagiza ivyo bigo kuko bituma abavukagihugu n’abanyamahanga babigendera. Ernest Nahimana nawe ajejwe ibibanza ndangakaranga yamenyesheje ko iyo nama yari yateguwe kugira ngo bige ibibazo bigeramiye ibibanza ndangakaranga bishobora gushika umwanya uwo ariwe wose. Ibibanza ndangakaranga vyo mu Burundi ndetse n’ivyo muri Afrika ngo usanga bigeramirwa n’abantu baza kurima mu matongo, abaza guhiga, abicira ibiti hamwe n’iyijanye n’umuriro. Ngo nico gituma muri iyo nama hari hatumiwe abajejwe ibibanza ndangakaranga n’ibibanza kama kugira ngo baganire umwe wese avuge ingorane bafise bongere bafashanye mu gushiraho umuti wo kugabanya izo ngorane nuwo kuziheza burundo.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir