Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarimyi b’ikawa bari baheraniwe amahera mw’isekeza ry’umwaka uheze barahembwe bose

dadaAbarimyi b’ikawa bari baheraniwe amahera kw’isekeza ry’umwaka uheze ngo muri rusangi bararonse agahembo kabo, ivyo bikaba vyaraba Sogestal Kirundo-Muyinga na Sogestal Kayanza. Abatashoboye guhemba abarimyi ngo bakaba bari abadandaza bafise imitahe myinshi hamwe n’abandi badandaza batobato begeranije ikawa bidaciye mu mategeko, abo nabo bakaba bariko bararonderwa kugira bashobore guhemba abarimyi b’ikawa bagisigaye. Ivyo vyamenyeshejwe na Joseph Ntirabampa arongoye urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi b’ikawa « CNAC- Murima w’isangi », ku wa 10 Rusama 2017 mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE. Yamenyesheje kandi ko amashirahamwe atashoboye guhemba neza co kimwe n’ayatashoboye kuzana amahera y’agaciro Reta ngo yarafashe umugambi wo kuyugara. Yarongeye amenyesha ko mu runani rw’amashirahamwe y’abarimyi b’ikawa « CNAC-Murima w’isangi » ngo igikorwa cabo ca minsi yose barishinze gusubiriza ikawa ishaje, gutegura amatuta no kwagura imirima y’ikawa. Yamenyesheje ko iryo shirahamwe rimaze imyaka 5 ritegura amatuta, aho ritaja munsi y’imivyaro imiriyoni 4 ku mwaka ; ubu rikaba rimaze gutera imivyaro imiriyoni 30 y’ikawa. Uwu mwaka naho ngo baragize amahirwe, Reta iragiriranira amasezerano n’Ibanki y’isi yose mu ntumbero yo gufasha mu mugambi wo kunagura no gusubiriza ikawa zishaje. Aho ni mu gihe ibice 30 kw’ijana vy’ikawa zo mu Burundi zishaje, ivyo ngo bigatuma umwimbu utiyongera bikwiye. Yarongeye amenyesha ko kubera uwo mugambi ufashwe mu mugongo n’Ibanki y’isi yose bamaze iminsi bagira ingendo mu ntara zose uwo mugambi uzokoreramwo kuko hariyo imivyaro izohabwa abarimyi kugira basubirize ikawa zishaje no gutera nshasha. Ico gikorwa rero kigeze kure kuko amatuta ahari naho ikigo kijejwe ubushakashatsi mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi ISABU kitashoboye kuronka imbuto urunani « CNAC-Murima w’isangi » rwari rwipfuje. Ngo bari basavye itoni zitatu z’imbuto ariko ico kigo kikaba cashoboye kuronka ibiro amajana 6 gusa. Amenyesha ko ico kigo cabahaye n’ibindi biro 100 bazotanga mu ntara zitazokorerwamwo uwo mugambi. Intara zizokorerwamwo uwo mugambi akaba ari Kayanza, Ngozi, Kirundo, Muyinga, Karusi na Gitega. Izindi ntara zirimwamwo ikawa ngo bazozikoreramwo ku bice bimwe bimwe ku bijanye n’imivyaro , ifumbire, ugupompa n’ibijanye n’inyigisho. Ariko rero ibijanye n’ifumbire, ugupompa n’inyigisho ngo bizotunganywa mu ntara zose nk’uko vyahora bikorwa. Aho rero ngo mu kwitegurira ipompa n’ikata ry’ikawa vyama biba muri Mukakaro na Myandagaro uko umwaka utashe bariko baragura ibikoresho vyo gukata ikawa nk’imikasi n’imisumeno, imiti yo gupompa yoyo ngo ikaba iriho. Amenyesha kandi ko izo mbuto ziri ubwoko bwinshi ariko bukomoka kuri «arabica», ngo hakaba harimwo izo bita mubirizi, burubo n’izindi. Ngo hari n’izindi kawa ikigo ISABU kiriko kiraraba ko ziba mu Burundi, izo nazo zikaba ari izirimwa mu bihugu vya Colombiya na Brésil, kugira barabe ko ziba mu Burundi kandi zoba zirinda indwara mu ntumbero yo kuraba ko hoboneka ubundi bwoko bwimbuka kurusha. Yarongeye amenyesha ko « CNAC-Murima w’isangi » n’igisata « Intercafé » bakorera hamwe mbere bakaba bashima ko ishirahamwe ARFIC ryashizeho urwego bakoreramwo ari narwo rufata ingingo zikomeye zo gutunganya neza igiterwa c’ikawa. Ku vyerekeye abarimyi b’ikawa bo mu ntara zo ku mbibe Uburundi buhana n’ibindi bihugu nk’Urwanda bashora ikawa muri ivyo bihugu Joseph Ntirabampa yamenyesheje ko ishirahamwe “CNAC-Murima w’isangi” ryashikirije abarongoye igihugu ico kibazo kandi bamaze kugihagurukira kuko ari agahombo ku gihugu narirya ariyo izana amahera menshi y’agaciro. Umukuru w’igihugu hamwe n’Icegera ciwe ca kabiri ngo baramaze kugirisha inama nyinshi ku bajejwe igisata c’ikawa, abajejwe intwaro, uburimyi n’ubworozi mu ntara, abajejwe umutekano mu ntumbero yo gutesha iyo ngendo. Abantu bashora iyo kawa mu bihugu bibanyi ngo vyatumwa n’uko muri ivyo bihugu igiciro kiri hejuru cane, ariko ubu abarimyi b’ikawa n’abajejwe intwaro barafasha cane kuko babibonye baca baterefona abajejwe umutekano ku buryo abafashwe bacibwa imanza z’ikibiriraho. Muri kino gihe kandi ngo hariho inama ziriko ziraba mu ntara z’uburaruko aho hafashwe ingingo zikomeye mu ntumbero yo gukingira ikawa yari yamaze gutonorwa ikaba yakiriwe n’abantu batabifitiye uburenganzira. Ikibazo c’ibiciro ngo bazogishikiriza Reta y’Uburundi bayereke n’ahova amahera yo guhemba abarimyi kugira ntibasubire gucutsa agatima ko kuyishora mu bihugu bibanyi. Naho biri uko ngo muri kino gihe ugereranije igiciro c’ibindi biterwa n’ic’ikawa urabona ko giteye isoni. Amenyesha kandi ko muri « CNAC-Murima w’isangi » muri iri sekeza bazoronka umwimbu w’amatoni 16000 mu gihe mu mwaka uheze bari baronse amatoni 13000, ariko ngo urashobora no kwiyongera kubera ko bariko bararwanya abayishora hanze.

Epitace Nduwayo

Ouvrir