Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Aba isiramu basabwa gutsimbataza urukundo n’amahoro muri kino gihe c’amfungo

DSC 0089Aba isiramu bo mu Burundi basabwa gutsimbataza urukundo, ubumwe n’amahoro hamwe n’abo badasangiye amadini n’ubwoko na cane cane muri kino gihe c’amapfungo y’ukwezi gutagatifu kw’iramazani, kubera ko ata madini ata bwoko, biza bisumba kuba abarundi. Ivyo bikaba biri mw’ijambo ryashikirijwe n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo, ku wa 1 Ruheshi 2017, aho yari yagiye gushikiriza imfashanyo igizwe n’amatoni 4,5 y’umuceri umuryango w’aba isiramu mu Burundi COMIBU, imfashanyo yatanzwe n’Umukuru w’igihugu.Ivyo birori bikaba vyabereye muri zone Nyakabiga, komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura. Nk’uko Gaston Sindimwo yabandanije abishikiriza, ngo kari akanyamuneza kubona yaje kwifatanya n’umuryango w’aba isiramu mu Burundi muri ico gikorwa co kubaronsa imfashanyo yatanzwe n’Umukuru w’igihugu. Ku bwiwe rero, ngo nta madini nta bwoko, abarundi bose ni bamwe. Mu minsi 30 bazomara bapfunze, ngo ni igihe ciza co kwiyegereza Imana. Yarabateye akamo ko gusengera igihugu n’indongozi. Eka ngo idini rya isiramu ni idini ry’amahoro, mu gihugu gishaka amahoro, nk’aba isiramu rero ngo bakwiye kuremesha amahoro aho bari hose. Muri iryo jambo, Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo yamenyesheje ko n’igihe bokaronka ibindi, ngo bazobibuka, igikuru ngo ni ugufatana mu nda mu budasa bw’abarundi. Ivyabaye muri kahise ka vuba ngo bavyibagire, ntibasubire inyuma, na ntaryo basengere igihugu, amahoro asasagare mu gihugu. Mw’ijambo ryiwe, uwuserukira imbere y’amategeko umuryango w’aba isiramu mu Burundi COMIBU, Sadiki Kajandi yasiguye ko uhaye umukene uba uhaye Imana, umwambitse ngo niko kw’uko, ico ngo ni igikorwa c’Imana. Mu gihe bari bagabanye ayo matoni 4,5 y’umuceri, ngo uwugabanye ntiyongeze aba yagaye, yaboneyeho akaryo ko gusaba kubibuka igihe ibindi vyoboneka, ico ngo ni ikimenyetso c’uko bashimye. Uwuserukira imbere y’amategeko umuryango w’aba isiramu akaba yasavye Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu kuzoza kwifatanya nabo mu munsi mukuru usozera amapfungo, kugira bazosangire umunezero. Eka n’uwuserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ry’abanyafrika ry’impuhwe MAC, Aimé Pascal Nduwimana, yamenyesheje ko ryihaye icivugo ngenderwako mu myaka 10 iri imbere gihamagarira abarundi kwunga ubumwe mu budasa bwabo. Muri iryo shirahamwe bagarukira ku bakristu, aba isiramu, eka ngo ntibacagura, bafasha bose. Ndetse ngo n’iciyumviro co gufasha umuryango w’aba isiramu, ngo nibo bagiye kudodora mu bushikiranganji bwo gushigikirana kugira nabwo bubashikire aho badashika mu ntumbero yo gutororokanya iyo mfashanyo. Uwo aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe MAC agashima kubona amadini atandukanye abanye mu mahoro n’umutekano mu Burundi, ivyo rero ngo babikesha indongozi na ntaryo zirajwe ishinga no kunywanisha abarundi.

Déo Misigaro

Ouvrir