Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umutekano ngo wifashe neza muri rusangi mu gihugu cose

DSC 0060Umutekano ngo wifashe neza muri rusangi mu gihugu cose. Ivyo   Ni ivyavugiwe mu nama Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yagirishije kw’igenekerezo rya 2 Ruheshi 2017, abarongoye abandi mu nzego z’igisirikare, igiporisi, igendereza n’abo mu bushikiranganji butandukanye bwegwa n’ibijanye n’umutekano yabereye muri, komine Muhanga, intara ya Kayanza, navyo bikaba vyashikrijwe n’icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Alain Diomède Nzeyimana inyuma y’iyo nama yabaye mu mwiherero. Nk’uko yabandanije abimenyesha ngo naho biri uko hariho ibintu bikenewe kuza birakurikiranwa iminsi yose. Murivyo ngo ni uko mu gihugu hakiriho abantu bafise ibirwanisho batabifitiye uruhusha, ikindi ngo ni uko hakiboneka abanywa ibiyayuramutwe n’inzoga zitemewe n’amategeko hamwe n’uko mu Burundi bwose haba amasanganya y’imiduga n’amapikipiki atuma haba abantu bitaba Imana ku bw’izo mvo. Ikindi yamenyesheje ngo ni uko imbere y’iyo nama buramatari w’intara ya Kayanza yavuze ko muri iyo ntara hasanze harimwo amahoro n’umutekano, abanyagihugu nabo bakaba bari ku kivi mbere n’umwimbu wagenze neza. Ngo Prezida NKURUNZIZA yaratanze inyishu ku bibazo bimwe bimwe vyari vyabajijwe, yongera arabahanura ku bintu vyerekeye amasanganya yo mu mabarabara ahangayikishije abantu ababwira ko bokora ibishoboka vyose ngo kuko iyo amasanganya abaye, hari ibintu vyinshi vyononekara n’abantu bakahasiga ubuzima kandi ngo ntibiheza ngo bitange ishusho nziza ku gihugu. Prezida NKURUNZIZA ngo yaranahanuye abajejwe ubutungane ku bijanye n’abantu baba baciriwe urubanza hanyuma bakarekurwa hamwe n’uko borwanya abantu bafatanywe amafaranga ku mbibe bayatwaye mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi, aho naho ngo hakunda gufatwa ababa batwaye ibiceri cane cane bagiye kuyigana mu nyuma hakagaruka ayiganywe. Iyindi mpanuro yabahaye ngo nuko mu kiruhuko c’abanyeshure bazobashira ku kivi kugira babarinde kuja mu buhumbu. Ngo ku zindi ngorane nazo Prezida NKURUNZIZA yabwiye abasirikare n’abaporisi kuzikurikirana, ariko cane cane ngo bagire ingendo yo kwitegurira kazoza. Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ngo yarangije yerekana ko muri ayo mezi 3 aheze batanguye isekeza ryo gutuza ibidandazwa bidaciye mu mategeko hariho akarusho kaboneka. Aho naho ngo yatanze akarorero ko muri komine Kabarore umwimbu w’ubutare wavuye kuri 500kg buja ku matoni 20 ku kwezi, ikawa nayo ngo yari yabonetse mu mwaka uheze ko bagereranije n’iki gihe yirwije n’incuro 4 canke 5. Ngo rero isekeza ryo kwereka abanyagihugu kwitaho ivy’igihugu ni kirumara. Inyuma y’iyo nama Prezida NKURUNZIZA yaciye aja kwifadikanya n’abanyagihugu bo muri iyo komine muri zone Mubogora, ku mutumba Rushubi mu bikorwa rusangi vyo kubaka ishure nshingiro rya Rushubi rigizwe n’ibirasi 6 vy’amashure mato matoharimwo n’ibiro vyabatwara ishure. Yarongeye kandi atanga infashanyo ku miryango ya ba ntahonikora aho umuryango umwe wose waronka ibiro 10 vy’umuceri. Yarongeye kandi akora ivyo bikorwa rusangi muri zone Ruhororo ku mutumba Bucamihigo vyo kwubaka ingoro z’inama yo kw’ishure rya komine Ruhororo.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir