Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ingabo z’Uburundi zifatanya n’amakungu mu kugarukana umutekano aho wahungabanye ngo zirabutera iteka

ghtyrUbushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba burashimira abasirikare b’abarundi ku bikorwa vyiza bakora mu kugarukana amahoro n’umutekano ku rwego rw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU haba mu kwerekana ubutwari , ubukerebutsi hamwe n’ubuhizi. Ivyo vyamenyeshejwe na Gaspard Baratuza umuvugizi w’ubushikiranganji kw’igenekerezo rya 31 Rusama 2017 mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu gihe bariko baribuka umunsi mukuru wagenewe abasirikare n’abakozi bose barangurira imirimo yabo mw’ Ishirahamwe ONU. Gaspard Baratuza yamenyesheje ko Ishirahamwe mpuzamakungu ONU mw’ikoraniro ryayo ryo ku wa 11 Kigarama 2002 hafashwe ingingo inomero 57/129 ivuga ko ku wa 29 Rusama uko umwaka utashe hazokwama haba umunsi mukuru wagenewe abasirikare n’abakozi barangurira imirimo yabo muri iryo shirahamwe. Ngo ihimbazwa ry’uwo munsi rifise intumbero yo kwibuka abakozi b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU bitavye Imana bari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro hirya no hino kw’isi. Ngo ikindi naco ni ugukeza abakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bikorwa vyiza babandanya barangura mu kwitanga bidasanzwe kugira amahoro n’umutekano bitsimbatare kw’isi yose. Yaravuze ko abarongoye ibisata vy’ishirahamwe ONU , ibihugu bigize iryo shirahamwe Uburundi burimwo, hamwe n’ayandi mashirahamwe ategamiye amareta, bibuka abitanze gushika n’aho basiga ubuzima bwabo mu bikorwa vyo kugarukana amahoro aho bikenewe hose. Ngo icivugo catowe mu mwaka w’2017 ni «Gutsimbataza amahoro n’umutekano kw’isi yose ». Yaravuze kandi ko iryo genekerezo rigamije kwibuka abo bose bitanga batiziganya mu bikorwa vyo kugarukana amahoro vy’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU. Ngo ni n’akaryo keza ko kwibuka abashika 3.500 basize ubuzima bwabo mu bikorwa vy’iteka bakorera iryo shirahamwe kuva mu mwaka w’i 1948. Yarongeye amenyesha ko mu mwaka uheze w’2016 hitavye Imana abashika 117 bari muri ico gikorwa. Ngo igihugu c’Uburundi kimaze kubura abasirikare 6 mu gihugu ca Centrafrika aho bari kwifatanya n’ayandi makungu mu gisata ca MINUSCA. Ngo ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba bukaba buhojeje imiryango yabuze. Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi ngo buributsa yuko igihugu c’Uburundi gifise izindi ngabo mu gikorwa co kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Somariya ku bw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika « AMISOM », barenga ibihumbi bitanu kuva mu mwaka w’2007 hambavu y’ingabo zishika 850 Uburundi bwarungitse mu gihugu ca Centrafrika ku rwego rw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU. Ngo hariho akarusho kanini ku bihugu no ku ngabo ziba zagiye kurangura ibikorwa vyo kugarukana amahoro n’umutekano ku rwego rwa ONU mu kumenyera gukorera hamwe n’abandi mudasangiye imigenzo, mu kwungurana ubumenyi, bigatuma igihugu kimenyekana neza mu makungu. Ngo ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba buboneyeho akaryo ko gushimira abasirikare b’abarundi ku butwari, ubukerebutsi n’ubuhizi berekana na ntaryo mu kurangura neza imirimo yabo hirya no hino bigatera iteka igihugu c’Uburundi mu makungu. Yaramenyesheje kandi ko ibikorwa vyo kugarukana amahoro n’umutekano ku rwego rw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU , ngo ibihugu bishika 124 arivyo vyatanze abasirikare hamwe n’abaporisi gushika uno mwaka. Ngo ico gitigiri kikaba kigaragaza neza umwizero ishirahamwe mpuzamakungu ONU rishira mw’irangurwa ry’ivyo bikorwa.

