Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Denise NKURUNZIZA yarahaye imfashanyo umuryango wibarukiye rimwe abana bane

4578Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu, Denise NKURUNZIZA yarahaye imfashanyo umuryango w’umusirikare Gilbert Bavuga wibarukiye rimwe abana bane haraheze imyaka itatu, abo bana bakaba bagizwe n’abigeme 3 hamwe n’umuhungu 1. Iyo mfashanyo yayibahaye ku wa 30 Rusama 2017 ku cicaro c’ishirahamwe «Buntu» kiri mu Kabondo. Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko anezerejwe no kubona abo bana bakuze kuko ari igitangaro kubona uwo muryango waravyaye abana 4 kandi bakaba barakuze, ivyo ngo ntibikunda gushika. Yamenyesheje ko yatanguye kubafasha bakivuka mu bitaro vyabasirikare, uwo munsi nawo akaba yakiriye umuryango w’uwo musirikare Gilbert Bavuga mu ntumbero yo kuraba uko abo bana basigaye bangana. Ngo cabaye rero igitangaza mu gihugu c’Uburundi kuko atari benshi bibaruka abana bane. Abarundi rero ngo bobishimira Imana kuri ivyo bintu bidasanzwe na cane cane ko abo bana bafise amagara meza. Yarongeye amenyesha ko kwari ugutera intege abo bavyeyi kuko abana bageze kurya ibiharage n’umuceri hamwe n’amata y’abakuze kuko ubwa mbere banywa amata y’inzoya atari yoroshe no kuronka. Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu Denise NKURUNZIZA rero yabahaye ibiro 50 vy’umuceri, ibiro 50 vy’ibiharage, ikarato 5 z’amata bita «natura», amaritiro 5 y’amavuta y’amamesa, amaritiro atanu y’amakoto, ibitenge 2 vy’umupfasoni w’uwo musirikare, ibirengeti 4, amasafuriya 7, ibido 2 n’amasuka 3. Umupfasoni w’Umukuru w’igihugu yarasengeye abo bana ngo baze bamenye ubwenge, bagire ubumenyi gutyo bazogirire akamaro igihugu n’umuryango. Umuryango w’uwo musirikare uba ku musozi Nyakigano, zone Nyagasasa, komine Mugamba, intara ya Bururi. Bari bafise imvyaro zine bafise abahungu 3 n’umukobwa umwe, bose hamwe bakaba babaye abana 8. Uwo musirikare w’ipete ya kaporari akora mu biro bikuru vy’intwaramiheto. Uwo musirikare Gilbert Bavuga yarashimiye umupfasoni w’Umukuru w’igihugu yabafashe mu mugongo kuva abo bana bakivuka mu kubaha amata ameze nk’amaberebere yatumwa hanze. Ayo mata ngo yarabarokoye gushika aho banywa ayasanzwe adandazwa mu Burundi. Yamenyesheje ko abo bana ari rwiwe aravye iyo bavuye kuko iyo bataronka ayo mata batari kurokoka. Yarongeye arashima imfungurwa yamuhaye narirya abo bana bageze gufungura ibiharage n’umuceri. Yamumeneysheje ko abo bana ari rwiwe, abo igihugu, aca asaba ko yobandanya abafata mu mugongo. Yasavye n’abandi bazoba bamwumva gufasha uwo muryango. Umupfasoni w’uwo musirikare Ancilla Nahimana arashimira Imana yamuhaye abo bana bakavuka bakomeye, aca ashimira n’umpfasoni w’umukuru w’igihugu Denise NKURUNZIZA yabafashije kugira baronke amata bakivuka. Yarongeye amenyesha ko atipfuza gusubira kuvyara abanadi bana, asaba Imana ko yomukomereza abo afise

Epitace Nduwayo

Ouvrir