Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ibihugu vy’Uburundi n’Uburusiya birabandanya gutsimbataza imigenderanire ihasanzwe

DBDiBYvXoAAkFyMUburundi bwaritavye inama mpuzamakungu ihariwe ibibazo vy’ ubutunzi yama iba uko umwaka utashe mu gihugu c’Uburusiya yabereye mu gisagara ca Saint Petersburg. Uburundi rero bwaserukiwe n’Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu Joseph Butore akaba ku wa 29 Rusama 2017 ariho yafata indege imurerura mu rugendo rwamushikanye muri ico gihugu. Umuvugizi mu biro vy’icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu, Isidore Ntirampeba yamenyesheje abamenyeshamakuru bari ku kibuga c’indege uwo munsi ko bubaye ubugira kabiri Uburundi bwitaba iyo nama, ubwa mbere hakaba hari mu mwaka uheze w’2016. Yamenyesheje kandi ko iryo koraniro riberamwo inama nyinshi aho ata gisata na kimwe c’ubutunzi gisigara inyuma. Kuva Uburundi bwitavye inama yo mu mwaka w’2016, ngo imigenderanire mu vy’ubutunzi hagati y’ibihugu vy’Uburundi n’Uburusiya yarateye intambwe ikomeye. Ivyo ngo bikaba bigaragarira ku ngendo zatunganijwe n’intumwa hagati z’ivyo bihugu vyompi zashitse ku bintu biboneka. Isidore Ntirabeba yamenyesheje ko Uburundi bwaronse ikibanza co kwerekana no kurata ikawa n’icayi vy’Uburundi cuguruwe i Moscou ku murwa mukuru w’Uburusiya. Ishirahamwe Regideso naryo ryaratanguye kugura amatara yo kubonesha ku mabarabara yakorewe mu gihugu c’Uburusiya. Ngo hari n’ishirahmwe ryo mu Burusiya ryitwa TLLINO rigiye guhingura amatara mu Burundi, ishirahamwe BIMEX riherutse gushingwa, ahanini rikazofasha mu gikorwa co gushora icayi n’ikawa vy’Uburundi mu bindi bihugu. Yarongeye amenyesha ko Ibanki nkuru y’igihugu BRB ikorana n’Ibanki y’Uburusiya yitwa Gazprom Bank. Muri iyo nama rero ngo kazoba ari akaryo keza ku cegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu n’izindi ndongozi bagiranye urugendo ko gushikiriza no gutsimbataza ibiriko birakorwa. Aho yamenyesheje ko amabanki y’ubudandaji yo mu Burundi azoshobora kwunga ubucuti n’ibanki Gazprom Bank mu ntumbero yo kworohereza abadandaza kurusha. Ngo haritezwe kandi kuzoshira umukono ku masezerano yo gufashanya mu vy’ubutunzi hagati y’Uburundi na Mordava, imwe mu mareta 22 agize urunani rw’amareta y’Uburusiya. Yarongeye amenyesha ko hategekanijwe n’iyindi mibonano atari mike bizeye ko izogirira akamaro Uburundi.

Epitace Nduwayo

 

Ouvrir