Thérèse Niyonkuru

                                                                  

Normal 0 21 false false false FR X-NONE X-NONE MicrosoftInternetExplorer4

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba burashimira abasirikare b’abarundi ku bikorwa vyiza bakora mu kugarukana amahoro n’umutekano  ku rwego rw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU haba  mu kwerekana ubutwari , ubukerebutsi  hamwe n’ubuhizi. Ivyo vyamenyeshejwe na Gaspard Baratuza umuvugizi w’ubushikiranganji kw’igenekerezo rya 31 Rusama 2017 mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru mu gihe bariko baribuka umunsi mukuru wagenewe abasirikare n’abakozi bose barangurira imirimo yabo mw’ Ishirahamwe ONU.

Gaspard Baratuza yamenyesheje ko Ishirahamwe mpuzamakungu ONU mw’ikoraniro ryayo ryo ku wa 11 Kigarama 2002 hafashwe ingingo inomero 57/129 ivuga ko ku wa  29 Rusama  uko umwaka utashe hazokwama haba umunsi mukuru wagenewe abasirikare n’abakozi barangurira imirimo yabo muri iryo shirahamwe. Ngo ihimbazwa ry’uwo munsi rifise intumbero yo kwibuka abakozi b’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU bitavye Imana bari mu bikorwa vyo kugarukana amahoro hirya no hino kw’isi.

Ngo ikindi naco ni ugukeza abakozi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bikorwa vyiza babandanya barangura mu kwitanga bidasanzwe kugira amahoro n’umutekano bitsimbatare kw’isi yose. Yaravuze ko abarongoye ibisata vy’ishirahamwe ONU , ibihugu bigize iryo shirahamwe Uburundi burimwo, hamwe n’ayandi mashirahamwe ategamiye amareta, bibuka abitanze gushika n’aho basiga ubuzima bwabo mu bikorwa vyo kugarukana amahoro aho bikenewe hose. Ngo icivugo catowe mu mwaka w’2017 ni «Gutsimbataza amahoro n’umutekano kw’isi yose ». Yaravuze kandi ko iryo genekerezo rigamije kwibuka abo bose bitanga batiziganya mu bikorwa vyo kugarukana amahoro vy’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU. Ngo ni n’akaryo keza ko kwibuka abashika 3.500 basize ubuzima bwabo mu bikorwa vy’iteka bakorera iryo shirahamwe kuva mu mwaka w’i 1948. Yarongeye amenyesha ko mu mwaka uheze w’2016 hitavye Imana abashika 117 bari muri ico gikorwa. Ngo igihugu c’Uburundi kimaze kubura abasirikare 6 mu gihugu ca Centrafrika aho bari kwifatanya n’ayandi makungu mu gisata ca MINUSCA. Ngo ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba bukaba buhojeje imiryango yabuze.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi ngo buributsa yuko igihugu c’Uburundi gifise izindi ngabo mu gikorwa co kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Somariya ku bw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Afrika « AMISOM », barenga ibihumbi bitanu kuva mu mwaka w’2007 hambavu y’ingabo zishika 850 Uburundi bwarungitse mu gihugu ca Centrafrika ku rwego rw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU. Ngo hariho akarusho kanini ku bihugu no ku ngabo ziba zagiye kurangura ibikorwa vyo kugarukana amahoro n’umutekano ku rwego rwa ONU  mu kumenyera gukorera hamwe n’abandi mudasangiye imigenzo, mu kwungurana ubumenyi, bigatuma igihugu kimenyekana neza mu makungu.

Ngo ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba buboneyeho akaryo ko gushimira abasirikare b’abarundi ku butwari, ubukerebutsi n’ubuhizi berekana na ntaryo mu kurangura neza imirimo yabo hirya no hino bigatera iteka igihugu c’Uburundi mu makungu. Yaramenyesheje kandi ko ibikorwa vyo kugarukana amahoro n’umutekano ku rwego rw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU , ngo ibihugu bishika 124 arivyo vyatanze abasirikare hamwe n’abaporisi gushika uno mwaka. Ngo ico gitigiri kikaba kigaragaza neza umwizero ishirahamwe mpuzamakungu ONU rishira mw’irangurwa ry’ivyo bikorwa.

                                                                    Thérèse Niyonkuru

Ouvrir